Mu gihe hari abari mu kanyamuneza ka Noheli bariko baryoherwa mu babo no mu vyabo, hari abandi bari mu maganya bitewe n’imvo izi canke ziriya, na canecane izivuye ku buzima turimwo muri kino gihe. Iyi ntahe y’umukozi wo mu nzu yipfuje kuja gusangira Noheli n’umuryango bimwankira ku kanyuma irabigaragaza.
“Akana Yezu kavutse…Twigine, twigine, dutere impundu kuko akana Yezu kavutse …”. Ako ni ko karirimbo kaguma kanzunguruka mu mutwe. Nguma ndakaririmba, ndagasubiramwo. Ariko ahanini, si akana Yezu kari mu mutwe. Nikumburiye iwacu. Kubona ba bagenzi twakuranye, kwiyagira na mawe ivy’imuhira, kubona ya mirima yacu itotahaye. Kwotsa akagori mu ziko, kuyaga n’abo tuvukana dutwenga ku kagoroba, gukumburukanya bikwiye. Mu mutwe uwohugurura, ntababeshe yosangayo vyinshi.
Iyi Noheli aha mubona ndayiteguriye igihe kitari gito. Namanutse i Bujumbura mu kwezi kwa gatanu nje gukora akazi ko kurera abana, kamwe bita « ubuyaya ». Imana yaramfashije ndakaronka bitagoranye. Bampemba ibihumbi mirongo umunani uko ukwezi gutashe. Kubera ko ata vyinshi ndayakoza, mabuja namusavye ko yoja arambikira igice, ayandi akaja arayampa nkayifashisha. Murundikazi ntiyangoye kandi twibaniye neza. Igiharuro cariko kigenda neza, ariko mu ntango z’ukwezi kw’icenda, mawe yararwaye, bisaba ko ndungika ay’ibitaro. Nikoze ku two bari bambikiye mbere n’akadeni ndafata.
Ikigega canje casigaye gisa n’ikigaragara.
Ico nipfuza
Kuva mu kwezi kw’icumi, mpejeje kuriha ideni, sinasubiriye gukora ku mushahara. Nabwiye mabuja ambikire, azoyampe Noheli yegereje. Yabikoze uko. Itariki 20, yarampaye utwo amfitiye. Yose hamwe yari ibihumbi ijana na mirongo umunani. Ndayafise mu ntoke nabona ko ari menshi. Ni uko nca nkubitira mw’isoko ngura agatenge nzoshira mawe. Ngura uduhuzu n’uturato twanje, na murumunanje sinamwibagira. Ngize ndasuzuma ayo bintwaye, nasanze ari ibihumbi ijana na cumi. Ndumirwa. Ntangura kuraba ya mafaranga ibihumbi mirongo irindwi nsigaranye, ndabona ko bigira bimbane amananiza. Ntangura kuraba utwo nategekanya kugura: utuvuta two kudugana, agakate, itike yo kugenda no kugaruka, umutima uca uravunika. Ndatugura, ariko nibwira nti « gusiba ntibirimwo ».
Bwatevye guca ndabutemagura. Nizindura buca haba Noheli kugira sinduge ku musi w’urubanza nyene narirya ivyo kwiyunguruza bigoye. Nshitse kuri COTEBU aho dutegerera iziduga, nahasanze isinzi ry’abantu n’imizigo myinshi. Ndatamarirwa, nibaza ryari bahashitse biransiga. Ngize ngo ndabaza uwuri impande yanje aritwengera anyishura ati : “Aha rero wari uzi ko uri wenyene ukumbuye ab’iwanyu? Uko waraye urategura imigambi yo kuzinduka, n’abandi baburerekeye mu rugi.” Ndajorerwa.
Birangira naniwe
Kugira ntore n’iyo notora imiduga ija iwacu mu Kirundo, vyantwaye umwanya munini cane. Naraniganye ndashikira abakokayi. Izija iwacu nsanga ni zibiri. Ngire ndacaraba nsanga zamaze kwuzura. Ntangura kubwerabwera. Sinzi ingene mbajije amafaranga y’itike, abakokayi batanguranwa kumbwira: « Ni ibihumbi mirongo ine gusa sista ! » Nja numva ubwenge buranyiyatse. Nti: « Saaaaa ? ». Uri uwundi asubizayo ati: « Samara wongere usamare, mu mwanya muto rizoba rigeze kuri mirongo itandatu. »
Ndamuraba sinamuhimba. Nca nibuka ko muri vya bihumbi mirongo irindwi nari nsigaranye naguzemwo amamesa n’udusabuni, nsigaranye ibihumbi mirongo ine gusa imbere n’inyuma. Nca nibwira nti nawenu abantu bagabanutse baraja kugabanya ibiciro. Abantu hakugabanuka, ng’abo mbona baguma biyongera. Nk’uko nari nabûriwe, inyuma y’amasaha ane ndiko ndata umutwe ndondera uko nobigenza, itike yari igeze ku bihumbi mirongo itandatu. Naracanze imitwe mpiga uwongurana, ndatuntura, ndarira ntagira uwo ndirira, bihera nsubiye imuhira kwifumbereza. Ni uko, uyu mwanya nigonye mu rupangu kure y’aho nataye uruzogi. Noheri ubaye umusi mubi cane kuri jewe uko ntabiziga.