Amapikipiki muri Bujumbura : ubusuma, ukutarenga ibiraro, ibibazo nkoramutima

Ingorane Uburundi bwaciyemwo mu mwaka w’2015 zatumye ibitatri bike bihinduka mu buzima bw’igihugu, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Kimwe muri ivyo vyahindutse ni uruja n’uruza rw’amapikipiki biturutse ku mutekano muke warangwa mu gisagara ca Bujumbura. Muri ico gihe rero, ubuyobozi bw’igisagara bwarafashe ingingo y’uko izo ngendeshwa zitagisubira kujabuka ibiraro vyinjira hagati mu gisagara.

Nk’uko abasokuru bayamaze ngo « umwana w’imbeba azira urwanko rwa nyina », iyo ngingo ibuza amapikipiki kujabuka ibiraro vyinjira hagati mu gisagara ca Bujumbura, yaturutse k’uko « abahungabanya umutekano bakoresheje vya bisasu ntezwantoke bahunga bakoresheje amapikipiki », nk’uko ubuvugizi bw’igipolisi bwabisiguye ico gihe. Aho rero, bene kurondera ubuzima babicishije mu kwunguruza abantu bakoresheje izo pikipiki, barahahombeye. Yamara nk’uko bavuga ngo « ata gapfuye nta gakira », barubahirije iryayazwe n’inzego, babandanya gukorera inyuma y’igisagara ku neza y’umutekano kuri bose.

Ku rundi ruhande, ingorane zituruka ku ruja n’uruza rw’amapikipiki ntizifatiye ku bahungabanya umutekano rusangi gusa. Iruhande y’ukugenda nabi mu mabarabara, hari ubusuma busigaye buharawe, aho uza ubona abantu babiri baguturutse inyuma bari kw’ipikipiki, bakagupapura ngendanwa yawe canke ikindi kintu c’agaciro ufise mu ntoke, ijisho rikaba ribaye iryo. Ku bapfasoni hoho, uwuticungereye cane, twa dusakoshi bagendana mu ntoke, akebuka asanga bagatwaye kera.

Ubu rero uko ibintu bimeze, si agaseseshwarumuri, agahengwe karabonetse ku bijanye n’umutekano. Ariko, ingingo ibuza izo pikipiki gushika hagati mu gisagara ntirakurwaho. None ivyo twokwizera ko bizoshika ryari ? Ku rundi ruhande, ubwo busuma na bwo ko busa n’ubwabaye akamenyero, hokorwa iki kugira buhagarare, buri Murundi wese atembere atekaniwe, adakebaguzwa kubw’ukwikanga abambuzi bamuturuka inyuma ? Inyishu kuri ivyo bibazo vyose, hamwe n’ibindi muzobisanga mu rukurikirane rw’ibisomwa tugiye kubashikiriza kuri ico kibazo c’amapikipiki mu gisagara ca Bujumbura. Twarabibatohoreje.

 


Soma kandi : Amahinduka mu kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*