Mu gisagara ca Bujumbura, biramaze kumenyerwa ko kizira ko ya mapikipiki aca amahera mu kwunguruza abantu arengana ibiraro, ngo yinjire hagati mu gisagara. Naho biri uko, iyo ngingo ntikurikizwa na bose. Hari n’abikinga ijoro kugira bakore ubusuma uretse ko hari n’abiba ku murango. Muti none ubwo busuma twobwirinda gute ? Ni inkuru ya kabiri muri rwa rukurikirane.
Bisigaye vyabaye akamenyero. Kanaka aba ariko aragenda mw’ibarabara, akagenda arakoresha ngendanwa yiwe ngo agire atya akumva iyo ngendanwa barayimupapuye, agakebuka ipikipiki yarenze kera. Ku bakenyezi nabo, ava i muhira ashajije, n’agasakoshi kiwe mu minwe, ariko agataha agaragara kuko abasuma bo ku mapikipiki bakamupapuriye mw’ibarabara. Hari uburore butatu bwantahuje ingene abo basuma bakora, mpava niyumvira inyifato zitatu twogira mu ntumbero yo kwikingira mwene ubwo busuma. Izo nyifato nazo zikaba ari izi zikurikira.
Tame twibuka gukoresha ubwenge
Mu mpera z’iyinga rirangiye, Claudine, umwigeme aba muri zone Gihosha, yariko arataha avuye mu Kigobe kuramutsa umugenzi wiwe. Bugingo ageze kw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, abona umugabo aje n’ipikipiki, ahagarara iruhande yiwe. Atangura kumubaza amukankamira avuga ati : « We nta muntu mwariko muravugana apfungiwe iwacu? » Claudine nawe ati : « Iwanyu hehe? » Wa mugabo aho kwishura, ati: « Zana iyo terefone ndabeko atawe mwariko muravugana! » Claudine avyumvise atyo, yibuka ko abantu bagendera kw’ipikipiki bamaze kumwiba terefone, yigira inama yo kwihagararako ati : « Kugira ndaguhe terefone yanje, nyereka ibikuranga canke uze tuje kuraba abajejwe umutekano ndazi aho bari ! » Wa mugabo yumvise bigiye kuba birebire, aca yurira ipikipiki yiwe arabandanya, Claudine aba akijije terefone yiwe gutyo.
Twokwirinda gukoresha ngendanwa zacu turiko turagenda mw’ijoro
Iyo turiko turagenda mw’ijoro hatabona neza, turakwiye kwicungera! Karaveri aba mu Ngagara nawe nyene yibwe ariko arataha, hari nk’isaha zitatu z’ijoro. Afise terefone yiwe mu ntoke, ariko yirabira utuntu n’utundi kuri za mbuga ngurukanabumenyi. Niho yabona ipikipiki iriko abantu babiri imurenganye ica igenda guhagarara imbere yiwe ahantu hasa n’ahatabona. Bugingo agira ayishikire, aza abona iravumbutse izanana imbere yiwe nkiyije kumugonga. Agitangarira ingene abo bantu baza kumugonga babibona, bo bari bamupapuye kera ya ngendanwa yari afise mu ntoke, gutyo barayanyaga maze nawe asigara ajumarariwe. Uyo musore amenyesha ko hari n’umugenzi wiwe vyagendeye nk’uko uretse ko we bamwatse ngendanwa ariko arayihamagarisha, hari muri karatiye y’indwi mu Ngagara.
Akandi karorero ko ni aka vuba. Nariko ndamanukana ibarabara riva mu Gihosha, buriko burahwibira nk’isaha imwe n’igice z’ijoro. Ndenganye gato ishure rikuru rytiriwe Mutima Mweranda, nsanga akagwi k’abantu bahahagaze, bamwe babaza ivyabaye, abandi nabo bariko baremesha umukenyezi yari ahagaze aho. Uno yari ahejeje kwibwa agasakoshi yari yitwaje. Niho yavuga ati: « Nariko ndadugana iri barabara, niho numva ipikipiki ije inyuma yanje hama itangura kugenda bukebuke, ariko jeho ntaco nikeka. Nibaza ko bivuye ku gushaka gukatira ibinogo, ubona ko bitanabuze muri rino barabara. Buno nyene nja numva ikintu kinshikuye isakoshi nari mfise, nza mbona ari umuntu yari kuri nya pikipiki, nayo iravumbuka iriruka. Nagiye gusemerera ko nibwe ntakibona n’iyo ya pikipiki yaciye. Ako gasakoshi karimwo ibitari bike nka karangamuntu, urupapuro rw’inzira, amahera, ngendanwa n’utundi ».
Abarundi barayamaze ngo « ntawuhomera iyiyonka »
Hari ibintu vyinshi bifasha abo basuma gukora ububisha bwabo. Aho novuga nk’umwijima, hamwe n’inyifato z’abantu ziri mu turorero duhejeje gutanga aho hejuru. Mbe nka wa wundi rero, nsabe ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ko bwofata ingingo zose zishoboka kugira ku mabarabara hame umuco, no mw’ijoro.
Yamara rero, ubusuma bwamyeho, buriho, kandi buzokwamaho, ivyo nta wovyihendako. Ni uko rero, niwagenda wiyubara mw’ibarabara, ukirinda gukoresha ngendanwa yawe uri mw’ibarabara mw’ijoro, bizogabanya umwaku wo kwibwa utwawe. Iyo niyo mpanuro mbona yofasha ubugira gatatu.
Soma kandi : Amapikipiki muri Bujumbura : ubusuma, ukutarenga ibiraro, ibibazo nkoramutima