article comment count is: 1

“Kugicamwo” : irindi jambo rimenya uwize muri kaminuza y’Uburundi gusa

Mu mwaka w’2017, narababwiye amajambo icumi utopfa utahuye utari mu bize muri kaminuza y’Uburundi. N’uyu musi rero ndagarutse ngo ndabasabikanirize irindi rimwe.

Ubuzima bwo muri Rumuri, aho hambere, bwari buryoshe cane. Bugizwe n’ibiratwa bitari bike. Ukuntu iyo kaminuza ifise imvugo yisangije vyonyene, wohora urumviriza ivyayo. Mu bigo vya Rumuri, usanga inyuma y’ijambo hinyegeje umusozi w’imigirwa canke uruzi rw’amakuru.

N’uyu musi rero ndagarutse. Ubu naho nzanye irindi jambo abatari bake, canecane abatahabaye, canke abahaciye mu myaka y’imbere y’2014, bashobora kuba batomenya. 

“Kugicamwo” canke “Kukinyuramwo” 

Yompi, ayo majambo asigura kimwe, uretse ko rimwe ari Ikirundi, irindi rikaba Ikinyarwanda. Yose rero yahoze akoreshwa mu bigo vya Rumuri. Muti none vyasigura iki?

Imbere ya vyose, murumva ko mu nyubako y’iryo rivuga, harimwo amajambo atatu: irivuga “guca”, insigarirazina “-ki-” n’inyongera “-mwo”. Vyumvikana ko ari uguca mu kintu kanaka. Mugaheza mukibaza muti ico kintu bacamwo ni igiki? Kubera iki muri Kaminuza y’Uburundi? Mbe hoho ni bande bagicamwo ? Tenyenya ndabahe umuco. 

Inkomoko ya vyose, ni amazu y’uburiro yo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi (“Restaurant universitaire”). Ukugene ayo mazu yubatse, kiba ari ikirasi amahero c’impome zine, kirimwo intebe n’imeza abafungura bicarako. Imfuruka imwe y’ico kirasi amahero rero, usanga ifatanye n’iyindi nzu izananamwo imfungurwa, arico gikoni. Aho biheza bigafatanira haba hari idirisha rinini baheramwo imfungurwa umunyeshure aje kwivuna inzara. Iryo dirisha ni ryo baheza bakita “Guichet”, aho muri kaminuza. 

Hanyuma rero nko ku gice c’imetero imbere y’iryo dirisha, haba hatambitse icuma gisiga umuhora hagati yaco n’iryo dirisha; kurya kw’urugorwe rw’inka. 

Abaje gutora imfungurwa kw’iryo dirisha, baza bibangikanije ikarata zerekana ko bafise uburenganzira bwo gufungura ngaho. Kuri izo karata, haba hariko ikibariko c’utuzu 30 tungana n’imisi y’ukwezi, tuno tukaba tugabuyemwo gutatu, kugira haboneke ako mu gitondo, ku musase no mw’ijoro. Umunyeshure agaheza agatanga iyo karata ku mukozi wo mu gikoni ca kaminuza, kuri rya dirisha, uwo nawe agaca atoboza ikaramu akazu gashikiriwe kuri ca kibariko, maze umukozi wa kabiri agaca ahereza uno munyeshure isahani y’indya. 

Ng’uku uko bagicamwo rero… 

Vyarashobora gushika, umunyeshure kubera ukwihuta, agasanga yibagiye ikarata yiwe, canke yapfuye guhitana iyo abonye hafi mu cumba (iki naco akaba yakibanamwo n’abandi), maze yagera kuri “Guichet”, akisanga nta burenganzira bwo gufungurirwa afise. 

Hagat’aho, kubera ko ca cuma cubatse nk’urugorwe, abafungura batonda umurongo udacika; nta wusubira inyuma; uwinjiye wese yasohokera kw’iherezo ry’ico cuma. 

Iyo rero uramutse usanga winjiye mu cuma udakwije ivya ngombwa bikurekurira gufungura, wategerezwa guca ubandanya kuri uwo murongo, ugaca imbere ya rya dirisha, ukabandanya ata mfungurwa uhawe, gushika usohoke. Bagaheza bakagira bati: “ Kanaka aragiciyemwo pe !”

Bukebuke, vyahavuye bifata iyindi nsiguro idasanzwe

Nahavuye nsanga abanyeshure bo muri Rumuri ari abahinga mu kurema imvugo. Ugasanga umuhungu kanaka yagiye kuresha umwigeme naka, uno mwigeme akamubenga, canke abari bakundanye umwe akabivamwo; bagaheza bakavuga bati: “kanaka yagiciyemwo kwa naka”, iyo nkuru bakayihanahana. 

Ivy’imvo zashobora gutuma umusore agicamwo imbere y’umukobwa canke inkumi ikagicamwo imbere y’umuhungu, ni birebire; vyogira ikindi gisomwa. Reka nce make. 

Ndabipfurije kutagicamwo muri izi mpera z’umwaka w’2022. Tuzosubira.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. @Yaga Mwaratahuye neza ko hafi 90% z’abasoma inkuru zanyu ari aba poils niyo mpamvu no kuvuga amabanga y’abo k’umugaragaro ataco bibatwaye kuko muba mushaka kwidugiriza ama adds