Mu misi iheze ubushikiranganji bw’ubudandaji bwifadikanije n’amashirahamwe y’abunguruza abantu barafashe ingingo yo kuduza igiciro co kwiyunguruza hagati mu gisagara ca Bujumbura. Vyavuye ku mafaranga 350 bija ku 380, ariko vyama vyateye amahane. Ingabire Landry arabica hirya no hino.
Nk’uko urwandiko ruduza ayo mahera rubivuga, ico giciro cakuwe ku mafaranga 350 y’amarundi gishirwa ku 380. Ariko, hasanzwe hari ubukene bw’amahera mato mato, agizwe n’ibingorongoro biri musi y’amafaranga 50, inoti zo zarakuweho kera.
Ni uko rero, kubera amahera y’ibingorongoro agoye kuronka, bene imuduga bahitamwo kwaka amahera 400fbu. Ivyo rero bikaba bikunda kuvyura indyane hagati y’abunguruzwa n’ababunguruza. Bamwe bati amafaranga y’urumeca aratugora kuronka, abandi bati itegeko rivuga ko kwiyunguruza ari amafaranga y’amarundi 380.
Ico bikoze, ayo mahera ntashikira ba nyene iyo miduga canke abaharura amakori y’igihugu. Ahereza mu mifuko y’abo bagendesha iyo miduga, ari bo twita aba « convoyeurs » hamwe n’aba « chauffeurs » mu rurimi rw’igifaransa.
Kandi si make!
Nk’akarorero, kuri ya miduga yitwa “coaster” itwara abantu bari hagati ya 15 na 30, iyo imodoka igiye ikagaruka, uwurihisha amahera arashobora kuronka hagati y’amafaranga 600 na 1000. Buno rero, usanga imodoka itura nk’incuro 5 ku musi, bisigura ko bashobora gutahana amahera yababa 5000 ata n’umwe ababaza.
Tugerageje kwagura ivyo biharuro, dusanga ayo mahera ashobora gushika ku 150 000 buri kwezi, ku modoka imwe. Yose akaja mu mifuko y’abatayakoreye, mbere akaba atari bukoreshwe no ku nyungu rusangi.
Bikwiye guhinduka
Iyo biba ibishoboka, inoti z’amafaranga 20 n’iza 10 zogarukanywe canke ibingorongoro vyayo bikagwizwa.
Atari uko naho, iyo ngingo yosubirwamwo, maze ico giciro kigashirwa ku rugero rworohereza bose, abunguruzwa n’abunguruza. Nka hamwe bibaye ngombwa ko aduzwa ku 400 naho, vyotunganywa ku buryo ayo 20 arengako akora kubw’inyungu rusangi, nk’ugutunganya ivy’isuku ry’igisagara.
Soma kandi : Ukwiyunguruza ntivyoroshe muri Bujumbura
Rien ne nous dit jusque là que cet argent « epargné » sera utilisé pour rendre notre capitale plus propre ,ce qui est une urgence d’ailleurs!!!