article comment count is: 0

Kwica uwo wibarutse? Abarundi tugeze kure!

Afatiye ku nkuru zibiri z’ibibondo vyatowe ibiziga ku gahinga, vyanizwe n’abahejeje kuvyibaruka, Nikiza Egide abona ko abavyeyi batacitayeho indero y’urwaruka, noneho akagira amakenga kuri kino kiringo c’uburuhuko.

Muri komine ya Kinyinya mu ntara ya Ruyigi, hari ikiziga c’uruyoya ruboshe amaboko catowe mu gahinga, hari kw’igenekerezo rya 12 mukakaro 2017. Ariko imbere y’aho, nta n’ukwezi kwari kuhaciye niboneye ikindi kiziga c’uruyoya catawe mu muvo, muri zone ya Kanyosha, komine ya Muha mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo bigaragaza ko hari abantu batagifise umutima w’ubuntu ku rugero rwo gushobora kwica uruyoya bakuye mu nda yabo. Ariko ikibazo nyamukuru ni: inyifato nk’iyo ituruka ku ki?

Imbanyi zititeguriwe ni imwe mu nkomoko

Si ubwa mbere canke ubwa kabiri humvikana amakuru nk’ayo. Rimwe na rimwe, bihora bishika bene gukora iryo bara bagafatwa n’inyamiramabi, mbere bagatabwa mu mvuto. Naho baheza bagahanwa rero, ivyo ntibisubiza ubuzima uwamaze kubwakwa.

Iyo tugiye kuraba bene gukora be n’ivyo vyaha, dusanga akenshi ari urwaruka rukiri mu mashure, canke ba bigeme usanga bakora ubuzi bwo mu nzu. Noneho, bigaturuka ko igihe basama iyo mbanyi, nta mugambi wo kwibaruka baba bari bafise, bigatuma babona nk’aho umengo ubuzima bugiye kubaremera kurusha, kuko na none ku ngorane baba bari basanganywe haba hagiye kwiyongeramwo ugutunga ikibondo bibarutse batiteguriye.

Turi mu buruhuko, uwuri n’amatwi ni yumve

Izo nkuru z’izo nzoya zishwe zigatabwa n’abazibarutse, zanteye gusubira kwihweza inyifato y’urwaruka, na cane cane muri kino kiringo c’uburuhuko bukuru.

Usanga rero hari benshi muri urwo rwaruka, kubw’ukugira umwanya w’ikirenga ataco bariko barawukoresha, bama muri bwa buteramiro bwo ku mabarabara, bamwe mbere ukabasanga mu birabo n’ubutambiro butandukanye, aho novuga nko mu gisagara ca Bujumbura, aho nkunze kubibona.

Ukwo kumara umwanya wabo rero mu bitagira ico bibungura, bituma bahereza kuja mu buhumbu, ari na yo nkomoko ya za mbanyi baba batiteguriye, na mwanya usanga benshi muri bo ivyo kwikingira ata kibanza babihaye mu vyiyumviro vya bo.

Ya ndero ya haziko, umuti ntasubirizwa

Kare na kare, umuvyeyi yararangiza imirimo yiwe yo ku musi, mbere akagorobereza i muhira, hamwe n’ibibondo vyiwe, akabiha impanuro ku ngendo ibereye yobaranga, maze bakamenyeraho icitwa ikizira n’icagizwe indahiro.

Ubu rero ivyari magera vyarageruye, abavyeyi basa n’abatacitayeho indero y’abana babo, noneho ugahava ugasanga bamwe mu bitwa abavyeyi uyu musi, ntibigeze bahabwa indero nk’uko sokuru yabigenza aho hambere.

Aho ibintu bigeze, uruhara rukwiye kuba urwa bose: haba abajejwe intwaro mu guhasha mwe n’ubwo bugizi bwa nabi, abavyeyi mu gusubira ku ndero y’urwaruka, ndetse n’urwaruka ubwa rwo mu kwugurura amaso bakabona, mbere bakitaho udukorwa tubategurira kazoza keza, aho kwihereza ingeso zishobora kubaviramwo akarambaraye.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion