Iryavuzwe riratashe, ng’aya amashure aratanguye. Abavyeyi baritaye ku rutare barashobora kurungika abana kw’ishure. Hari n’abatabishoboye. Ku babishoboye, ubu muriko muriruhutsa. Ariko rero ico mwomenya, ni uko hataragera aho mwiruhutsa, nyabuna hari ibindi vyuhira mutegerezwa kubandanya mukorera abo bana ku neza ya kazoza kabo. Ng’ibi ibintu bitanu mukwiye gukora, bizofasha umwana kugira ubumenyi buhagije ndetse agatera imbere nk’uko muvyipfuza.
Suzuma neza ko ibikoresho atwaye bikwiye
Simvuze ngo na bamwe babasaba ngo mubahe amahera yo kugura amakaye ya “Bluetooth”, “interrogation”, “horaire”, na “rapporteur” mubibagurire uko nyene ; (kira noneho ntibanashoboka). Oya, ahubwo burya bivanye n’umwaka umunyeshure agezemwo, uramenya neza ibikoresho akenera. Raba neza rero ko abifise bikwiye, kugira atangurire ku muvuduko umwe n’abandi ntasigazwe inyuma no kubura ibikoresho bikwiye. Umunyeshure afise ibikoresho bikwiye ntiyiga umutima umanye mu mutwe. Ivyo bimufasha ko ubumenyi abwegeranya neza kandi yorohewe.
Mumenyereze gutunganya umwanya
Abo banyeshure musubire mubamenyereze amasaha yo kuvyuka, ayo kwitegura bakagenda kw’ishure n’ayo kuruhuka. Mwibuke ko bari bamaze amezi abiri bahinduye amasaha bavyukirako. Ntihabuze abari basigaye bavyuka isaha zitatu bagafata icayi isaha zine. Subira mubamenyereze uko bakoresha umwanya neza. Ntimubikore nk’ababaturubika, ahubwo mubafashe, mubaherekeze mu rugendo rwo gusubira kubimenyera, abahinga bavuga ko bitwara n’imiburiburi imisi 21 kugira umuntu amenyere ingendo nshasha. Hari n’abavuga ko ishobora kurenga, ikaba imisi 66. Murababa hagufi rero.
Gusoma babigire umugenzo
Ntimuvyumve nabi. Iryo jambo gusoma risigaye rikoreshwa ugutandukanye, n’abo banyeshure nyene hari abaca bumva ibindi : gusoma icupa canke gusoma umuntu ( nk’indamukanyo). Jewe rero ico mvuga ntikiri muri ivyo. Nyabuna mvuga gusoma ibitabu mu ntumbero yo kubandanya banagura ubumenyi, bakarisha ubwenge.
Si ngombwa ko basoma ivyo batumwe n’abigisha gusa. Oya da. Ahubwo bafashe. Wewe wa muvyeyi utsitaye utwo kugura agatabu, ukamugurire, asome, aba “poils” ni bo bayamaze bati : “Akari munsi y’umushatsi ntikaba agasema”. Ivyo azosoma akiri ku ntebe y’ishure, bizomufasha mu mashure yiwe ndetse n’inyuma yayo, azoguma abigendera. Umunyeshure akunda gusoma n’uwutabikunda ntibaba baciyumvira kumwe. Uwusoma aba afise ukwiyumvira kwagutse kurusha uwutabikunda.
Ibi rero ntibiraba abavyeyi b’abo banyeshure gusa. N’abigisha birabaraba cane kuko umwanya munini abanyeshure bawumara kw’ishure. Narirya bavuga ko akanovera k’ubumenyi gasa n’akariko karasubira inyuma, iyi ni inzira nziza yo kukanagura mu huryo budasubira inyuma.
Ikiyago ca misi yose
Hari abavyeyi baheruka kuvugana n’abana umusi bariko babarungika kw’ishure, bakazosubira kubabaza umwimbu baronse umwaka uheze. Burya rero iyo ngendo uwuyifise yoyihindura, nyabuna akaja arabayagisha imisi yose. Akamenya ivyo bize, ibiriko birabagora, ibibatera ubwoba n’ibindi vyose bariko baracamwo. Birababaje iyo umuvyeyi n’umwana bayaga ku vy’amashure iyo hari ikitariko kigenda neza gusa.
Kira noneho umunyeshure utamumenyereje kuja arakuyagira ivyo ariko arabamwo, biramworohera guca aguma yigunze wenyene, akibuka kukuvugisha ari uko hari ikitariko kigenda neza gusa. Rimwe na rimwe, ivyo abigira iyo vyamaze no kurengerana bitacoroshe gutora inyishu. Ariko ugumye umuyagisha bikaba umugenzo wa misi yose, n’ico atazokubwira uzocibwira bitakugoye.
N’umwanya wo kwidagadura arawukeneye
Hari ababona amashure atanguye bakabwira abana babo bati: “Ubu rero ivyo gufyina birahavuye.” Imboneshakure bakazimya, amaterefone bakayabaka bakayabika, ndetse n’ibindi vyose vyo kwidagadura abana bari bakeneye bagakora ibishoboka vyose ngo biveho. Ivyo birafasha abanyeshure kuguma bashishikara gukurikirana ivyigwa. Kandi ni co kiba gihambaye. Ariko rero ivyo birakeneye kwunganirwa.
Burya kugira umunyeshure yige neza, si ukuguma ari mw’ikaye gusa asubiramwo ivyigwa. Ahubwo, harimwo n’urya mwanya aba ariko arakina, aho usanga umutwe uca uremuruka bigatuma yibagira gatoya ariko agarutse ivyo yiga vyose aca abifata nka nkama. Ivyo rero ni ukubipanga ubu umwaka ugitangura kugira bizomugirire akamaro mu mezi yose azokurikira.
Ariko rero abo banyeshure ntibaba barashobora kwibako mu kumenya gukora igikenewe. Musabwa kubaba hagufi muri ivyo bikorwa kugira babashe kwitunganya mu buryo budatuma hari igikorwa kimwe ( hagati yo kwiga no kwidagadura) gushobora kuvogera ikindi.
Izi mpanuro hamwe muzikurikije, bizogirira akamaro wewe wa muvyeyi, umunyeshure, tutibagiye n’abarezi bo bazoguma babafise umwanya munini.
