article comment count is: 0

Igice ca kabiri c’inyigisho za kaminuza: ubuhungiro bw’ubuzima bugoye?

Mu Burundi hari ikibazo c’ubushomeri ni agahambaye. Mu gihe kaminuza y’igihugu yashizeho igisata kigira kabiri (citwa deuxième cycle de master mu gifaransa), hari abahitamwo kukibandanirizamwo ku mvo zo kwironkera ka gafashanyo Reta ibaha. Vy’ukuri iyo nzira iriko ijana igihugu heza? 

Nk’uko bamwe muri bo bavyiyemerera, uyo mukenyuro bawukoresha kugira baronke ka gafashanyo Reta yashiraho gaherezwa abanyeshure bariko barabandanya ivyigwa vy’igice ca kabiri  c’inyigisho za kaminuza. Kuri bo, naho no kuronka impamyabushobozi yisununuye ari ikintu gihambaye, ikiza imbere ni uko harimwo n’uburyo bubandanya bubabeshaho. 

Bernard Ntaconayigize*, umugabo w’imyaka 38 yahisemwo kwiga incuro zibiri igice ca kabiri ca kaminuza. Atwiganira ko iki ciyumviro camujemwo mu gihe yari ahejeje kwubaka urwiwe kandi yari asanzwe akurikirana ivyigwa mu gice kigira kabiri mbere afise n’akazi k’ukwigisha. Aha yariko arakirangiza, agira ibibazo bikomeye kuko umufasha wiwe yarwaye kandi bari basanzwe ari mu madeni.

Agira ati : “Naciye nja kwiyandikisha mu kindi gisata muri Kaminuza y’Uburundi kuko mbere nari nigiye mu gisata cari kw’ishure nderabigisha ENS kugira turya dufaranga tubandanye tumfasha hambavu y’agashahara nkura mu kazi ko  kwigisha”.  Tumubajije imigambi afise inyuma yo kurangiza ivyo bisata, nta kinini yabivuzeko. 

Karisabiye J.B.* nawe ntaratangura kwiga, ariko ariteguriye gukora ca kibazo gitanga uburenganzira bwo kubandanya. Ikibimutuma, ni uko inyuma yo kurangiza igisata ca mbere mu bijanye n’imibano, yaciye yubaka urwiwe, ubu afise abana babiri kandi ntabayeho mu buzima bwiza. Yaba we canke uwo bubakanye, nta wuraronka akazi. Mu buzima bwabo, bariyungunganya mu tuntu dutoduto nk’ugucuruza ivyamwa canke imboga mu gisagara ca Bujumbura. 

Ku bw’uwo muvyeyi agifise imyaka 36 gusa, ngo abona kubandanya amashuri bitari ngombwa. Ariko akagira ati: “Karya gafaranga konsahiriza mu buzima ndi mwo”

Nta ntumbero irashe

Abo bose ubumvirije, usanga batigeze biyumvira ico bazokoresha ivyo bazoba barize kandi nta cizere bafise c’uko barangije ayo mashuri bizotuma baronka akazi runaka. Ivyo rero bikaba mu vyotera impungenge kuko Uburundi ntaho bwoba buriko buraja, kandi na za ncabwenge bwoba buriko burarondera murumva ntizoboneka kuko abo bariko bariga ntibariko bakarisha ubwenge ahubwo bariko banunuza duke tubonetse.

Kwiga ni umugambi mu yindi

Mu bihugu bitandukanye vyateye imbere, imbere yo guha ishure umuntu canecane iyo ari amashuri ashigikiwe n’igihugu (ico twita bourse d’Etat) arasigura neza umugambi wiwe w’ukwiga, igituma ashaka kwiga igisata kanaka n’ico yipfuza gukoresha ubumenyi azoronka. 

Mu gihe umuntu agiye kwiga ibintu adafise intumbero ashaka gushikako, ntaco bimumarira. Ariko yakira abanyeshure bashasha batanguye ivyigwa muri 2022, mu kigo citwa CEREPE gisanzwe gifasha abantu batandukanye kunonosora ubuhinga bujanye n’ubushakashatsi mu vyo gutunganya imigambi, Thaddée Nzotunga akirongoye yagize ati : “Nimba waje gukurikirana izi nyigisho utazi neza umugambi ushaka kuzikoresha, wokwitahira”. Ku bw’uwo muhinga asanzwe yitaho ibijanye n’iterambere, kwiga ni umugambi utegerezwa kugira intumbero izwi neza ugaheza ukabikora uzi neza inyungu bizokuzanira. 

Muri iyo ntumbero nyene, hari ikintu twari dukwiye kwitondera. Kwiga amashure ni umugambi uhambaye cane. Bitwara umwanya munini w’ubuzima bwacu, uburyo bw’amafaranga ndetse n’inguvu zitari nke. Ivyo vyose usanga bisumba na kure ako gafashanyo batanga kangana n’ibihumbi majana atatu (Fbu 300 000) ku mezi atatu (ayagera ku 1 200 000 ku mwaka). 

 

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion