Mu ntara ya Kirundo, ingendo yo “kurya umurwazo” irabohera amaboko i mugongo abarimyi. Ariko ntibayiheba naho amategeko ayihana. Josette Bakunzi aratubwira ico bivako, ndetse n’icokorwa.
Mu gihe umurima utarera, ariko mwenewo agashaka kwikenura, birashika ko agurisha ibiterwa, hanyuma mwene kubigura akaba ari we azokwiyimburira; ivyo ni vyo bita “kurya umugwazo”. Iyo ngendo rero ireze mu ntara ya Kirundo.
Ibiterwa ivyari vyo vyose bashobora kubirira umugwazo. Muri uku kwezi kwa Nzero, ibiharage bireze, ariko usanga bene kubirima atari bo bene kubisoroma. Abadandaza canke abandi bantu bifise baraza bakavugana n’umurimyi amahera bamuha ku murima wose, hanyuma vyeze nyene kugura akimbura, maze akiyungukira umurengera, kuko na none aba yabiguze ku giciro gito cane.
Umukene yikenuza ico ahambije
“Mba nkeneye amahera yo kwifashisha kugira ngo isarura rigere ntarapfa. Ivyo mba narimbuye ku mwimbu uheruka biba vyaheze kuko mfise umurima muto kandi nkanakoresha uburyo bwo kurima budateye imbere. Nca nemera rero nkagurisha igice c’umurima canke wose kugira ndonke amahera mba ndasumisha ivyo dufungura n’umuryango”, uwo ni Macumi, umurimyi asigura igituma adaheba umugwazo.
Abadandaza baremeza ko umugwazo ubungukira cane ariko bakavuga ko atawe bawuha ku gahato. Ngo ahubwo abarimyi nibo bawubisabira. Misheli, umwe muri abo badandaza, agira ati: “kenshi uza ubona umuntu akubwira ati: inzara irandembeje, nyihera umurwazo ndafise ibiharage biri mu kwera.” Gutyo bakumvikana, mbere bakanandikiranira, n’ivyabona bikajamwo.
Ivyo rero biraheza bikagumiza mwene kugurisha mu bukene budahera, akazokwama ari nta mikoro. Kuko iyo arimye ntiyimbura, iyo yimbuye naho akimbura ibitamara kabiri, kanatsinda igice kinini aba yacikozeko iyimbura ritaragera.
Yamara mu mategeko mpanavyaha y’Uburundi, ingingo ya 299, hategekanijwe ugupfungwa mu kiringo kiri hagati y’amezi atatu n’imyaka ibiri hamwe n’ihadabu riri hagati y’ibihumbi cumi n’ibihumbi mirongo itanu vy’amafaranga y’amarundi, canke igihano kimwe muri ivyo, ku muntu wese yikitse inyuma y’ ubukene, ugukehanirwa, intege nke canke ukutamenya kw’uwugurana, canke uwutanga ikintu uko kimeze kwose, akunguka inyungu y’umurengera. Ariko ivyo ntibituma abanyakirundo baheba kurya umugwazo.
Atari uburimyi kijambere, nta yindi nzira yo gukira
Abenshi mu bakarigwa n’ingendo yo kurya umugwazo, usanga ari abadafise amatongo manini ngo barime, mbere bimbure vyinshi. Ariko kandi, iruhande y’uko kwaga kw’amatongo, hari ukutagira ubumenyi bujanye n’ukurima kijambere, ubukene bw’umwavu mu gihe isi ndimwa iba yatitutse, n’ibindi.
Hamwe rero abajejwe intwaro bokorana n’abahinga, mbere bagafasha abarimyi kwijukira kugira amashirahamwe, uburimyi kijambere, bakanabaronsa ivya nkenerwa nk’abafundi b’indimo, umwavu n’ibindi, ivyo vyofasha cane mu kugabanya ubukene, wa mugwazo ugasezererwa gutyo.
Soma kandi:
- Amakoperative yodukura mu kaga k’ubukene
- Abarundi ntitwari dukwiye kwicwa n’inzara
- Dufunguye neza, tugira amagara meza