article comment count is: 1

Akabaruwa ku ma banki akoresha ubuhinga bwa none : tuzosanga tubihombeyemwo !

Muri kino gihe, ibanki nkuru y’igihugu ntihengeshanya gusaba amabanki n’abanyagihugu kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none. Ariko naho biri uko, ubwo buhinga hari igihe buhinduka umuntu nk’inzoka yo mu nda. Butiriganye hari igihe bwiriza umuntu ku zuba nk’uko vyashikiye uyu munywanyi wa CECM. Aha umuntu akibaza ati none umunywanyi yokingirwa gute izo ngorane ?

Nitwa Jules*. Nfise i konte mu gasandugu ko kuziganya no kuguranana CECM. Kugira sinirirwe ntonze imirongo yama muri iyo banki ku masaha amw’amwe, nahora nkoresha Lumicash. Ariko guhera ku wa gatatu w’indwi iheze konte yanje barayugaye batambariye ico bivuyeko. Ku musi wa gatanu naragiyeyo gusaba ko bonsigurira igituma bafata amafaranga yanje ari kuri konte batanambariye, bansiguriye ko ari ubuhinga bwa Lumicash bwagoranye bituma bahagarika ama konte y’abantu bamwe. 

Bambwiye ko mu masaha abiri ico kibazo kibazoba kivuye mu nzira. Ariko gushika kw’igekenekerezo rya 30 Mukakaro ntivyari bwakunde ko ntora udufaranga twanje. Bongeye baransigurira ko kubera ubuhinga bwa Lumicash bwari bwaharavye, umukiriya akuye amafaranga kuri konte ya banki akayashira kuri Lumicash, amafaranga yari kuri konte ya banki aho kugabanuka yaca yiyongera. Ngo nico gituma bahagaritse konte yanje. Eka mbere hari n’uwukorera Lumicash yahavuye ampamagara amenyesha ivyabaye. Nasigaye nibaza nti none nagira hagati ya banki na Lumicash iyo habaye ikibazo c’ubuhinga baca bihutira kugitorera umuti, ariko iyo babona umukiriya agifiseko amahera afitiye uburenganzira akabandanya ayakoresha ataco yinona, bagacunga ko atarenza ayo atunze gusa ?

Ndibaza kandi nti none ivyo nahomvye kubera banyugariye konte yanje batambwiye ni nde azobindiha ? Nari nateguye kuduga ruguru kuko hari igikorwa nari nshaka kuja gukorerayo. Vyose naciye ndabiheba. 

No mu mwaka uheze vyari vyatiriganye

Si iryambere ngira ingorane zifatiye ku buhinga ngurukanabumenyi banki ikoresha. Umwaka uheze, hari ku musi wa gatanu, nashatse kuriha amahera y’inzu. Ni ho nagerageza kubikura amafaranga 170 000 nkoresheje Lumicash biranka. Naragerageje nk’incuro 10 biranka. Na bukeye bwaho vyaranse, niho ku wa mungu nagenda hagati mu gisagara ahari icicaro ca CECM aho baguma bakora umwanya wose (guichet non-stop) kugira mbikure mpeze ndihe nyene inzu. Baravye kuri konte yanje basanze ata mafaranga ariko, kuko incuro zose nagumye ngerageza kubikura nkoresheje Lumicash, amafaranga yarava kuri konte ariko ntanshikire kwiterefone yanje. Baciye bampanura kugaruka ku wa mbere kubaza abajejwe ubuhinga kugira babikosore. Naraje, kandi amafaranga yose yari yazimiye barayansubije. Ariko agahombo nagize kubera izo ngorane zitamvuyeko nta ndishi nahawe. 

Ni vyaryana gose, ntituzohava tuhahombera utwacu ? 

Uno musi, ku wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2023 niho naronse uburenganzira bwo gusubira gukoresha i konte yanje. Ariko, ndibaza nti ubwo burya buhinga bwa none ko bwigubukiza bukanka, ejo bugakora, iyo hagize ico umukiriya ahomba kubera ubuhinga banki ikoresha, bigenda gute ?  Naciye nibuka umwanditsi wa Yaga yigeze kurara arakebeba mw’ijoro arondera aho atora amafaranga yiwe kuri vya vyuma bita mu gifaransa GAB (guichet automatique de billets). 

Naciye nkwakwanya kuraba nimba hari amategeko akingira abanywanyi b’amabanki bakoresha ubuhinga bwa none. Nasanze ibanki nkuru BRB yarabitegekanije kuko hari ibwirizwa  n° 001/2019  itariki 03 Nzero 2019 rikigingira abitura amabanke (règlement relatif à la protection des consommateurs des produits et services financiers). Iryo bwirizwa mu ngingo yaryo ya 19  risaba abakora ibikorwa bijanye no kudandaza amafaranga  bakoresheje ubuhinga kwiyubara bakaraba ko bukore neza ijoro n’umutaga. Bishitse bigapfa naho, basabwa kubimenyesha abanywanyi. 

Nandikiye amabanki kano kabaruwa kugira arikanure abanywanyi bayo  ntibagwe mu mporero y’ubwo buhinga bugezweho. Bwari bwiza ariko iyo butiriganye barahungabanya ibikorwa vy’abanywanyi banyu ; muraraba mushireho ibibakingira vyose.

 

*: izina ry’iritirano

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)