Igitigiri c’intara zigize igihugu c’Uburundi cagiye kirahinduka uko imyaka yagiye iragenda n’intwaro zigahinduka. Tubirabire hamwe.
Uburundi bucikukira, bwari bufise intara 8. Itegeko ryo kuwa mbere Ntwarante 1962 ryashizeho intara zikurikira: Bujumbura, Bubanza, Muramvya, Gitega, Ngozi, Muyinga, Ruyigi na Bururi. Imbere y’uko ziba intara, ku ntwaro y’Abazungu, zari uturere (territoires mu Gifaransa).
Izindi ntara nyinshi dufise ubu, ico gihe zari uburere bwitwa “arrondissement” mu Gifaransa, zikukira izo ntara 8. Intara ya Bubanza yari ifise arrondissement zibiri ziyikukira, Bubanza na Cibitoke.
Intara ya Bururi yari igizwe na arrondissement ya Bururi, Makamba n’igice ca Rutana, na canecane ikomine ya Bukemba uno musi.
Intara ya Gitega yari igizwe na arrondissement za Gitega, Bukirasazi n’iya Karusi. Intara ya Ngozi nayo yari igizwe na arrondissement ya Ngozi hamwe n’iya Kayanza.
Intara ya Muyinga yahuza arrondissement ya Muyinga n’iya Kirundo; nayo iya Ruyigi ikagira Cankuzo, Ruyigi n’igice kinini c’intara ya Rutana y’ubu, ico gihe yari arrondissement.
Arondisema zaravuyeho
Intara ya Bujumbura yari igizwe na arrondissement ya Bujumbura ( Mutimbuzi na Bujumbura) n’iyo Mwisare (Kanyosha, Mugongomanga, Isare, Kabezi, Mutambu,…). Mu 1982, kuri Repubulika ya 2, arrondissement zaravuyeho nyinshi muri zo zihinduka intara zigenga kiretse iya Mwaro na Mwisare.
Kubw’Umwigisha Emile Mworoha, umuhinga mu vya kahise, arrondissement zavuyeho mu ntumbero yo kworohereza abanyagihugu, mu kubegereza intwaro.
Intara zavuye kuri 8 zija kuri 15 ziyongera ku gisagara ca Bujumbura cafatwa ukwaco. ni ryo ryaje gushira ku rugero rumwe igisagara ca Bujumbura n’izindi ntara.
Intara ya Mwaro yagiye kuvuka mu 1999, ica iba intara igira 16 ziyongera ku gisagara ca Bujumbura. Kugeza ico gihe, icitwa “Mwaro”, ni ukuvuga, ahari umugwa mukuru w’intara uno musi, hari imwe mu ma zone agize ikomine ya Kayokwe, yakukira intara ya Muramvya ico gihe.
Gusubira ku ka kera
. Ikaba igizwe n’amakomine atanu: Rumonge, Burambi, Buyengero, Muhuta na Bugarama. Izo zitatu za mbere zikaba zavuye kuri Bururi na zo izisigaye zikaba zahora zikukira intara ya Bujumbura.
Uno musi, Uburundi bufise inyara 18. Ariko ni bake bazi ko bwigeze kuba bufise nk’izo nyene muri kahise, imyaka ibiri imbere y’uko bwikukira.
Kuwa 26 Nyakanga 1960, uturere twatwarwa n’abatware twahindutse intara zitunganijwe mu buryo bushasha zigera kuri 18: Usumbura, Bubanza, Mwisare, Cibitoke, Ngozi, Kayanza, Muyinga, Kirundo, Gitega, Karusi, Bukirasazi, Ruyigi, Cankuzo, Rutana, Muramvya, Mwaro, Bururi na Makamba. Izo ntara 18 zasubiye kugabanywa kuwa mbere Ntwarante 1962, zisigara ari 8 zihuriranye n’uturere Uburundi bwagize muri kahise.
Continue la recherche ! Nous admirons votre initiative !
Merci de l’information!!
Abatware batwara sous-chefferies ntibatwara intara. Sous chefferies bazishize hamwe, zar zibiri zikaba commune imwe. Izo 18 zari provinces
bahinduye arrondissements, territoires baca bazita provinces . Territoire ya Rutana yarahavuye hasigaye arrondissement Rutana. Igipande kimwe ca territoire Rutana cagiye Muri Ruyigi ikindi muri Bururi.. Province ya Bujumbura yaje mu nyuma. Muri1960 Province yo Mwisale yahindutse arrondissement yagumye muri (Territoire) province Bubanza gushika mu 1962-63 bashizeho province Bujumbura. Vyari bitangaje kubona Commune (plus tard secteur) Kabezi yo muri arrondissement Mwisale iri muri Province Bubanza. Uvuye i Bujumbura uja mu Rumonge wabona pancarte kw’ibarabara ivuga ko winjiye muri Province Bubanza.
murakoz kunyigish muduhay naj ntavy narinz
ndumv zavuy kur
Sawa kbx turi urwaruka rw’ejo bundi ivyo ntavyo twari tuzi muragze neza
Nukuri mwaragize nez kurico cigwa mwaduhay kuber nkatwe urwaruka kiradufitiye akamaro kanini cn! Mwubahwe vrt
Murakoze cane gose kuba mutubwira akahise K’Igihugu cacu ciza catwibarutse
INTUNGANYO Y’UBURUNDI IGUMA IHINDUKA KUK N’ABATWARE BARARAHINDUKA RER NTACOTUMA TUTEMERA IBIHINDUTS MUGIHUGU…….
Nivyiza
murakz can kutwigish kuk turugwaruk nkivy ntavy twar tuzi.mer6 beaucoup
Muyinga