Mu Burundi bw’aho hambere, umuntu yategerezwa kwihanganira kurangura amabanga y’abubatse gushika yubatse urwiwe. Abakobwa bategerezwa kugumya ubusugi bwabo gushika bagiye kwubaka. Kwihangana ukagumya ubusugi cari icemeza indero ibushitse. Bella Nininahazwe aratuyagira ivyo yaganiriye na bamwe mu bagenzi biwe kuri iyo […]
Urukundo
Abakozi b’Imana babera intambamyi abakundanye
Mu Burundi, kwubakana n’uwo mudasangiye idini birashoboka ariko hariho akagihaze. Rimwe na rimwe haribonekeza abakozi b’Imana babera intambamyi abakundanye bakababuza kwiyubakanira ngo n’uko badasangiye amadini maze bigatuma bamwe banafata ingingo zitabereye nk’uko Rivardo Niyonizigiye atuyagira ivy’uwahuye n’iyo ngorane.
Islamu : idini ryubakiye ku muvukano
Mu gihe hari abantu bihisha inyuma ya Islamu bagakora inabi maze bigacafuza uwo muryango, biribonekeza neza ko iryo dini ryubakiye ku muvukano n’urukundo. Aminadab Havyarimana araducira ku mayange bimwe mu veyerkana urwo rukundo n’umuvukano.
Itituka ry’umugenzo wo gufashanya mu Burundi
Aho hambere hahise, mu Burundi, hararangwa umugenzo wo gufashanya hagati y’ababanyi, incuti hamwe n’abagenzi. Ariko rero, mu bihe vya none, haribonekeza itituka ry’uwo mugozi wahora wunze ubumwe bwa benshi. Ni naco gituma hari hakwiye kugira igikozwe maze urwo rukundo rusubire […]
Ukuresha inkumi biciye ku butumwa bugufi
Ukuresha n’umugirwa wamyeho kandi noneho wateye imbere cane muri ino minsi. Umusore, ashaka kwubaka canke yipfuza inkumi bakundana, ashobora kubikora biciye mu buryo bwinshi tutibagiye no kwifashisha ubutumwa bugufi bw’amatelefone. Elodie Muco aratanga impanuro ku basore bihenda ugasanga bavyitwayemwo ukutari […]
Itunga rya mbere ku bubakanye n’ukubana neza
Ibanga ryo kwubakana rirakomeye cane kuko umuryango niwo mushinge w’umubano mu bantu kandi ukongera ukaba n’isoko ry’indero y’abana bawuvutsemwo. Itunga risumba yose ku bubakanye rero n’ukubana mu mwumvikano. Renovat Ndikumwenayo araducira ku mayange uko ingo nyinshi zisambuka bivanye n’ukwitwara nabi […]
Abantu dutegerezwa kugendera ubuntu !
Mu mico n’imvugo vy’abarundi, turakunze kwumva ijambo « ubuntu » akatari gake. Bella Nininahazwe araducira ku mayange ico iryo jambo risigura akanagirako ahanura abantu bose ko bokwihatira kugendera ubuntu kugira ngo babane neza n’abandi.
Guhamba ubusore canke gutanga ikibutura vyagenda gute ?
Abanyamuryango b’Akanyaburunga, mu kiyago cabo « Yaga akaranga », baraciye irya n’ino umugenzo w’ikirundi witwa “Guhamba ubusore” ari nawo bamwe bamwe bita “Gutanga ikibutura”. Mbega uwo mugenzo kera wagenda gute? Woba wari ukenewe? Ubu hoho bigenda gute?
Kwubaka birashoboka naho twoba tutagira uburyo bwinshi
Mu gihe muri ino minsi hibonekeza ukubura akazi ku rwaruka ruhejeje amashure, abatari bake biranabagirako ingaruka mbi mu bijanye n’imibano. Renovat Ndikumwenayo aravyihweza agasanga benshi mu bakiri bato badafise akazi badashobora no kwubaka izabo nk’uko abituyagira.