Isi yaraye ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikoreshwa ry’abana batarakwiza imyaka yo gukora. Ni buri wa 12 Ruheshi, uko umwaka utashe. Mbega mu Burundi vyifashe gute ? Abakoresha abana babikura kuki? Tubiyage.
Urwaruka ruri hagati y’imyaka 5 na 17 mu Burundi (ibice 31% ugereranije n’Abarundi bose muri rusangi), rurakoreshwa ibikorwa vyagenewe abakuze. Ishirahamwe AVSI, mu cegeranyo caryo, rishikiriza ko urwo rwaruka rungana 19031 mu Ntara za Bujumbura, Gitega, Ngozi na Rumonge.
Ku bakozi 722, ibice 33% ni abakozi bakora mu mazu kandi bari musi y’imyaka 18. Muri ivyo bitigiri, 39,6% ni abahungu, navyo ibice 60,4% bakaba ari abigeme. Ico cegeranyo kivuga kandi ko muri ivyo bisagara hariyo urwaruka rungana n’ibice 69,5% rw’abigeme kuri 30,5% vy’abahungu. Aha umuntu akibaza igituma abo bantu bashima gukoresha abana, bakarenga amategeko kandi bayabona.
Iyinizwe n’amata
Abakoresha benshi bavuga ko kubera ubukene barimwo, bigoye gukoresha umuntu akuze. Umuntu akuze asaba agahembo kisununuye ugereranije n’ako umwana agusaba. Ari naho tubasanga ari “abayaya” canke “ababoyi”, abakozi bo mu mirima, mu gucukura ubutare, gukora mu buriro n’ahandi henshi ; urwo rwaruka rutarakwiza imyaka ruruzuye.
Kubera ubukene bwiyongereye muri iyi myaka cumi iheze, benshi mu rwaruka barataye amashure, baja gihiga ubuzi muri vya bisagara, nk’uko ca cegeranyo kibandanya kibivuga; n’aho ari ugucurwa bufuni na buhoro. Kubera kuburanirwa, ruremera rugakora ibikorwa vyari gukorwa n’abantu bakuze; nta kundi.
Ikibabaje, ivyo bikorwa n’incabwenge, abantu bazi neza ko Uburundi bwameje ingingo ya 138 n’iya 182 yo muri ca gitabo c’amategeko mpuzamakungu akingira abakozi OIT. Bakibagira ko kubakoresha ari ukubabuza gutera imbere kandi na kazoza kabo gaca kabapfako ubusa.
Uwanka agakura
Abantu bose bakoresha abana bishimikije iki canke kiriya, barenga amategeko y’igihugu, ay’akarere hamwe n’amategeko mpuzamakungu. Kira noneho, no mu mico y’ikirundi, kirazira guhohotera umwana. Twibuke wa mugani ngo uwo “uwanka agakura abaga umutavu” ; urya mwana akoreshwa ibimurengeye baba bariko bamwicira ubuzima.
Aho kunezerwa no gukoresha uburyo buke twishe kazoza k’abo bayaya n’ababoyi, dukwiye nyabuna kuba imboneza, aho umwe wese yiraba ku giti ciwe. Umwana wese atarakwiza imyaka akajanwa mw’ishure, agategura kazoza. Abajejwe gufata ingingo muri Reta, nabo nyene ntibiherere mugusohora amategeko no mu matangazo. Bakwiye gukurikirana ishigwa mu ngiro ry’ayo mategeko, bagashira mu ngiro ivyo bajejwe.
Ukingiye umwana uba ukijije igihugu na kazoza keza kiwe. Dukwiye kwikebuka. Kandi biracashoboka ko duhaguruka twese, tugakingira urwo rwaruka, rwo kazoza k’igihugu.
les responsables locaux doivent s’engager à faire respecter les lois en vigueur dans notre pays en matière de protection des enfants
Nikibazo