Kuri uyu wa 8 Rusama 2025, mu masaha y’umugoroba, inkuru y’umwotsi wera umenyesha ko umwungere wa Ekleziya Katorika yatowe yakwiragiye hose. Hafi inyuma y’isaha uwo mwotsi ubonetse, uwatorewe iryo banga yamenyekanye : Robert Francis Prevost, umukaridinari akomoka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. None uwo mu Papa agira 267 ni nde ?
Uwo atowe kuba Papa kw’izina rya Léon wa XIV, amazina yiwe ni Karidinari Robert Francis Prevost. Yavutse ku wa 14 Nyakanga 1955 mu gisagara ca Chicago, muri Reta ya Illinois mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Uno musi afise imyaka 69. Yavukiye mu muryango w’abavyeyi bakomoka mu bihugu bitandukanye: se yari Umufaransa akomoka mu Butaliyano, nyina na we akaba yari akomoka mu gihugu ca Espagne.
Yize ibiharuro muri Kaminuza ya Villanova, aho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo mu 1977. Uwo mwaka nyene, yinjiye mu muryango w’abihebeye Imana bitiriwe umweranda Ogustino, aho yasezeraniye indagano za burundu mu 1981. Yarabandanije yiga, mu nyuma aca aronka urupapuro rw’umutsindo “Master of Divinity” muri Catholic Theological Union i Chicago, hamwe n’iyindi yo mu mategeko y’idini (droit canonique) kuri Kaminuza Saint-Thomas d’Aquin i Roma.
Akomeza urugendo
Inzira y’ubutumwa yayitanguye mu 1982 aho yimitswe nk’umusaseredoti, aca abandaniriza mu gihugu ca Pérou mu 1985 nk’umumisiyonari w’Umuryango witiriwe umweranda Ogustino. Yajejwe amabanga atandukanye harimwo kuba umunyamabanga mukuru wa diyoseze (chancelier) mu karere ka Chulucanas kuva mu 1985 kugeza mu 1986.
Kuva mu 1987 kugeza 1988, yaranguriye ubutumwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk’umusaseredoti ajejejwe kwigisha abihebeye Imana n’Ubumisiyonari muri Reta ya Chicago mu nyuma aca asubira mu gihugu ca Perou aho yashitse arongora iseminari yitiriwe umweranda Ogustino i Trujillo yongera aba umwigisha w’amategeko y’idini n’ayandi mabanga menshi.
Mu 1999, yarasubiye i Chicago maze atorwa kurongora umuryango akukira muri diyoseze nkuru. Imyaka ibiri yakurikiye, yaciye atorwa nk’umurongozi mukuru w’uwo muryango ibiringo bibiri vyikurikiranya kugeza mu 2013.
Aca yizerwa i Vatikano
Mu 2014, Papa Francisko yamugenye nk’umuyobozi wa diyoseze ya Chiclayo muri Pérou, aho yahavuye yimikwa nk’umwepiskopi mu 2015. Aho ni naho yaherewe ubwenegihugu bwa Pérou nk’agashimwe k’ukwitanga kwamuranze muri ico gihugu yakoreyemwo imyaka myinshi. Yabaye kandi icegera c’umukuru w’Inama y’Abepiskopi ba Pérou hagati y’umwaka w’2018 n’2023, aho yamenyekanye mu bikorwa vy’ugutuma amahoro aganza mu gihe igihugu cahura n’ingorane za poritike. Yagize uruhara rudasanzwe mu butumwa bwa Ekleziya muri Amerika y’Epfo, harimwo no kuba umwepiskopi wa diyoseze ya Callao mu 2020-2021.
Mu 2023, Papa François yamugenye kuba umukuru w’ico bita “Dicastère” y’abepiskopi i Vatikano, aho mu vyo yari ajejwe harimwo amabanga akomeye yo gutora abepiskopi bashasha.
Ku wa 30 Nyakanga 2023, yagenywe kuba Kardinali, ashirwa no mu nama nyinshi nshingwabikorwa i Vatikano, harimwo n’iyigenga igihugu ca Vatikano (“Governatorato” mu rurimi rw’Igitaliyano), ivyo bikagaragaza ubwizigirwa Papa Francisko yamubonamwo.
Mu majambo ya mbere yavuze nk’umwungere wa Ekleziya, yibanze ku bumwe, amahoro n’ukwihanganiranira. Azwi nk’umuntu atekereje, avuga make, ariko afise ubwitonzi n’ubuhinga mu burongozi. Nk’uko vyashikirijwe n’abandi bepiskopi, ni umuntu yumviriza abandi kandi afise ingabire yokuzirikana mu ncamake ibintu vyinshi.
Papa Léon wa XIV agize umupapa wa kabiri avuye ku mugabane wa Amerika, akaba ari uwa mbere akomotse muri Amerika ya ruguru, uwa mbere akomoka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Avuga indimi nyinshi harimwo icongereza, igifaransa, igitariyano, “espagnol”, “portugais”, ikidagi n’ikilatini. Arakunda inkino harimwo “tennis”, gusoma hamwe n’umuziki.