article comment count is: 0

Gushira abana mu mashure azimvye : inkezi ikera ubwo bireha !

Amashure aratanguye. Nta nkeka ko abavyeyi bamwe bagerageje guhindurira amashure abana babo bakabashira muri mashasha. Muri abo,hari ababikoze bafise ivyo bisunze bifadika ariko hakaba n’ababona ko bakwiye kugira nk’incuti canke abagenzi, bagatubika uwa vubi kugira umwana yige heza. Uyu mwanditsi akabona ko aho haba habayemwo ibishobisho, agakebura muri aka kabaruwa.

 Si ivy’imbeshere. Umwana ageze kuja kw’ishure, ico umuvyeyi wese yipfuza ni uko yokwiga, agatera imbere. Ni ho umwe wese amuronderera ishure “ryiza”, ni ukuvuga aho yiga neza cane kandi akabaho neza. Ivyo na vyo bikavana n’uburyo umwe wese aba afise.

Uburyo tuvuga  bwigaragariza muri vyinshi, haba mu nyambaro, mu bifungurwa, canke aho umuntu aba. Hari abarara bubitse umutima ku kirago n’ababondogotwa.

Mu gisagara ca Bujumbura rero canke mu bindi bice vy’igihugu, hari amashure atandukanye bivanye n’uburyo abayigako bariha. Ni ho rero usanga hamwe bariha menshi ahandi bakariha make.

Ntugire nk’abandi

Bavyeyi mwe! Ushoboye gushira umwana kw’ishure rizimvye cane, bigashika ukaba ushobora no kurihira benshi, wobikora. Kandi ni amarame. Mugabo ntihagire uwutwarwa n’ibishobisho canke ngo agire urwiganwe ngo umubanyi yagize atya reka nanje ndamwemeze.

Ariko uko woba ubayeho kwose, waraziganije, ufise ikintu kiguma kikwinjiriza mu buryo butekanye cane canke ukorera ahantu hakomeye nko mu mabanga y’igihugu, ni waja kubaho mu buryo buri hejuru, uraraba neza ko urwo rugero urimwo ubu uzoshobora kurugumamwo niwava muri ayo mabanga.

Kurumanga wahora usomera

 Bavyeyi, iyo wamenyereye inkozo no gusomera, mu nyuma ugasanga utegerezwa kurumanga, birahungabanya. Ibaze nawe umwana yize mw’ishure rizimvye uko twabivuze, ugaca usanga no kumushira mu risanzwe ntukibishoboye. Aho ntimwibagire ko aguma akeneye gufungura, kwambara, kwivuza n’ibindi.

Nsanzwe ndi umuvyeyi, narabonye buca bugacana ayandi. Benshi baratwawe n’ibihe mugabo basanga bagiye mu vyo kumenyera kubaho ubuzima buri ku rwego rwo hejuru cane. Ibihe bihindutse, kubera batateguye kazoza, bisanze bari habi cane. Burya birabishe gusaba inyabutongo wahora wihereza inyama.

Ikindi na co nimba ubonye uronse inyama kimwe na kimwe wahora ku nyabutongo, banza urabe neza ko uzohorana amikoro yo kwama ku nyama, uheze ugende bukebuke. Tegura ako kazoza keza, ntube muri kubu keza cane ngo buca kabiri wisange mu bindi. Mubizirikane neza bavyeyi. Ntimugire nk’abandi mutabona neza ko vyose bipanze.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion