Mu ntara za Bururi na Rumonge, abanyagihugu baho barategura imanza nk’uko no mu yindi mihingo y’igihugu bigenda. Ariko rero ikitamenyerewe ahandi n’uko muri izo ntara izo manza zisesaguza abantu maze zikabasigarana ubukene butagira izina nk’uko Jean Désiré Nduwayo abituyagira.
Mu gice c’ubumanuko bw’igihugu, na cane cane mu ntara za Bururi na Rumonge, iyo umuntu yabuze uwiwe, hageze kuganduka, uba ari umutwaro ku wabuze. Mbere nk’abasanzwe bakenye bahitamwo kuba barabangiriye kuva ku rupfu uwabo kuko urwo rubanza rubasiga mu bukene butagira izina. Mbere abatari bake bageze aho bipfuza ko Leta yofata ico kibazo mu minwe. Benshi baribaza niba uwubuze uwiwe yogirako akamukurikiza n’utwo yari atunze twose.
Uko ibintu bisanzwe bigenda
Muri izo ntara, iyo hageze kuva ku rupfu, arirwo rubanza rwa nyuma rwo gusezera uwitavye Imana, umuryango wabuze uraganya kuko urwo rubanza rubasigamwo imvune idasanzwe. Umve namwe, ngo kuri uwo munsi, uwo muryango utegerezwa guteka imfungurwa nyinshi kandi ziryoshe, na cane cane harimwo inyama. Izo ndya rero ngo zifungurwa n’abaje bose kuri uwo munsi, eka mbere ngo n’uwo mutumberanije irembo ategerezwa gutaha aziriyeko. Ngo nk’iyo bishitse umukwe yaje agataha atariye inyama, ashika yirukana umugore ngo iwabo bamufashe nabi. Uwo mugore yirukanywe asubira mu rugo rw’umugabo babanje kumusaba imbabazi bakagirako kakemeza ko ari akaciyemwo kandi bitazosubira.
Ku bijanye n’ibinyobwa navyo, umwe mubo twaganiriye asanzwe avuka muri iyo micungararo, yambwiye ati: «Abatama b’iwacu baza bitwaje amacumu. Rero baca bayashinga imbere yabo, kugira bayashingure ni hamwe baba bahimvye ku buryo bitagikunda ko babandanya kunywa iyindi nzoga. Abandi nabo, baba ababanyi canke abavumvyi, baguma ngaho mpaka babonye ko hasigaye imvuzo kugira bemere neza ko inzoga zaheze». Uwo muvukanyi abandanya avuga ko, kubera nabo bimirije urwo rubanza, ariko araraba ingene bokota ikibanza kw’ishure ribegereye kuko hoho ruheze atawuzohaguma, bazoca bataha. Ariko naho abitegura uko, afise ubwoba ko bazohava batera baja muhira iwabo urubanza ruheze. Abantu bamwe bamwe rero basigaye bafata nk’uko “kubura umuntu ari umubabaro ku muryango wabuze ariko ukaba umunezero ku bandi kuko bituma barya bakongera bakanywa ivyo bashaka”.
Ikibereye gukorwa muri kino gihe
None ko abatari bake bababazwa n’iyo nyifato, nta kuntu Leta, biciye ku bajejwe intwaro mu ma komine no mu ntara, yofata ingingo yo guhagarika iyo ngendo? N’ukuri birateye isoni kubona uwabuze uwiwe hagerako amusezera irya nyuma ariko ntibimworohere kuko bimusaba uburyo burenze urugero. N’abanyagihugu ubwabo barakwiye guhindura ingendo, hageze kuganduka bakagira imigirwa isanzwe, idasesaguza kuko igikuru ni amajambo ahavugirwa.
Ni Ko biri nyene iyo umwe apfuye haba hari abiyuha iryosozi n’abandi baba bavuga bati: »nzobukura mu cibo » ikimenyamenya nuko igitigiri c’imodoka ziherekeza ikiziga ataho gisa gisana n’igitigiri c’imiduga ija gusanganira uwusohotse maternité.
Kugira DUTERE IMBERE DUTEGEREZWA ‘GUHINDURA UKWO TWAHORO TWIYUMVIRA’=CHANGER NOTRE ANCIENNE VERITÉ POUR POUR LA RENDRE SAINE ET ACTUELLE.SI IBIJANYE N’IMPFU GUSA HARI NIZINDI MANZA ZISESAGUZA ZIJANYE N’IVUKA MARIAGE,IBIRUHUKO ATACOBIFASHA,CROYANCES RELIGIEUSES ATAWUZI ICOZIFATIYEKO NIBINDO:IVYO VYOSE BIZA GUHOMBESHA AKARERE KUKO NI IBISUMA VY’UMWANYA N’UBUTUNZI(AMAHERA)!KUGIRA BIHERE DUTEGEREZWA GUHINDURA KWIYUMVIRA TUKIYUMVIRA BIGEZWEHO.
ppppfffff abantu turagorana cane……hari ubukene butagira uko bungana hama ngo guteka no kunwa basesaguza uwabuze??!! n’ibara abarundi dukwiy guhindura imigigwa kuko ivyo n’ivyakera ibintu bikihari……mbe bashinze amacumu hama ukayatora ukayacana bokwitwara hh??? nibareke kugenza inda hejuru…….uwabuze aba ari mukigandaro apana mubukwe!!!! uyo mukwe nawe twomubaza ko iwabo inyama bazirima
Ntacoroshe nuguhindura ingendo kuko ivyari imagera vyaragetuye