article comment count is: 2

Gitega: igisata c’ukwiyunguruza rusangi ni “ugutekera amazi mu rukangaga” ?

Mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka, ishirahamwe ryunguruza abantu, Volcano, ryarazanye imodoka zunguruza abantu mu gisagara ca Gitega. Yamara, uwo mugambi mwiza wamaze umwanya urume rumara; kuko inyuma y’amezi ane gusa, izo modoka ntizasubiriye gukora. Ni izihe mvo zatumye uwo mugambi uhagarara ? Mbega vyoba bigishoboka ko ico gisata kinagurwa ?

Zaratuvunira urugendo, ugereranije n’ubundi buryo bwo kwiyunguruza twari dusanganywe i Gitega, na rirya zari zizimbutse”; ivyo bivugwa na Claudette Nahimana, umukenyezi asanzwe aba mu gisagara ca Gitega. 

Ntarira busema; kuko uva kuri Brarudi uja mu gisagara hagati, ku Mushasha, ku Rutonde canke ku Masanganzira, yari amafaranga 400 y’amarundi gusa.  Ni mu gihe, iyo ufashe ikinga, yari amafaranga 700, canke n’ayarenga ku wufashe ipikipiki. Yamara rero naho zari zizimbutse, imyidogo ntiyigeze ibura ; ivyagaragaza ko hari ikitagenda neza. 

Mu vyatumye iyo neza mw’iterambere ihagarara, hari imvo zigaragara kandi zishobora gukosorwa.

Kutubahiriza umwanya

Izo modokari zikiza, vyari bitegekanijwe ko zizotangura gukora isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, kandi zikaja ziraca ku bituro zihahagarara iminota iri hagati y’itanu na cumi. Yamara si ko vyagenze.  

Abatari bake mu bakoresheje izo modokari mu kwiyunguruza, barazidogera, bazihora ko zitigera zubahiriza umwanya zitegerezwa gushikirako; bigatuma abantu bacerwa iyo baroye. Timoteyo ni umusore asanzwe aba mu gisagara ca Gitega yigeze kuba azirindira, akeneye kwiyunguruza. Yarashavujwe cane n’ingene zitigera zubahiriza umwanya. Akatwiganira ati: “Nta musi n’umwe nayirindiriye ngo ndayironke; kenshi yarashobora gucererwa ku bituro dusanzwe tuyirindirirako, gutyo bigatuma bamwe biranda bagafata ipikipiki, abandi bagafata amakinga.” 

Ikena ry’abakiriya

Ico twoherako kwibukanya, ni uko izo modokari zari nininini ku buryo zitari kwuzuza binyarutse. Marc*, umwe mu bakokayi bakorana n’izo modokari, arasigura icatuma ziteba. Agira ati: “Guteba vyava ku kuntu tutaronka abakiriya. Benshi bafata ama pikipiki canke amakinga ngo ni yo anyaruka cane. Natwe rero, hako tugenda tugaragara, twaca duhitamwo kurindira gushika turonke abakiriya.”

Nk’uko umukozi asanzwe akorera shirahamwe Volcano atashimye kwivuga izina abivuga, kubura abakiriya ni yo yabaye intandaro yatumye urya mugambi utabandanya. 

N’aho biri uko…

Volcano rivuga ko ryakorera guhomba. Igikorwa co kwunguruza abantu, mu gisagara ca Gitega, kirakenewe cane. Si agaseseshwarumuri, ico gisagara caragutse ugereranije n’uko cangana mu mwaka w’2005. Nk’uko ivyigwa bivyerekana, uko igisagara kigenda kiraguka, kirakenera uburyo bwo kwiyunguruza, kugira abakibamwo boroherwe mu mirimo yabo; maze iterambere ribashe kwiyongera. Ku bwanje, uburyo bwo kwiyunguruza bwari bukwiye gukurikira umurindi w’iryo terambere.

Kuba igisagara ca Gitega gisigaye ari umugwa mukuri wa politike, ni imvo ikomeye ituma caguka cane, kandi kigakenera gutunganywa ku rugero rumwe n’ibindi bisagara.   Igikenewe, ni uko aho uwa mbere yabigerageje yananiriwe, yosubira akikosora canke agafashanya n’abandi bakabishira mu ngiro. Vyanse ku bikorera utwabo, Reta yobifata mu ntoke.

Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.

https://www.yaga-burundi.com/questionnaire-rapport-aide-developpement/

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Umugambi wo kwunguruza abantu mû gisagara ça Gitega wari mwiza mugabo ntiwizwe neza.
    1. Gitega ifise isoko imwe gusa, bisigura ko abantu bakenera cane kwiyunguruza mû gitondo no ku mugoroba bataha,
    2. Abakozi bareta bakorera mû gisagara hagati, bisigura ko nabi nyene biyinguruza bavuye ku kazi canke bakajako.
    Ico gisagara rero ntikimeze nka Bujumbura aho ibice vyinshi bifise amasoko bigatuma abantu biyungiruza cane