Ico kiyaga co mu ntara ya Kirundo nico kigiye kwororerwamwo amafi. Umwimbu uzongana n’itoni igihumbi ku mwaka nk’uko société Aqua Burundi ibivuga. Mbega abakeneye amafi bose bazoronka na rirya ikiyaga Tanganyika kizoza kirugarwa amezi atatu kuva mu kwezi kwa gatanu ? Ibikoresho harimwo n’ umuyagankuba birahari ? Aba n’abandi babibona ugutandukanye.
Umwimbu w’amafi mu kiyaga Tanganyika ku ruhande rw’Uburundi wagiye uragabanuka. Ubworozi bwo mu nyanja mu bice bitandukanye vy’igihugu buragwizwa ariko naho nyene abakeneye ifi n’indagala ahanini ntibabironse ku rugero bifuza ahubwo habonetse nke, ibiciro navyo biraduga.
Ukwugara ikiyaga Tanganyika amezi atatu ni ingingo yafashwe kugira ngo umwimbu wongerekane. Mu kurindira, ikiyaga Cohoha coba kije nk’inyishu ?
David Nshimirimana aba mu gisagara ca Bujumbura, ati ni vyiza ko haboneka ahandi hantu amafi ashobora kurobwa. Ku bwiwe, ntahandi hashobora kuva umukeke n’indagala biryoshe atari mu kiyaga Tanganyika. Tilapia ngo nizo zizokwimburwa gusa.
Abaguzi mu Burundi babibona gute ?
Abahurikiye mw’ishirahamwe ABUCO, barashigikiye uyo mugambi wa société Aqua Burundi ku mvo zibiri. Ni umugambi uje kuruhurira ikiyaga Tanganyika abarovyi bahora baroba mwo igihe cose. Uje kandi gufasha abaguzi ntibazobure amafi mu gihe Tanganyika izoba yugaye nk’uko bishikirizwa na Noel Nkurunziza, umunyamabanga mukuru w’ ishirahamwe ry’abaguzi mu Burundi. Ahubwo ngo ni akarorero, n’ ibindi biyaga vyokwororerwamwo.
Umwimbu ukwiye kuzoshikira benshi
Gabriel Butoyi arongoye ishirahamwe ry’abarovyi n’abadandaza amafi mu Burundi abona ko umugambi wa Aqua Burundi ari mwiza kuko uje gusahiriza umwimbu muke wahora uboneka. Itoni ibihumbi 20 nizo zahora ziboneka ku mwaka naho nyene ntizakwira nk’uko abisigura. Abakeneye ibiva mu burovyi ni benshi, isoko iriho.
N’ubwo biri uko iyo société iriko ikorera ku kiyaga Cohoha yotunganya inama, ishirahamwe ry’abarovyi n’abadandaza amafi bagaterera ivyiyumviro kugira ngo hageze kwimbura, umwimbu uze ushikire benshi kandi mu mihingo myinshi itandukanye.
Inyishu
Ubwo bworozi ku kiyaga Cohoha ni imwe mu nyishu ije gusahiriza uburovyi. Déogratias Nduwayezu umuyobozi w’uburovyi mu bushikiranganji bujejwe ubworozi, naho ata bitigiri atanga, ashikiriza ko ubwo bworozi bwo mu ma « cages » burimwo n’abagwizatunga baturuka mu gihugu ca Norvege buzofasha.
Ariko rero nta muyagankuba uri ku mutumba Yaranda wa komine Kirundo ahari ico kiyaga. Umukuru w’igihugu atanga ikiringo gito kw’ishirahamwe Regideso ngo ribe ryashikanye ho amatara.
Umuyagankuba ni imwe mu ntambamyi mw’iterambere ry’igihugu. Hirya gato muri komine Busoni ku kiyaga Rweru muri iyo ntara nyene baronka umwimbu mwinshi bavuga ko bakenye umuyagankuba ngo bahingure umwimbu baronse bashobore no kuzishora. N’aho bakoresha uburyo bwo kuziyiga, ntibikwiye, binasaba guca ibiti vyinshi. Ni uko no ku bivuko bitandukanye vy’uburovyi na cane cane ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.
Birakwiye ko imigambi iri mu gihugu yishinze kugwiza no gukwiragiza amatara yoshitsa ivyo yiyemeje, n’ingomero z’umuyagankuba zorangira. Intara ya Kirundo ifise ibiyaga umunani, iyo ntara yosubira ikaba ikigega c’igihugu no mu burovyi, mu kiringo Tanganyika yugawe ?