article comment count is: 0

Barundi namwe Barundikazi, twigaye tumaramare !

Ubukene bw’igitoro, isukari n’ibindi Abarundi bari bamazemwo igihe vyatumye benshi cane bahemuka, bagakora ibitabereye. Ikibabaje, ababikoze twese twarabiraramanganye nk’uko umenga ni ibintu bisanzwe. Ubwo iyi si inzira igana habi kuri kazoza k’igihugu gitegerezwa kuba cubakiye ku mico n’imigenzo myiza? 

Narahize uwo nganyira ndabura kuko na we nyene nabona yarahemutse nkanje. Narabuze ayo ncira n’ayo mira, mbura kwatura no kwirega kuko na patiri canke pasitori nari guhava nsanga baracumuye nkanje. Sinari no kwatura mw’ishengero kuko bari guhava bantwenga canke bakareka kuntahura kubera ko na bo nyene nta nkeka barabikoze. 

Si ukwagiriza canke gutunga urutoke, ariko mbashingire intahe, narakoze ikibi kenshi kubera kubura uko ngira. Baradugije ibiciro bidaciye mu muco nanje ndasuma kubera kubura uko ndavyiyamiriza. Ivyo vyose nabikoze umutima uvyimvye, merewe nabi cane. Nagize nabi mu kugura ibintu ku biciro birenze kandi mu mpisho. Imyidogo nagize yaramvyimbije umutima.

Ngwe mu bana ? 

Isukari ngize ndayironka, nayigura umurengera. Naho nyene nkayitwara nk’uwivye. Narabona ko idakwiye mugabo ngapfa gutwara. Igitangaje nayitwara nshimira uwuyimpaye. Ivyo vyose, kwari ukugira ndonke ico mpa umwana andaba mu maso.

Abafise imodokari na bo barira kundusha. Bene amazu banyweshako imiduga barabura ico baha abantu, kuko ico bari gutanga canyikiye muri magendo. Muti none caba catanzwe na nde ? Kuki ica magendo caboneka ariko mu bibanza vyakigenewe ntikiboneke? Ivyo vyose vyagirwa n’Abarundi baharanira itunga ridatunganye. Ariko naho vyaba bizwi ko ico gitoro ari icabonetse mu manyanga, Abarundi nyene ntitwasiba kugisiganirwa ku yo caba kigurwa yose. 

Mfise umugenzi atasiba kunganyira. Kukaba nka ko twese twarabibona. Yama aza ambwira ko iritiro ry’igitoro yayiguze ibihumbi cumi. Umusi umwe hoho nta kundi yari kugira kuko yari yakiguze arwaje. Iyo areka kukigura, umwana wiwe yari kumurembana. Mukumva ko atari kureka kukigura nk’uko nanje ntareka kugura iyo sukari ku mahera menshi abanje bayikeneye. 

Twarazirukanije ikizira

Birababaje kurenga ku mico shingiro utabishaka. Ibaze namwe umuntu yariyemeje kutazokwiba, no mw’ishure ntiyibe mu kibazo, mu kazi n’ifaranga rikorotse akarisubiza, mugabo ugasanga ariko agura ibintu mu kinyegero ?

Nk’Abarundi, imico shingiro y’ubuvugakuri, ubutore, ubushingantahe, ubugororotsi n’ibindi bitugira umuntu nyawe, ariko muri iyi misi vyaratunaniye kugendera.  Kubera ibihe twarimwo, izo ndangagaciro zacitse izo ku munwa gusa, dukora ikibi tukizi mbere turanakiraramangana. Ikibabaje kurusha, ni uko ico kibi, kubera ko cakozwe na benshi uca umengo si ikibi. Uko ni ko ibintu biyangara, kuko tuba twahonyanze amategeko. 

Twikebuke !

Hari abamaze kwumva igihugu rurangiranwa mu kurya ibiturire, kugeza aho abatera inkuru bavuga ko abaporisi baho bakwaka ikarata y’ibatisimu iyo basanze ukwije ivya ngombwa. Aha mwogira ngo ni uguhuguza, ariko jewe ubwanje ivyo niboneye muri ico gihugu ca Afirika ntarinze kuvuga, baranyatse ikarata y’umunyeshure kandi mfise igitabo c’inzira, (passeport mu gifaransa).

Tuvuze uko, twogira ngo “Abarundi turacuna” kuko bitameze uko ku mbibe zacu, kandi ntibikabe. Ariko nyene na twebwe, uretse ko abantu baba bavyimvye umutima kubera babuze ivyo bategerezwa, bakabironka mu kinyegero kandi vyinjiye mu muco, n’umunyamahanga ari ngaha ntituzi uko atubona. Nta nkeka aratunegura kuko twicafuje. 

Twari dukwiye kwiyubara. Erega burya ibintu bigenze neza mu gihugu, abakiramutswa, uhereye ku mukuru w’igihugu, barabishimirwa. Iyo bigenze nabi na ho nyene, baridogerwa. Ubu hoho twahitiye tuvyiboneye, ntihagire uwiyeza twese ntitwera.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion