article comment count is: 0

« Igipolisi kizira igiturire » : umugambi wahereye mu civugo gusa ?

« Igipolisi kizira igiturire », ico ni co civugo kimaze umwaka urenga gikoreshwa n’urwego  rw’igipolisi mu bisata vyaco bitandukanye. Ukibona aho vyanditse, uca ubona ko ari uruganda sindamusiga rwo gutuza ingeso yo kurya ibiturire mu rwego rw’igipolisi. Yamara Korineza Eddy wewe agira ati : « Ihibambe we ! N’ayakarimi gusa ».

Imbere y’inama nshingamateka mu mpera z’ukwezi kwa kigarama 2016, umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ko habonetse akarusho mw’uwo mwaka, mbere n’abapolisi 70 bakaba barirukanywe bivuye ku ngeso y’ukurya ibiturire. Ivyo rero bikaba ari ivyo gushima. Ariko ngo  “ntanyambo ibura agahonzi” kandi ngo “ntamwonga ubura isato, iba idahizwe”; impinga iracari ndende kuvyerekeye gutuza iyo ngeso yo kurya igiturire, na cane cane muri ba bapolisi bakorera mu mabarabara nyene.

« Inkuru mbarirano irutwa n’iyo wiboneye »

Wa wundi ngo uwugenze arabona , mu minsi ya pasika ihise, ni ho nafashe urugendo runshikana hagati mu gihugu, nciye mw’ibarabara rya Bujumbura-Matana. Mu ngendeshwa twarimwo hakaba harimwo abapfasoni babiri bamuka mu gihugu kibanyi ca Republika ihanira demokarasi ya Congo. Tukiri mu nzira, ntitwatevye gushikira abajejwe umutekano, hama badusaba ibituranga, twese turavyerekana, ariko bano bapfasoni bakaba bari bafise ivyo mu gihugu iwabo hamwe na rwa rupapuro rwitwa « mureke arengane ».

Ni ko guca babururutsa imodoka, ibiganiro bica biratangura mw’ibanga nta ngere.  Haciye umwanya utari muto, ni ho babareka. Ba nyakuntunga baca bashika batuyagira n’umubabaro mwinshi ayo bahaboneye. Erega bahasize ibihumbi mirongo itandatu vyose kugira babareke ! Kandi rero nta n’urupapuro rwemeza ko ryoba ari ikori n’impamvu baritanze babahaye, bisigura ko n’imbere bashobora guhura n’abandi bakabagira gutyo.

Bene imodoka babibonye uko, baca baka ba bapfasoni amafaranga ibihumbi cumi, kugira baze kwiganirira na bene kuduhagarika nitwasubira kubashikira. Ntivyatevye ! Twapfuye kubashikira, uno yitanganiza kubaramutsa bica biherera iyo.

Maze kubibona uko, ngira nti kumbe barabizinanyemwo, kuko na none nta wokwibwiriza kw’ashika abahereza ata co baramusaba, mu gihe batari basanzwe bamenyeranye mu bubisha mwe n’ubwo.

Ngo « murumviriza ivyo mvuga, ntimurabe ivyo nkora »

Ndetse n’ako karorero k’ivyo niboneye n’amaso yanje, nta wobideha, ingeso yo gusaba ya noti y’amafaranga ibihumbi bibiri ku bapolisi bo mu mabarabara ntaho iraja.

Kuba rero umushikiranganji yishimira ko hari abapolisi 70 gusa bamaze kwirukanwa, jewe mbona ko ari nk’akatsi kamaze gusokoka ku nzu. Nkaheza nkiyumvira ko kumbure ubushikiranganji bujejwe abo bapolisi bwogwiza imikenyuro muri urwo rugamba, nayo ahandi ho, kuzoba ari ugukingira ikibaba bene kwigenza nabi.

Nk’akarorero, ni kubera iki ubwo bushikiranganji butoshiraho inomero yokwandikwa kuri buri modoka yose, canke ku vyapa bitandukanye, mbere abanyagihugu bagashobora kuyirungikako ubutumwa canke bakayihamagara mu gihe babonye umupolisi yatse igiturire ? Ivyo vyotuma hafatwa benshi, abandi bakabiheba, hama umutekano w’abiyunguruza ugakingirwa bikwiye.

Ku rundi ruhande, harakenewe umugambi munini cane w’inyigisho kuri bose, zijanye n’uruhara rw’umwe wese mu kurwanya igiturire.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion