article comment count is: 0

Intahe: “Uko natsinze urugamba rwo kujanwa ku mugabo ku nguvu”

Abigeme barashobora kwubaka canke bakaja mu buhumbu kubera ubukene. Hari naho abavyeyi ari bo babigiramwo uruhara, mugabo uwufise ishaka ryo kwigumya agahereza kunezerwa nk’uko vyashikiye uwu mwigeme wo mu ntara ya Karusi.

Nari mfise imyaka 16. Sinipfuza kurongorwa kandi nta vyo niyumvira kuko sinari bwanagere mu bigero.” Ivyo bivugwa na Evelyne*, umwigeme w’imyaka 20 atuyagira uko nyina wiwe yagerageje kumujana ku mugabo ku nguvu mu 2017. Ico gihe baguma bamutuka ko ataco azovamwo. Yari mu gahinda, kubera ko abo bangana bari mu mashure yisumbuye, mu gihe we atari azi gusoma no kwandika. 

Iyo ntambara yayirwanye mu bunyakamwe. Icamubabaza cane ni uko abandi bana bane bavukana baronse amahirwe yo kuja kw’ishure nawe akaguma ng’aho. Kuva agifise imyaka 10, Evelyne ni we yakora ibikorwa vyose vyo muhira nko kurima, kuvoma, gusuma, guteka n’ibindi. 

Kurongorwa atarabona n’ubutinyanka ?

Ibikorwa yaravyihanganiye, mugabo kubona nyina amubwira ko ategerezwa kuja kurongorwa, akanamwereka umuhungu ryari ibara. Umukobwa na we niko kwanka, amubwira ko ataragera kuja mu rugo, kandi na nya musore atamukunda.

Aho hose ntiyari bwaje no mu butinyanka, aca ajayo uwo mwaka nyene atazi n’ivyo ari vyo. Akagira ati: “Mama ndamubwiye ikibazo mfise yambwira ko ataco ndamubaza kuko nanse impanuro ziwe. Abigeme tungana bagiye mw’ishure ni bo bambariye ivyo ari vyo, bahava baza barampa udutambara nkoresha.

Mugabo ivyo ntivyamaze umwanya munini kuko na bo babigurirwa n’abavyeyi babo. N’akababaro kenshi ati: “Sinashobora kwigurira udutambara tumfasha ngiye mu kwezi. Nakoresha amababi y’ibitoke.” 

Niko guta akomoka…

Mu 2018, ni ho yafata ingingo yo kwomoka kuko yumva ko ubukene buzohava butuma adohoka, agata ibanga. Yarangiwe akazi na mugenziwe yari asanzwe akora akazi ko kurera abana mu gisagara ca Bujumbura. Ni uko agenda yinyegeza, ku buryo umuryango wagiye kubimenya aja yashitse mu gisagara ca Bujumbura. Nyina yaridoze ariko birateba birahera. Uri uwundi, na rirya yari aronse akazi agakeneye, yaragakoze birashimwa. 

Agihembwe ukwezi kwa mbere, yaciye atangura kuziganya. Intumbero yiwe kwari ukuja kurondera umutahe wotuma ashobora kwiyungunganya. Inyuma y’umwaka n’igice, Evelyne yari amaze kwegeranya amahera 360 000. Akagira ati: “Mbonye nkwije ayo mahera naciye mfata ingingo yo kuduga kuko nabona ko nshobora kudandaza hanyuma nkigurira utwo nkeneye.”

Evelyne niko kubigenza atyo. Ubu adandaza ibitoke iwabo i Karusi kandi arafasha abavyeyi biwe bakabishima. Nk’uko avyemeza, arikeza kubona yararwanye urwo rugamba akarutsinda. Agahanura abakobwa bari mu bukene ko bokwigumya, kuko na we nyene “yarigumije, aramererwa nabi mugabo ubu ariruhutsa”. 

*: izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion