article comment count is: 6

Nyakwubahwa Prezida, vyabindi umenga ntibizokunda…

Muri ino misi mu gisagara ca Bujumbura eka n’ahatari hake mu gihugu hagati, haribonekeza icikagurika ry’amatara, ibura canke umurindi muto wa connexion ya interineti. Uno mwanditsi akaba yahisemwo kwandikira Umukuru w’igihugu akabaruwa kugira ngo agaragaze amakenga yiwe afatiye ku cipfuzo c’umukuru w’igihugu c’uko umunwa wose uronka ico ufungura, umufuko wose ukaronka amahera. Akabona ko bibandanije uko, ico cipfuzo kizohava kidashika. 

Nyakwubahwa, 

Mu cubahiro canyu ndatanze bwakeye canke mwiriwe bivanye n’aho musomeye kano kabaruwa kanje. 

Ndi umusore yahejeje kaminuza ariko arirwanako mu gisagara ca Bujumbura ngo arabe ko yobaho ; umwana w’igihugu arajwe ishinga n’uko gitera imbere. Ariko n’ubwo bimeze uko intambamyi si nke. 

Urazirikanye muhanyi, twese ntituri kandi ntitwoba abarimyi muri kino kinjana tugezemwo. Namwe nibaza ko atarivyo mwipfuza kuko mwama mutera intege abarundi ngo barangure imigambi y’iterambere itandukanye. Imwe muri iyo migambi y’iterambere rero irakenera ko umuntu aba afise umuyagankuba ugumaho na interineti nziza. Yamara ivyo turiko turabamwo birababaje. 

Karazimye karatse irampomvya

Jewe nsanzwe mba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Ndi muri babandi bafise ibiro vyabo muri ngendanwa no muri nyabwonko zabo. Aho mperereye, umuyagankuba uza uragenda ugaruka kandi ugasanga nko mu mwanya nategerezwa kuba ndiko ndakora, umuyagankuba siho uri akanya kanini canke ukaza nabi nabi ku buryo ntashobora kumara akanya gakwiye ntekanye ndiko ndakora. Aho ndavuga nk’amasaha y’umutaga. Kimwe mu vyiyumviro binzamwo iyo nikanguye mu gatondo ni : « Mbe uyu musi hoho nkorera hehe ? » 

Kubera ko ntanguye kwigira imbere gato mu myaka, sindi bwame nja gusaba abagenzi baba aho umuyagankuba utagenda cane ngo bampe aho nkorera bintera isoni kuko nabo mba ndiko ndabagora. Rimwe na rimwe biba ngombwa ko niyumvira ahantu mu gisagara hagati nja gukorera. Naho kenshi aba ari mu bunywero bakagusaba ko uhicara watumyeko ico ufata. Ico naco, si nko mw’i karitiye, kirazimvye aho hantu. Rero iyo vyagenze gutyo nkirigwa ngaho ngatombora umunwa ukaba waronse ico ufungura, wa mufuko nashaka ko uronka amahera nawo ntibiheza bigende neza kuko itike n’impamba biba vyatwaye ayatari make. 

Nivyaba rero ari uko, ya mafaranga ndonka ari ayo gufungura gusa, murambabarira nzoba natahuye nabi umugambi. Je nagira ndayaca ndonke ico mfungura n’ico nkoresha mu gutunganya iyindi migambi. Ariko kuri benshi usanga n’utwo baciye tubazana kubaho ku musi ku musi.

Ibibazo ntibiba ivyo gusa

Naho mba nageze aho umuyagankuba utagenda cane, ibibazo vyanje ntibiba biheze. Bisaba ko nsanginza connexion nyabwonko yanje nkoresheje ngendanwa yanje, burya biraba ikibazo kitoroshe kuko nayo nyene umenga yatahuye nabi wa mugani ngo bukebuke nirwo rugendo. Interineti dukoresha mu Burundi ku mutaga abenegihugu baridoze bararuha barateba baravyakira ariko yamara biriko birasubiza inyuma igihugu kuko isi yo iriko iriruka.

Reka ndire nihorere kuko n’ubwo binzimba ndashobora kurondera iyo nja umusi ugahera.  None bamwe basya ibigori n’ubududu, bamwe bamwa, abasudira, abakoresha za secrétariat n’ibindi bikenera umuyagankuba bobo bite ? Baca bategerezwa kwirigwa ngaho nka ba bagwayi bo kw’iriba ry’i Betsaida barindira ko umumarayika amanuka rimwe na rimwe kuzikurura amazi hama baheze biterereyo ngo bakire.

Ntibizobatangaze rero mubonye abarundi benshi bariko baca ku biti no ku mabuye ngo basimbire mu mahanga kuraba iyo ubwatsi bumera. Hano biriko biragorana. 

Twagira ngo kirakemutse ariko…

« Ni ukuvuga ko nka komine Ntahangwa yokwatsa ? », iki nico kibazo mwabajije umuyobozi mukuru wa Regideso igihe mubagendera ahantu hari amamashini yatanzwe n’umugambi w’Ubumwe bwa Buraya yari yarahagaritse gukora kandi ushoboye gutanga Megawati zirenga 5. Ico gihe bari bemeye ko ama mashini agiye gusubira gukora no gutanga umuyagankuba muri iyo ndwi nyene. 

Inyuma y’aho gato nasimbiye ruguru erega ngarutse, nsanganirwa n’inkuru nziza ngo amatara ntagicika muma sasita y’ijoro. Erega nivyo koko narabibayemwo akamwemwe karansya biranyanka ndanabashira kuri statut nti muhezagirwe ! Ariko, ubu siko bikimeze. Ni karazimye karatse ku mutaga no mw’ijoro. 

None izo ngomero z’umuyagankuba tuguma twumva ku matwi, ntizobaho hama zigakora co zagenewe ? 

Kuba mwarahaye Regideso ububasha bwo kuzana igitoro mu gihugu vyatangaje benshi kuko bamwe bibaza ko vyaciye binagabanya n’utuguvu na duke yariko irashiramwo muvyo ijejwe ari vyo gutanga umuyagankuba n’amazi. Ehe ndavuze amazi n’igitoro…

Nyakwubahwa, amajambo yombana makene canke ngahava nsanga nanyereye ku rurimi ariko gire ico mukoze kuko atari uko, rya hangiro ryanyu ry’uko umunwa wose uronka ico ufungura, umufuko wose ukaronka amahera, kurigerako si ubu.

Murakoze. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Umuyagankuba burya ntucika muburaruko bw’igisagara gusa kuko no migisagara hagati n’uko nkanje nkorera muri Ville hagati ariko umuyagankuba uguma ugenda ugaruka.Tugarutse k’umuvuduko Wa Internet ho n’amayobera umuntu ntaronka n’icavuga

  2. Ama mega aherutse kuduga ibiciro,ariko urazimbwa agahera atanico akumariye kubra kubura umuriro mur terefone,nako kanoti kakuronder bac bakubura…emw n’urudubiii …Se Barundi nagire icakoze

  3. Umuvuduko wa internet abajejwe imihora yo gutumatumanako amakuru nibabirabe turateye isoni, na connection ya 4G ubu ntikinyaruka irikwega nayonyene