Ikiyago ku nyigisho ndorabitsina hagati y’umuvyeyi n’umwana wiwe, abe akiri mutoya canke umuyabaga, ni ntangere. Aho kitabonetse, ingaruka ntizisiba kwigaragaza. Erega aba yamenye ibitari vyo, akitwara ukutari ko yibaza ngo ni vyo bibereye. Elias Bagirimana, yanonosoye ibijanye n’inyifato, arabituyegira, anatwereke ibintu bitanu vyokorwa kugira ngo ico kiyago kigire umusaruro.
Abana batoya bati: « Mbe ma, umwana ava he? » canke: « Mbe dawe ko jewe mfise akana ariko Kigeme atagafise? »
Bageze mu bayabaga, umuhungu ati: « Ngize ndavyuka nsanga nisohoyeko ibimeze ukuntu.»
Umukobwa na we akabaza ati: « Mbe Ma ko ndiko ndava amaraso mu gisabo noba nakomeretse? »
Uko utwo tubazo tubura inyishu mu muryango, ni ko umwana canke umuyabaga aca aja kuronderera inyishu hanze. Aho ni ho aca ahera yitura urunganwe (kw’irigara) canke imbuga ngurukanabumenyi. Kenshi na ho, usanga ahakura n’inyishu atari zo.
Nimutere intambwe ya mbere
Hari abavyeyi barindira ngo umwana azogire ico ababaza. Umuvyeyi ntamenya ko umwigeme wiwe yagiye mu butinyanka kubera ko batigeze baganira. Ugasanga umuvyeyi ntazi ko umuhungu wiwe asigaye afise umukobwa « bakundanye ». Aho rero ni ho abavyeyi bakwiye kugabira. Abavyeyi bari bakwiye kuba hafi y’umwana, uko akura akaba ariko bagenda baramusigurira ibihe agiye kwinjiramwo mu bijanye n’ubuzima ndorabitsina, gutyo umwana akazobishikamwo azi uko avyitwaramwo.
Ntimuhunge ikibazo
Bishitse umwana akababaza ikibazo, ntimutangure kwiyumvira ko umwana wanyu yamenje canke ariko arashegura. Ha kumuturubika canke ngo mumuzibagize, mwihatire kumwishura.
Iyo atishuwe, aca aja kuronderera inyishu ahandi. Aho na ho ashobora kuhakura akarambaraye. Bishitse mukaba mudafise inyishu, canke bikabagora kwishura muri uyo mwanya, mwomuha irindi sango, nk’akarorero womubwitira uti: “Mwana uraza ejo tubivugane.” Gutyo, umuvyeyi araronka umwanya wo kurondera inyishu n’amajambo abereye azobimusiguriramwo.
Muhe agaciro ikibazo
Hari utubazo umwana ashobora kubaza abavyeyi bagaca batwenga canke bakamwishura bongorera nk’aho yoba avuze ibiterasoni. Naho ivyo yoba ababajije mwosanga bitwengeje, ihangane ntimutwengere imbere yiwe. Yohava yibaza ko ikibazo abajije ata gaciro gifise kandi yakibajije bivuye ku mutima.
Ha kumugwiza n’ubusa, mwereke nyabuna ko abajije ikibazo ciza cane, ko uryohewe ko akubajije ico kibazo. Umwana aca yisanzura ku bavyeyi akabona ko ata kibazo na kimwe kimubakiye atobatura. Aho ni ho ikimuzazaniye cose atazogira ubwoba canke amakenga yo kukikubaza, gutyo ube umukingiye kuja kuvundurura ibitari vyo mw’ibarabara no mu “marigara”.
Rondera kumenya ivyo umwana azi
Umuyabaga akubajije ati: « Intanga ni iki? », canke umwana akakubaza ati: « Umwana avahe? », imbere yo kumusigurira n’ubanze urondere ico azi kuri ico kibazo akubajije. Mubaze ati mbe weho mwana wumva babivugako iki? Mw’ico gihe azokubwira ivyo yavyumviseko, maze uronke aho uhera mu gukosora amakuru afise atariyo, uronke n’aho uhera mu kwunganira ivyo azi, canke kumwigisha ivyo atazi.
Domako
Hari abavyeyi bariko barigisha abana babo bumva batokwubahuka kuvuga igihimba c’irondoka mw’izina. Umwana w’umuhungu agakura azi ko inzanyi bayita agahungu, amatengatwa na yo ari amagorori. Umwana w’umwigeme uko nyene ugasanga azi ko ighimba c’irondoka ciwe bacita akigeme. Ugasanga hakudomako kw’izina nyene, barakikirira.
Mu gihe utanguye gukikiriza, uko akura kumva uko abandi bavyita, bizotuma agutera icizere, yishiremwo ko ivyo wamubwiye vyose wamubeshe, ace atangura kwizera ivyo yumva mw’ibarabara.
Mw’ico kiyago, ntimwibagire kubaza ko umwana yatahuye. Aho yadidaniwe mumufashe kumutahuza. Nitwabikora uko twese, abana n’abavyeyi, tuzoba turiko turakinga za ngaruka mbi ziva kukutamenya mu bijanye n’ubuzima ndorabitsina.