Muri iki gihe hateye ikiza ca Covid-19, birabujijwe ko abantu bakoranako canke begerana cane. Ariko, imanza zibandanya ukuri kwamye. Amakenga ni menshi, uravye ukuntu imanza zitunganywa.
Indwara
Ubuzima bw’abubakanye : amarira y’abatandukanijwe n’ikiza Covid-19
Ikiza ca koronavirisi kiragisibije kw’isi yose. Gifata abantu kigasasika, abato n’abakuze kikajaniranya. Cashika mu bakundanye hoho kigakora amarorerwa. Bamwe kirabafata kikarambika mu bitaro, n’abo kidafashe kikabatandukanya kandi bari umwe, nk’uyu muvyeyi umukenyezi wiwe yugaraniye mu gihugu c’Urwanda hagira hahere amezi […]
#Coronavirus : burya gukaraba « neza » n’ugupfa gukaraba ?
Mu gihe ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buduhamagarira kugwiza gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni, canke amazi arimwo umuti, ngo twikingire ikiza ca coronavirus kituryamiye amajanja, haribonekeza agahaze mu buryo abantu bakarabamwo. None umuntu yokaraba neza gute ?
Nankana ngo abakiri bato ntibakwiye gutinya ikiza koronavirisi ?
Inkuru z’uko abantu bafise imyaka mike umugera SARS-CoV-2 ataco ubagira ziguma zikwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi. Ariko rero, turakwiye kuhagabira.
#Coronavirus : impanuro zofasha abakoresha gukingira abakozi
Mu gihe ikiza citwa Coronavirus kiriko kirasasasika inganda mu bihugu bitandukanye kw’isi, gutora inzira zo kuzitira ico kiza ni icihutirwa ahantu hose hakoranira abantu mu rwinshi. Canecane mu buzi, ahahurira abakozi benshi. Ng’izi impanuro n’ingingo ishirahamwe canke ubuyobozi kanaka bwofata, […]
#Coronavirus: ibihuha vyagwiriye, dufate iki tureke iki ?
Kuva ikiza Coronavirus cadutse mu gihugu c’Ubushinwa, mu mpera z’umwaka w’2019, ibihuha vyakwiye hose. Mu mabarabara, ku mbuga ngurukanabumenyi, eka no mu biyago bitandukanye, umwe wese yivugira iryo ashatse. Uno musi hoho, abarenga 30 bamaze gushikanwa muri ca kibanza categurirwa […]
« Ubutabazi bwihuse » : twobutanze tworetse, hari agahaze
Haraciye 15 imisi isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubutabazi bwihuse. Ni umwanya mwiza w’uko, mu Burundi, twozirikana ingene abantu benshi bakenye inyigisho mu bijanye n’ubutabazi. Yamara n’ababizi, kubera ingorane bagira iyo bafashije umuntu, bahitamwo kurorera mu bandi. Igishingantahe.
Mbega gusenga vyotubuza kuja kwa muganga?
Abantu benshi bararwara bagasinzikara, mbere no gupfa bagapfa bivuye ku nyifato bagize. Abatari bake barasinzikazwa n’indwara zari kuvurirwa kwa muganga kuko birukiye ba rumenyi. Ariko rero hari n’abandi bashikirwa n’izo ngorane bivuye k’uko bihutiye gushira ukwizera kwabo kwose mu masengesho […]