Photo d'illustration: Pixabay

Abarundi bavukira hanze ntibamenye ikirundi ni uruhombo !

Ko abana b’Abarundi bavukiye hanze y’igihugu batigishwa ikirundi ngo n’uruhombo runini cane. Muganga Laurent Niyonkuru aheruka kwandika igitabu cofasha mw’ico gikorwa. Rivardo Niyonizigiye aratuyagira kuvyo yiganiwe n’uwo mwanditsi.

Muganga Laurent Niyonkuru ni umurundi yanonosoye ivyigwa bijanye n’amagara y’ibitungwa hamwe n’ingwara zituruka ku mfungurwa, mu gihugu c’Uburusiya. Afatiye ku buzima yabanyemwo n’umuryango hanze y’igihugu ciwe, yaranyagiye ukuntu ukutigisha ikirundi abana b’Abarundi bavukiye hanze y’igihugu ari uruhombo kuri abo bana, ku miryango yabo ndetse no ku gihugu cose. Wewe yaciye ahitamwo mbere kwandika igitabu yise « Parlons Kirundi–Tuvuge ikirundi », mu ntumbero yo guterera kugira iyo ngorane itore umuti. 

Inkomoko y’ico gitabu n’ibikirimwo

Muganga Niyonkuru ati: “Kuva kera namye mbabazwa n’ukubona ibindi bihugu bifise ibitabu vyigisha indimi zavyo kavukire. Nkibaza nti Abarundi tweho tubuze iki? Icagiye kunsonga, umwana wanje mukuru amaze kumenya kuvuga, nifuje ko tuganira mu Kirundi bikamugora; kuko na none sirwo rurimi rwavugwa aho tubaye. Naho nyene ntari umuhinga muvy’indimi, naciye mpitamwo kwandika kino gitabu, kugira kize corohereze abana nk’uyu rwanje kwiga ikirundi, mbere n’abanyamahanga bashobore kucigiramwo”. 

Ibisomwa vy’ico gitabu rero vyanditse mu ndimi zibiri: Ikirundi coroshe, hamwe n’igifaransa. 

Muti none uruhombo ruri he ku Barundi batazi ikirundi?

Laurent Niyonkuru aratwishura : “Ubwa mbere hoho, bokwitwa Abarundi gute kandi ikiduhuza ataco bafise? Ko nzi imico n’imigenzo vy’igihugu bifatira na ntaryo ku rurimi rwaco, abo bana wumva umuco w’ikirundi bowukura he? Mw’ico gihe rero, nta cotuma bokwiyumvamwo igihugu cabo, gutyo ntibonagifasha, ikitavuzwe co ni ukwubakana n’abarundi bene wabo; kuko ntibashobora guhuza.” 

Muganga Niyonkuru akavuga kandi ko abo bana nka hamwe bashatse kugaruka mu gihugu cabo, ngo ntivyoborohera kuhakorera canke kuhaba mu gihe bazi ikirundi. Bitayeko, hamwe bosaba akazi mu mashirahamwe mpuzamakungu, ariko bagasanga batazi ikirundi, ngo vyobatera agasuzuguro gakomeye, mbere na nya kazi bakakaburiramwo.

Ngo “Uta akaranga ukaba utaye akabanga”.

Kubwa Muganga Niyonkuru ngo twarasizwe! Agira ati: “Ibihugu bigize umuryango w’ Ubumwe bwa Buraya bihimiriza abanyaburaya kwiga indimi nyinshi zishoboka. Abarundi nabo? Ururimi rwacu ni ibanga twarazwe na ba sokuru. Nitwarutakaza, tuzoba dutaye ibanga. Nimba rero tudashaka kugurisha igihugu cacu, ngo ino tumenye ikirundi cacu, hama twige n’izindi ndimi”.

Ku barundi bari hanze y’igihugu, ngo bakwiye kuhagabira cane. Wa wundi ngo “buraca bugacana ayandi”, ejo canke hirya y’ejo mushobora kugaruka mu gihugu iwanyu. Nimukumbure mugabanye umwanya wo kwicara kuri za ngendanwa n’imboneshakure, hama mwigishe ikirundi abana banyu. 

Na leta nyene ngo ikwiye kubigiramwo uruhara, igahimiriza kandi igafasha abana bavukiye hanze y’Uburundi kwiga ururimi kavukire. Muganga Niyonkuru Laurent wewe akabona ko “kuba igihugu gifise abanyagihugu hanze yaco, bisa nk’uko ari iyindi ntara kiba cungutse”. None rero, ngo coheza kikagira akunguko kanini hamwe abo bantu bogendana koko ibiranga igihugu vyose, na cane cane ururimi rwaco.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*