Hambavu vyatumye Uburundi butaha zirayoye mu mahiganwa ya #CAN2019, hari n’ibindi vyinshi bibangamiye ico gisata.
Si ivy’imbeshere ; ubukene bwugarije imigwi y’umupira w’amaguru mu Burundi burafise uruhara runini mu ngorane zishikira ico gisata. Ni nayo ntandaro yo gutsindwa mu nkino mpuzamakungu.
Ariko rero, si ico gusa. Hari n’ibindi vyinshi bigaragara ko bidatorewe inyishu, n’ejo n’ejo bundi, urukino rw’umupira w’amaguru ataho ruriko ruraja, mu gihugu cacu.
Imigwi yubakiye ku gatwe k’abantu
Ikimaze kwibonekeza mu Burundi, hari imigwi y’umupira w’amaguru yubakiye ku bantu. Hamwe abo ishingiyeko bashikiwe n’akagorane, iyo migwi ica itakaza inkomezi bidatevye.
Nk’akarorero, imigwi Flambeau de l’Est na Royal FC yari imigwi ikomeye cane imbere y’umwaka w’2015. Flambeau de l’Est ni wo mugwi wa mbere wo hagati mu gihugu c’ihiganwa ry’igihugu mu mateka y’umupira w’amaguru mu Burundi.
Ariko, kubera yari imigwi ibayeho ku buryo buva mu mifuko y’abantu, igihe abo bene uburyo bashikiwe n’ingorane, iyo migwi na yo nyene yaciye ihungabana, uno munsi yose ikaba ibarizwa mu cicaro ca kabiri.
Amatuta ya kazoza
Ng’iki igikenewe cane mu mupira w’amaguru mu Burundi. Imigwi yose dufise mu gihugu cacu, ni mike ifise amashure y’abakiri bato, aho bigishiriza abakiri bato umupira w’amaguru ; ico twokwita amatuta.
Uretse imigwi Messager na Aigle Noir, nta wundi ufise ishure. Ni co gituma rero, ugusubiriza abakinyi bagiye gukina ahandi bigora cane. Igikwiye kugira urukino rw’umupira w’amaguru rukomere aha iwacu, ni uko umugwi wose wogira ishure ryawo; nk’uko biri mu bindi bihugu.
Amahiganwa
Mu makuru yagiye aravugwa, Uburundi bwoba bwatsinzwe kubera kutamenyera amahiganwa. Ukwo ni ukuri kuko uravye ihiganwa ryitiriwe ikinyobwa Primus, rigizwe ry’imigwi 16, akaba ari ryo ryonyene dufise mu gihugu iwacu, ntirikwiye na gato.
Hari hakwiye kujaho ayandi mahiganwa kugira abakinyi bashobore gukina inkino nyinshi zishoboka, gutyo bamenyere amahiganwa, ndetse bakarondera n’ikino za kivandimwe n’iyindi migwi yo mu bihugu duhana imbibe.
N’aho biri uko…
Itegeko nomero 1/26 ryo kuwa 30 munyonyo 2009, mu ngingo yaryo ya 87 hategekanijwe ko Reta, intara n’amakomine hagati mu gihugu, amahinguriro, amashirahamwe ya Reta n’ayabigenga, abantu ku giti cabo… batanga intererano mu gushigikira inkino.
Nayo ingingo ya 90 y’iryo tegeko nyene ivuga ko Reta iheza igaha uturusho abo bose bashigikira inkino mu kubagabaniriza amakori ku rugero rw’uburyo baba bashize mu nkino.
Hamwe iryo tegeko ryoshirwa mu ngiro nkuko rimeze, imigwi yo mu gihugu cacu yotera imbere cane, kuko abakinyi bofatwa neza, maze gukina umupira bigacika umwuga, nk’uko n’ahandi bimeze.
N’imigwi yo mu bindi bihugu ntiyosubira kwama idutwara abakinyi; tugiye mu mahiganwa naho, twoshobora gutahukana intsinzi nk’abandi. Vyaragaragaye ko abakinyi bacu bapfuye umukeno gusa.
Ivyo uvuze nukuri kabisa
Hanyuma za Tanzanie na Kenya ko harimwo amahera zigera hehe? Je mbona nk mwayo mahiganywa mpuzamakungu udafise abakinyi bakina I birata ntaho woshika. Naho woshiramwo ayangana gute?
Canke ibihigu birimwo amahera nka byose cya Afrika iyo batumyeko abakinyi ntibaraba abiburaya?
Ivyo wavuze vyari vyo, ni n’a vyo mbere. Ariko imbere y’uko ishikira ivyo wadushikirije, hari ibibazo bikomeye bijanye n’amashirahamwe ajejwe gutunganya ivy’umupira. Ayo n’a yo akaba ari co giti c’umugongo. Ayo adakomeye, akore akazi kayo neza nk’uko vyategerezwa, amahiganwa yayo usanga ataco aba ariko amarira n’abakinyi bakiri bato. Ugasanga n’ishaka ryabo ryahavuye rikama. Uwanka agakura abaga umutavu. Nagira nkubwire ko amahiganwa y’abakiri bato canke mu ntara, itunganywa ryayo riteye agahinda. Ayo matuta na yo ajana n’ubu ryo, uburyo na bwo bugashirwa mu bikorwa bitunganijwe neza. Ico ni cakosorwa, nta nkeka ibintu bizogenda neza.
Ko umurwi wa mbere wo mugihugu hagati watwaye igikombe c’igihugu muvuze ko ari Flambeau de l’est mbega Arabica yo mu Kirundo yoba yaserukiye igihugu bigenze gute?
Commentaire *yewe koko biragaragara vyose babigize politique umushingamateka buramatari n abandi ngo batigiriye imigwi umengo ntibobah bary baz nkabaje kwiyerekana atakarangamutima kumupira bafise.non mu ntamba naho stuff technique ugasanga abajany n abakinyi 2 bonyene nibo bazi ivya football nonah intsinz izova h?
Nuko bikwiy kugend hakwiy gushirwamw imitah ikwiy kuk abarund barafs ingabir zo gukin
Ivyo mwavuze vyose nisaw ariko rero nokubamenyereza nahonyene hariho agaze mukumenyereza mutombora arakeneye kuruhuka kana nabakinyi hakenewe abasatirizi mumirwi yose ikinira hano mugihugu cacu
Nukuri uravye uko inkino cane cane z’Umupir w’amaguru , aha nini dusanga habura uburyo.Rero kugira ivyo bigabanuke Leta yacu yoraba igashira munteguro yamafranga itegekanya gukoresha buri mwaka uburyo bwo gushigikira umupira w’amaguru gutyo uzosanga umusaruro utera uba munini kandi mwiza. hama ikindi nuko abakinyi ubwabo bogira umutima wogukunda igihugu cabo bakarengera ibiturire n’Ibindi , bagakora bazi ko bariko bakorera igihugu gutyo bashikane igihugu imbere kandi hezaaa gutyo igihugu cacu kimenyekane ko gishoboye . Ikindi nuko borengera inyungu zabamwe bamwe
Nivyo kuel atari uko ntaho turiko turaja
Niko bimeze kuko n’abibantu imigwi ihagazeko bafise igituma ibahagazeko. »Du messe des officiers a Hallelua fc »