Mu mwaka w’1998, muvyaranje yateshejwe ishure yiga mu wa gatanu. Nyina ari we senge yamuhindiye ku mugabo, umwana aba abaye umugore yari azi ko buca aja kw’ishure. Abantu bose barahoreranye, ngo umukobwa araranye n’umuhungu aba abaye umugore. Urwo rugo yararugorewemwo, ahava arata aromoka n’utwana tubiri. Ng’uyu umubabaro mfise, ishavu mfitiye senge, n’imico yatumye muvyaranje abona ayari hano.
Imyaka maze kuri iyi si, narabaye mu bihe bihimbaye, nk’uko nabaye mu bihe bibabaje. Umusi mubi urabaho, kuko nawubonye irya mbere umusi bambarira komuvyaranje Francine*, nyina yamugemuye ku mugabo.
« Mon frère’ (muvukanyi), ca gipfu senge cagemuye Francine ku mugabo. Wumve ibintu adukoreye nyakurenzwa ivu ! Hapfa abantu bazima aho ari we rwotwaye kurya kuzimu. Ubu Francine yitwa umugore, n’ubuto n’akantu ! »
N’umubabaro uvanze ishavu rirenze, ayo ni amajambo ya mwenewacu yamenyesha ko umwana yiga mu wa gatanu, yasa n’irirenga kandi mw’ishure yabitora neza, yagizwe umugore ku myaka 13. Yariwe na nyina yamwibungenze, akamutera igise, akamwonsa, akamuheka, akavyirura.
Nanka kubesha, uwo mwanya icari kunyereka uwo senge, sinzi ico nari kumugira. Nari nkuze niga mu w’11.
Uwararanye n’umuhungu aba abaye umugore
Guterurwa no guterura vyaraba (nimba n’ubu bitariho), mugabo ata muvyeyi abifisemwo uruhara. Emwe ! Twese aho duciye twaramaramara. Ico twakora kwari ukwidoga gusa.
Icagiye kunsonga narataye amaso ngo mbonye uwo yitwa ngo ni umugabo wiwe nsanga araba nk’imbwa isara. Yari umuntu w’igito cane n’abiwabo batemera. Ico yari azwiko kwari ugusinda, akama aborewe, kira noneho n’ukwiba ntiyabigera umutwe. Gushika ubu ndacibaza ico yahaye senge ngo akore ivyo bintu nkabura.
Umwana yarahagorewe, yibarutse kabiri ahava arata aromoka. Yama ku mahiri. Bwa bwiza aho bwaciye! Umukobwa arafutana! Aca yitwa igisubiramuhira akiri ikibondo. Francine yari ateye ikigongwe cane.
Icari gitangaje yagumanye urukundo rudasanzwe. Akaja mu manza z’incuti. Jewe yari umuvukanyi mwiza akanyagira twinshi, akarira nkabona ko aruhutse, ati: “Nta muntu ndirira! Wewe ndakwugurukira kuko tuvukana. Ishavu n’agahinda bizokwama biherera mu nda. Nariwe na mama wumva nsigaje nde? Mugabo Imana izomumpere igihano abereye.”
“Naravyakiriye ni vyo nandikiwe!”
Francine ubu aribana, kw’itongo kwa se. Uwo yahoze yitwa umugabo wiwe yahavuye apfa. Nyina wewe aho yamugirira ivyo vyose yari mu rundi rugo, kuko yamwibarukiye iwabo. Ba bana biwe amashure barayarembeje. Abavukana na se barabafasha ibikenewe vyose, kandi n’umuvyeyi wabo yararemye. Yarasubiye kugarukana bwa bwiza.
Urukundo ni rwo rumugize, kandi twese incuti yama atubwira ko yababariye nyina ati: “Naravyakiriye ni vyo nandikiwe. Kandi ubu iyo ndavye abana banje barampoza. Mukuru agira ayaheze. Bazonyambika agashambara. Ubu ndatwenga mu bandi bavyeyi kandi umuryango wabo ntiwandiye, barandabira abana.”
Naho “yavyakiriye”, jewe nama niyumvira ukuntu twaretse umwana akaba muri ubwo buzima. Kubona ko umwana yararanye n’uwumufashe ku nguvu aca agumayo, ni vyo bikinshegesha. Ivyo kandi ngaca nibuka ko nakuze ndavyumva, ukamengo ni ibisanzwe ni co kinsonga.
Ubu nkuze, kandi maze gutahura ico ari co agateka k’umuntu, na canecane amabi akorerwa abakenyezi, numva nitako ibirake. Ahandi na ho nkumva ako ari akarorero kamwe muri bibi vyari mu mico y’Uburundi.
Ubona ko ata mwonga ubura isato, dukenyere tube maso ntihabe hakiri abantu bagiterurwa. Uwobikora ahanwe ku rugero rwo hejuru.
*: Izina ryahinduwe