Igisagara ca Bujumbura kiri mu bisagara bigoye gutemberamwo mw’ijoro ku mvo zitari nke. Kiretse ko iyo hamaze kugera igihe c’isaha zine z’ijoro usanga nko mu gisagara hagati hagaragara, abantu benshi batashe, hari n’izindi mvo zitorohereza ababa bipfuza gutembera mw’ijoro bagiye kwinezereza canke batahutse. Caritas Ninziza araducira ku mayange uko bimeze hamwe n’icokorwa kugira ngo ibintu bitungane.
Hari ibice vyinshi vy’igisagara ca Bujumbura usanga biri mu mw’ijima mu gihe c’ijoro atari uko umuyagankuba wacitse. Ivyo rero bikaba no ku nkengera z’amabarabara yategerezwa guhita cane. Turetse ko uruhara runini rwari urwa Leta kugira ngo igisagara kiboneke neza no mw’ijoro, n’abafise amazu muri co barabifisemwo ico bategerezwa gukora kandi kitari gito.
Uko ibintu vyifashe i Bujumbura mu masaha y’ijoro
Ikintu kimaze kwibonekeza ni uko menshi mu mazu, ahanini ari hagati mu gisagara, ata matara amwe abonesha hanze mw’ijoro bashizeko. Muri izo nyubakwa usangamwo inzu z’ubudandaji zitandukanye, inzu zikorerwamwo ubuzi bwaba ubwa Leta canke ubw’abikorera utwabo. Ivyo rero bigatuma iyo bugorovye abakozi bataha bazimije amatara yo mu nzu ugasanga iruhande y’amazu hasigaye ikizime. Iyo ijoro rigeze hagati rero, usanga mu mabarabara ahanamiwe na za nzu hari umwijima uteye ubwoba ku buryo abenshi bahatinya cane.
Abatinya bene ivyo bibanza barafise imvo zibibatuma kuko akenshi abambuzi bakunda kwinyegeza iruhande y’ayo mazu. Eka noneho, ivyo bisuma akenshi iyo bigize n’uwo vyiba, vyiruka bija muri ivyo bibanza bitagira umuco hanyuma bikinyuranganya inyuma y’ayo mazu atawushobora kubikurikirana. Aho rero ivyo bishika kubera kuri ayo mazu haba ata n’itara na rimwe ryakira hanze rihari. Igiheza kikababaza n’uko usanga hari n’amazu yosharije igisagara mw’ijoro usanga adafise ayo matara. Gutyo ishusho igisagara cari gikwiye kugira igafudika.
Uturorero usanga twibonekeza ni nko ku kigo Ndangakaranga benshi bazi nka « Palais des Arts et de la Culture », aho usanga iyo bwije mu nkengera zaho hatabona nk’uko vyategerezwa. Ugasanga abahabonye ku murango barahayobewe mw’ijoro. Ni mu gihe nk’iyo hari ihayanishwa ry’ibihingurano ndangakaranga canke ibindi bidandazwa usanga ku murango hakaka. S’aho honyene kuko igitigiri kitari gito c’amazu yegereye amabarabara mu gisagara cose nta matara amurika hanze agira.
Hokorwa iki kugira ngo Bujumbura yakake mw’ijoro ?
Uko ibintu vyifashe muri ino minsi, biribonekeza neza ko hakwiye icokorwa kugira ngo ibintu bigende neza mw’ijoro. Ivyo rero vyokorwa n’abo bose bafise amazu mu gisagara. Yaba Leta, abikorera utwabo, eka n’abahaba bose.
Naho abatari bake bavuga ko umuyagankuba usigaye uzimvye, inzu igereranye yari ikwiye kugira amatara nk’abiri amurikira imfuruka zayo. Gutyo abatembera mu masaha yitereye mw’ijoro bizoborohera kandi n’abazamu bacungereye amatungo amwe amwe biborohere kubona neza ukwo uruja n’uruza rumeze.
Eka mbere kugira ngo abanyagihugu batahure akamaro k’ico gikorwa, na Leta yari ikwiye guhimiriza abantu kugura bene ayo matara kugira ngo babe ahantu habona. Bibaye na ngombwa bigafatwa nk’itegeko kurya kw’uko abantu bategerezwa kugira isuku mu bice vy’amabarabara bihanamiye amazu yabo.
Soma kandi : Bujumbura : mu manza abasuma barakaka !