Mu minsi iheze, mw’isoko nkuru ya Ngozi, haribonekeza ku bwinshi utuzu tw’imbaho badandarizamwo benshi bazi kw’izina rya « Kiosk ». Ariko rero icibonekeza n’uko ubu hari ituzwa rya bene utwo tuzu ngo kuko ari two dukwiragiza umuriro ningonga nk’iyo wadutse mw’isoko. Ubu […]
Urudandazwa
Ingorane z’amakarata yo kwinjiza amafaranga
Haraheze iminsi ishirahamwe Econet Leo ririko riradandaza amakarata yo gushira amafaranga muri terefone yanditseko « Nipe Buddie ». Amenshi muri ayo makarata akaba ari ay’igihumbi. Iyo uyiharuye wihuta, akenshi ibiharuro biratabukana n’agakarata. Ivyo rero bikaba bitari bimenyerewe ku makarata yahora akorwa n’ishirahamwe […]
Kigali – Bujumbura : ingorane z’ingenzi
Haraheze iminsi, Uburundi bwarafashe ingingo yo kubuza gukora amashirahamwe y’abungruza abantu baciye ku mipaka buhana n’Urwanda ku mvo z’umutekano hamwe n’ubutunzi, nk’ukwo ubutegetsi bubivuga. Iyo ngingo ituma uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu rutoroha. Bosco aheruka kuhaca avuye i Kigali arashinga […]
Kanyanga yoba ari mbi ku magara yacu ?
Inzoga ya kanyanga iri mu binyobwa bitemewe n’amategeko ngaha mu Burundi. Ariko rero n’aho biri ukwo, abatari bake, kubera ukutamenya, barabandanya kuyenga, kuyidandaza no kuyinywa mu mpisho. Iyo nzoga rero, naho benshi bayikunda, ni mbi ku magara yacu mu buryo […]
« Ndandaza umubiri kugira ndonke amafaranga y’ishure ! »
Annick, umwigeme w’imyaka 22, amaze imyaka itanu atunzwe no kudandaza umubiri muri Bujumbura kugira ngo aronke amafaranga y’ishure. Egide Nikiza yaraganiriye na we maze ashima kudushingira intahe.
« Naragiye i kuzimu…Muri Arabiya Sawudite »
Haheze amezi make Abarundi bamenye ko hahora hari urudandazwa rw’abigeme bajanwa mu bihugu vy’Abarabu nka Arabiya Sawudite na Omani. Umwe mu banditsi ba Yaga yarahuye n’umwe muri abo bigeme yashoboye kugaruka mu Burundi maze aramuyagira ayo yagoreweyo aho abigereranya no […]
Brarudi yoba ishimisha abanywanyi ku rugero rumwe?
Uburundi burafise amahinguriro y’ibinyobwa atandukanye, vyaba ivyambiye canke ibitarimwo umwambiro. Ariko muri ayo mahinguriro yose, Brarudi iguma iza imbere, haba mu burambe muri ico gikorwa, eka no mu bwinshi canke akanovera k’ibinyobwa ishira kw’isoko. Désiré Sezikeye aratumenyesha bimwe mu bijanye […]