Inyuma y’umwaka yandikiye akabaruwa inzoga, uno mwanditsi asubiye kwikora ku ndome ziwe, azigira amajambo n’amungane. Asubiye kwandikira inzoga kuko abona ko “zidahaha, ziguma ziha inkumbi”. Muri kano kabaruwa, ng’uku uko abona ko zagisibije, agakebura abazinywa, abashinga amategeko n’abayubahiriza.
Ba sokuru barayamaze ngo: “Uwapfuye yarihuse!” Koko ntibabeshe. Sinarinzi ko nosubiye kukwidogera !
Burya “Amagorwa ntasiga ayandi”. Mu mwaka uheze wanteye ibibazo mbura ayo ncira n’ayo mira, none ubu ntukiri nk’umwavu ukurikira uwuwusheshe, wahindutse agashati niyorosa.
Mu misi iheze bantoye indwara y’igitigu iturutse ku nzoga. Bahita bamenyesha ko ushobora gutera indwara zirenga amajana abiri. Nanje aho nagira ngo wotera ubukene gusa kumbe n’urupfu waruhinduye mpfampfe wawe.
Nabaye umushumba wawe!
Nagira ngo ndaretse kunywa, nkaja mbona abahuriye ku rukanywa, umutima ukanka. Nababwira ko nahagaritse inzoga bakantwenga. Naja gusangira akayi n’umugenzi mu gitondo nkabona uwutumyeko akayoga umutima ukarahuka, nkibuka kera ndazizindukirako. Umutima ugaheza ukanyankira, nkajako nkanywa nti na kare kubaho ni rimwe, bwaca nkidoga ngafata kandi ingingo yo kuziheba.
Ngendanwa yavuga rimwe, nkaba namaze gushika mu kirabo. Uwupima na we aho ari, ntanaraba ko naborewe, si kazima mba namuhaye inoti yiwe. Nkibaza nti mbega burya hoho barazi ko bihanwa n’amategeko guha inzoga umuntu yaborewe?
Hari hagowe imiduga y’abandi nama nahatswe kugonga kubera ijoro ntaha ndika ndandika umunani. Mbe umusi nogonga ho noriha ihadabu ringana iki ? Ariko Imana izokinga na kare nya mahadabu aba ari intica ntikize itombuza gusubira mw’ikosa narirya abaporisi bo ku kiraro badapima inzoga umuntu aba yanyoye.
Ni inde avyitayeho ?
Ari amateka yo warayandikishije pe. Mbe waruzi ko ari wewe igihugu citwa ngo kigenderako? Ngo ucinjiriza mama amahera menshi gusumba ibindi vyose. Ikibabaje ni uko uturiye n’ubu ukiriko.
Hagera aho amategeko yokaze, ugasanga harihishijwe ihadabu ritogura n’ikarato y’ibiyeri, mvuge ururimi wumva. Aho ni uko ntavuze aho amategeko ataco avuga.
Ese Reta yoba Nkozi koko hakabaho itegeko ry’igihugu rigenga ibijanye n’inzoga. Yaba abagore bonsa, yaba abana batarashikana n’imyaka cumi n’umunani nta we ugera umutwe, usanga bakwihereje n’imbere y’abavyeyi babo, bene ibirabo binovora akanoti.
Aho abo bose babigira bibagiye ko ari icaha gihanwa. Ariko si bo barundi na kare bakunda gusoma agacupa kurusha ivyandiko. Ku macupa yawe handitseko ko kizira kuguha abadakwije imyaka cumi n’umunani kandi ko umuntu wese akwiye kunywa yigerera. None tuvugishihe ukuri, ni inde abinezwe narirya vyanditse mu tudome tw’utuzyondi, mu bunywenywe? Ikiyayuramutwe bacigerera gute mbega?
Ariko ndaguye ndagarutse! Sinokwamiza mu kanwa ndakwidogera na kare si we wiremye nanakunywa utampamagaye. Ico nabonye coco, kugutuza ntivyoroshe mugabo twese hamwe urugamba tworutsinda.