Kwigenekerezo rya 13 uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi wahariwe abakoresha ukubamfu. Bamwe babona ko ivyo ari ubumuga, mbere hakaba n’abo bizanira ingaruka mbi. Ariko, ubushakashatsi bwerekana ibitandukanye n’ivyo.
Wewe uriko usoma kino gisomwa, ndibaza uramaze kwumva bivugwa ngo : « uno musi natanguje ukubamfu mu kuvyuka ». Biba bigomba gusigura ko uwo musi, uwo muntu ariko ahura n’ibintu bitari vyiza vyoba vyavuye ko yavyutse nabi. Mu yandi majambo, « gutanguza ukubamfu mu kuvyuka » ni nk’ « ikimenyetso kibi c’uko uwo musi uza kugenda, gutombora nabi canke mbere gutora umukoshi ».
Abemera Kirisu nabo bati: « abakoreye Imana izobashira i buryo bwayo baharonkere impera idahera ». I bubamfu naho bica vyumvikana ko hagenewe shetani canke abatakoreye Rugira. Womenga « i bubamfu ni ah’abanyamakosa, haba kw’isi canke mw’ijuru ». Utwo turorero dusa n’utwerekana ko gukoresha ukubamfu bisa n’ubumuga canke hakaba abavyitiranya canke bakabifata nk’ibintu bitameze neza. Ivyo rero ntivyijana biratera ingorane zitandukanye.
« Naratwawe « ubuntu » bwanje »
Karaveri* ni umusore w’umuyabaga ariko ararangiza amashure yiwe ya kaminuza. Ibikorwa vyose akora abikoresha canecane uruhande rw’i bubamfu, yaba ukuboko canke ukuguru. Vyose…uretse kwandika.
Kuri we, ukuba akoresha ukubamfu, ngo ntangorane n’imwe bimuteye. Ariko si ko vyamye ; ati : « ngitangura amashure y’intango, abigisha bambonye mfatisha ikaramu ukubamfu, bambwiye ko ntegerezwa guhindura, nkandikisha ukuryo ; kuko ngo ‘’kwandika ni ukwandikisha ukuboko kw’i buryo gusa’’. »
Ariko rero ntivyamworoheye ; « igice c’umubiri gisanzwe kibangutse kuri jewe ni ububamfu. Vyarangoye cane, kuko naja ndakuranya, nandika nkoresheje ukuryo hama vyanse ngakoresha ukubamfu, gushika nyarutse, mpamvye abandi. Nagiye kubimenyera ngeze mu mwaka wa gatatu. »
Noneho ati nararenganijwe ; « ndabifata nk’akarenganyo nagiriwe, kuko nta kuntu bari kumbuza kwandikisha ukuboko nsanzwe nkoresha ibindi bikorwa vyose, bakabimpatirako kandi babona ko bingora. Vyari kumpimbara iyo mba nandikisha ukubamfu, nk’uko ndagukoresha no mu bindi. Mugabo, ubu ntavyo noba ngishobora. Ivyo vyose bikaba vyantumye ntakaza ukubanguka mu gice c’ububamfu, niyumva ko umenga naratakaje akarangabuntu kanje. »
Ariko…
N’aho ibintu bimeze uko, ubushakashatsi bwo buvuga ibindi. Mu cigwa cakorewe mu gihugu ca Australie, abantu bagera ku bice 15 kw’ijana vy’ababa kw’isi yose, ngo boba biyumvira n’ingoga na n’ingoga bivanye n’ukugene ibihimba bigize ubwonko bwabo bikorana.
Ivyo biraheza bikabafasha gutahura no kugira ico bakoze ku kintu cose kibashikiye, mu kanya isase. Iki ni naco gisigura ingene abantu bakoresha ukubamfu biborohera mu nkino zo ku mbuga ngurukanabumenyi canke ku mboneshakure (jeux vidéo), eka mbere no mu nkino z’ ukwinonora imitsi.
Icigwa cagiriwe muri kaminuza y’i Stanford muri Reta zunze ubumwe za Amerika, naco cerekanye ko abakoresha ukubamfu bama biyumvira ko ibintu vyiza vyama mu bubamfu, bibi navyo mu buryo, kandi ivyo biguma uko naho imvugo canke imigenzo y’aho babaye yo yoba ivuga ibitandukanye n’ivyo.
Hari n’ibindi vyigwa bivuga ko abantu bakoresha ukubamfu boba bafise ubushobozi bwo kwiyumvira mu nzira nyinshi (pensée divergente) ibibatuma bashobora gutorera inyishu nyinshi ingorane imwe.
Ivyo vyose ni ibiza kwerekana ko umuntu, yaba uwukoresha ukuryo canke ukubamfu, bose bafise impano zabo zikwiye kubahirizwa gutyo. Nayo jewe nkarangiza ngira nti : umusi mukuru mwiza kuri mwebwe mukoresha ukubamfu ! ». Impundu ntibungwa ; Siko ?
Ntubeshe nukuri
Merci beaucoup
Je vyose nkoresha ukubamfu nukuri ivyo muvuze vyose birukonyene ndabishigikiye!!biruko mwabivuze
Turatahuye. mubandanye mutugirira ubushakashatsi no mu bindi!
Moi aussi jsuis gaucher j’ai vécu toute ces difficulté heureusement que j’en suis B1 sortie j’utilise mes membres gauche partout et ds tout mais il y a tjrs des humiliation que nous affrontons lié aux coutumes et aux croyances ds certains communautés
kwariko NDIHO aba yaramuremye izo nsiguro zihuriye kuki n’ivyiyumviro vya NDIHO