article comment count is: 0

“Izo mw’ibaro” zobura ntivyoduhanga ?

Si agaseseshwarumuri, impuzu zo “mw’ibaro” ni zo ziza imbere mu mpuzu zinjira cane mu Burundi. Mu myaka iheze, ibihugu vy’umuryango wa EAC vyarafashe ingingo zigabanya impuzu nk’izo, mu ntumbero yo gukuza amahinguriro yavyo akora ivyambarwa. Aha tugashobora kwibaza tuti: Uburundi nabwo bukwiye kuvyisunga ? Uyu mwanditsi araduha umwihwezo wiwe yagize biturutse ku kiyago yagiranye n’abagenzi.

Mu ndwi iheze twariko turaganira n’abagenzi bisanzwe, tuja twumva umwe yadutse ati: “Muzi n’amakuru ? Mu Burundi barakwiye kubuza ko impuzu ziva hanze zarambawe.” Uwundi twari twicaranye niko kumusamira hejuru amubaza ico abivugiye. Erega yamwishuye ko mu bihugu bigize umuryango, hari ababihagurukiye.

Uwundi yongeyeko ko muri iyi myaka, hari abanyamideri bagererageza, bagakora ikanzu, ipantaro, ikoti yayo n’ibindi mu mpuzu z’ibiti kandi ubiravye, zirabereye ijisho kuko ni ibitamenyerewe, naho zitanonotse.  Ku bwiwe, turakwiye guteza imbere ivy’iwacu.

Nanje aho ndi nti eyego, ariko ubwo ntibishika hakabamwo n’ibishobisho ?

Dusubize amaso inyuma

Abarundi b’aho hambere hahise, bambara impuzu z’ibiti. Ivyo biti vyaba ari imimanda, bamwe bita imivumuvumu canke imihororo. Bari bafise ubuhinga bwo guhonda ibishishwa vy’ivyo biti, bikanoga, mu nyuma bakambara bakaneganega. Izo mpuzu mugabo ntizakorwamwo ibutura, ipantaro canke ishati n’imipira nk’uko tubibona ubu.

Uko ibihe vyagenda, ni ko imideri yahindagurika. Mbere Reta y’Uburundi ihava ishiraho ihinguriro ry’impuzu, COTEBU ku wa 16 Munyoyo mu 1978. Iryo ryaje rikoresha ipampa ryimburwa kandi rigahingurwa n’ishiramwe COGERCO. COTEBU yahavuye yugara ku wa 21 Gitugutu 2007. COGERCO yo iracariho, naho itakironka umwimbu nka kera. Mu 2010 haravutse ishiramwe ry’abigenga AFRITEXTILE ryaguze iryahoze ari COTEBU ryakoresha ipampa ryo mu Burundi n’iryo hanze.

Umwimbu udashemeye

Umwimbu w’ipampa mu Burundi wagiye uragabanuka cane. Umwimbu mwinshi iryo shirahamwe rimaze kuronka ni amatoni 8.813, hari mu 1993. Mu mwaka w’2020 ibiharuro vyabonetse ntibihumuriza kuko ipampa ryimbuwe ni amatoni 777, bikaba vyatumwe n’uko hari habaye umwuzurira. Eka no mu myaka yakwirikiye umwimbu ntiwaduze cane.  Ivyo bituma ishirahamwe AFRITEXTILE ryasubiriye COTEBU ridashobora kuronka ipampa rikwiye mu Burundi, kuko rikenera amatoni ibihumbi 12 ku mwaka.

Tutagiye mu biharuro birebire, no mugihe ishirahamwe COTEBU ryari rigihingura ibitambara bikorwamwo impuzu zitandukanye: ibitenge, umwambaro w’abanyeshure n’izindi, hari ibitambara vyo kubariramwo impuzu zitandukanye canke impuzu zikoze zava hanze zinjira mu Burundi. Ikindi mwomenya, ni uko  n’izo twita “Vayura, chagua, kombokombo, bahereze, …” zaguma zidandazwa.  Mu 2023 hinjiye amatoni arenga 15000 y’ivyambarwa (ivyambarwa muri rusangi Ndrl) atari bishasha, bikaba vyari bifise agaciro k’imiriyaridi zababa 50 z’amafaranga y’Uburundi.

Twihweje ivyo twabonye iyo hejuru, tukabona ko impuzu zambawe zitera zigwira mu kwinjira mu gihugu, biratahuritse ko zihurumbirwa cane. Kira noneho turabona ko no mu gihe Uburundi bwari bufise ihinguriro COTEBU ryifashe neza, bene izo mpuzu ntizaretse kwinjira mu gihugu.

Kuvuga reo ngo Uburundi bubuze impuzu zambawe kwinjira kudandazwa mu gihugu, vyogorana. Mu gihe ihinguriro ry’impuzu mu Burundi ritarashobora kwambika Abarundi bose, abishoboye bikora kuri nshasha zivuye hanze, abandi na bo bakagura izo bahavuye bita “Vayura”.  Si ukubera ko Urwanda, Tanzaniya n’Ubuganda vyafashe iyo ngingo ko ica iba na hano iwacu. Kira noneho no mu gihugu ca Kenya iyo ngingo ntiyakunze.  Abiyumvira nabo gukora impuzu z’ibiti, bibuke uko Uburundi bungana. Ibiti vyokenerwa n’uku kuntu amatongo yaze ntivyoba bike.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion