article comment count is: 2

“Kwa Ntare i Gashinyira”: hari uruzogi rw’umwami ariko harateye ikigongwe

Ejo bundi, umwanditsi wa Yaga yaratembereye ahavugwa ko hoba havukiye umwami wa mbere w’Uburundi, Ntare Rushatsi, Rufuku Rwa Ntare rwafukuye Uburundi. Yari yiteze kubona ikibanza c’akaroruhore ariko yasanze ata mavugwa.

Bakimbwira ko hari ikibanza bivugwa ko ari ho Ntare Rushatsi yataye uruzogi nibwiye nti : “Uwoja i Matana ntaje i Gashinyira asa n’uwagiye i Paris ntabone umunara witiriwe Eiffel”. Ryari irya mbere mponyoye muri iyo komine. Ata gukeka, nari ndonse ikintu nzoyibukirako, ciyongera ku kabeho n’ingene abantu baho bakirana neza.

Isaha zitatu, twe n’umugenzi twari kumwe, twariyivye akanya muri gake twari dufise, dufata inzira ija i Gashinyira. Ibarabara ntiryatevye kutwibutsa ko turi mu ci. Akavumbi kari kose. Turenganye gato ishure ryisumbuye rya Rubanga, hari akabarabara gato kari i buryo. Karaga, gaca mu gitara. Mugenzanje niko kuzazanirwa abaza abahita ko koba ari ko kagana i Gashinyira. Kari ako nyene.

Imodoka yagenda iraduceka. Biraboneka neza ko atari inzira imodoka zicamwo kenshi. Nagenda ndibaza nimba koko ako kayira ari ko kaja aho Ntare Rushatsi yavukiye. Nari niteze ibarabara ryiza, ivyapa vyerekana inzira igana ico kibanza nibwira ko gikomeye muri kahise k’igihugu.

Tugeze mw’ikona iri mu mwonga abantu bajabuka baja i Gashinyira, twahatswe gusubira inyuma. Hari habi ku buryo twibaza ko ari inzira y’ab’amaguru. Imisore twahasanze ni yo yaturemesheje ko hahita, hanashika no kwa Ntare. Umwe muri bo yahavuye yemera no kuduherekeza gushika kuri ico kibanza.

Tuguma twumirwa !

Tukihashika, abantu basa n’abari bagiye gusenga baratwegereye, baturamutsa n’akanyamuneza mu maso. Twarababajije ko uwoba ajejwe ico kibanza yoba ari hafi, baraduhakanira. Je aho nari ndi, naguma neza amaso umuryango wugaye ubwinjiriro bw’aho, umunoho wo kubona ibiri inyuma yawo uriko uransya.

Twagize Imana, ntihari hugaje urufunguruzo, ababa hafi yaho baratwugururiye. Ncinjira, nabonye ivyo nokwita ibigangara vy’amazu bifise iforoma vy’amazu ya kera. Hirya no hino, hari ibisaka. Hagati uri ico kibanza, hashinze uduti tuboneka ko ari amagori y’abana bahakinira agapira, ubona ko hari n’utwatsi twinshi.

Naciye nibuka ingene muri iyi myaka Ntare ariko aragarukanwa cane mu biranga igihugu aho n’ikirimba c’umukuru w’igihugu ciswe “Kwa Ntare”. Ubuheruka hari n’urwaruka nabonye rwiyereka ku musi twibuka guhabuza intahe y’ukwikukira rwiyise “Bene Ntare”. Hari n’abo maze kwumva bavuga Kwa Ntare bashatse kuvuga Uburundi. None ni gute aho uwo mwami yoba yaravukiye hatitaweho ? 

Umuhumure Priscilla ntakwiye

Uwo musi twari twagendanye umugisha. Twagiye tubona abantu bazanana n’umukamakare Priscilla Berahino, mbere asanzwe afasha gusigurira abaza muri ico kibanza ivy’aho, mu kanyamuneza kenshi.

Yaratweretse ibisigarira vy’inzu n’ico zari zimaze, ibiti vyose, amazina yavyo n’akamaro kavyo. Yaradusiguriye ingene Ntare yavutse mu muryango bakamurwanya. Inasenge akamuhungisha abashaka kumwica, n’ibindi vyinshi.

Mu nsiguro za Priscilla, vyaraboneka ko hari utumusoba. Murundikazi si uw’ejo. Tumubajije imyaka yiwe yatwishuye ati: “ Ntayo nzi, ariko abazungu baje nshobora gucura inyana”. Umushingantahe yari kumwe na we ati: “Uko biri kwose arashikana imyaka ijana”. 

Umuntu akibaza ati mbega ni yashengera hoho bizogenda gute ? Ubona ko umutama yahora yabisigura atakamusoba yamaze kwitaba Imana.

Hogarukirwa

Turi mu nzira dutaha, umwe mu bo twari kumwe aba mu micungararo, yatubwiye ko urubuguzo rwa Nsoro, bivugwa ko yoba ari sewabo wa Ntare, yakunda gukinirako bahatswe kurusambura. Naramwihweje gato, nsa n’uwutumvise ivyo ahejeje kuvuga nibaza nti: “Ni gute dushobora kunena ibiranga kahise kacu gushika hiyo hose ?”

Ikibanza nk’ico, cotegerejwe kuba kirimwo umuhinga mu vya kahise atwibutsa amateka yaho. Muri ino misi, turabona ko Abarundi, canecane urwaruka rwitayeho gutembera mu gihugu. Hari n’abaza mu karuhuko ko mu ci baza bafise akanyota ko kumenya vyinshi kuri kahise k’igihugu cabibarutse.Uwo muntu yoba ngirakamaro cane. 

Ariko ndavye akabarabara twariko turacamwo, naciye mbona ko impinga ikiri ndende. Yamara inzego zibijejwe zibishatse, ibibanza biranga kahise kacu vyohabwa agaciro kabikwiye, n’agafu kavuye mu mafaranga y’ingenzi kakagwira.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)