Hasigaye amasaha make ngo umwaka w’2023 urangire, maze uw’2024 utangure. Mu gihe umukuru w’igihugu yama ashikiriza ijambo risozera umwaka Abarundi n’incuti z’Uburundi uko umwaka utashe, uyu mwanditsi wa Yaga yahisemwo kumwandikira akabaruwa, ngo amubwire ivyo Abarundi benshi bipfuza kwumva mw’iryo jambo.
Nyakubahwa,
Mu bibazo vyabajijwe mu kiganiro mwatanze ku wa 29 Kigarama hariya mu Cankuzo, mwarumvise ko umupfuko wose ata mahera waronse mu 2023 nk’uko mwari mwabitwipfurije mu myaka iheze. Eka n’umwimbu ntiwabaye mwiza cane ngo umunwa wose uronke ico ufungura.
Mu gihe Abarundi bayamaze bati: “Ijambo rirarema”. Ijambo ryo mw’ijoro ry’uwa 31 Kigarama 2023 turirindiranye igishika n’umwizero mwinshi. Ego hari vyinshi vyiza vyashitsweko. Ivyo murabitwibutsa, tuzohimbarwa. Ku vyagoranye naho, tugire ku muriri uko mugiye guhindura umukenyuro. Ese ryoba ijambo riserura ibikorwa nyezina bigiye gukorwa!
Ku vya ba bambuzi…
Mu masengesho aheraheza umwaka mwaraye musozereye, twarumvise ko abasuma n’abambuzi mu ndongozi biraye. Tworyoherwa twumvise mw’ijambo iyo vya biharuro vy’abo basanze bahembwa akarenga rimwe canke bahembwa batakiriho vyahereye. Tumenye iyo ya madosiye y’inyuruzwa ry’ubutunzi bwa Reta yahereye ; ko hari abahanywe vy’akarorero bitabaye imvugo gusa. Ese mw’iryo jambo twokwumvamwo ingingo ruhasha zigiye gufatwa mu kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’ubutunzi bwa Reta.
Si ivyo gusa. Muratubwira Nyenicubahiro ahari ifundo ry’ikibazo c’amafaranga mvamakungu, gutyo tubeho tuzi uko tuzobana na vyo. Ko ata yahari turabizi. Ko hari abayanyonyeje, turabizi na vyo nyene. Icoduhimbara si ukuguma twumva abayatwaye, ni ukwumva ikigiye gukorwa ngo aboneke, n’ikigiye gukorwa ngo na make abonetse ntabandanye anyonyezwa. Turashaka kwumva kandi imigambi ikomakomeye ya Reta y’ukwinjiza amafaranga mvamakungu nk’uko tubibona mu bindi bihugu.
Tubwire uko mugiye guhangana n’ico kibazo kuva ku gitoro, isukari, amazi, amatara, ifumbire, mu kwiyunguruza,… Erega n’abo babidindije tworyoherwa mw’iryo jambo twumvise mubakuye nk’uko abashingamateka baraye babisavye. Vyoduha icizere cane. Hama naho nimba bidakunda ko basezererwa, tubwire uko mugiye kworohereza abenegihugu kubaho mw’iryo kena. Ni ukuri rero turipfuza ko ijambo “ikena ry’iki canke kiriya” ryosezererwa.
No mu bindi bisata shingiro vy’ubuzima
Nyakubahwa, ntimuzibagire kutubwira ko ikibazo c’ikena ry’abaganga mwagifashe mu minwe. Kutubwira ko abaganga bagiye hanze bazotaha bikoreye amaboko, ni inyishu ya poritike itaduhumuriza. Twebwe icoduhimbara ni ukwumva ikiriko kirakorwa kugira ntitugume tubura abatuvura nk’uko biri mu bitaro bitandukanye mu gihugu.
Nyakubahwa, twohimbarwa kandi tumenye amatohoza amwe amwe iyo ageze. Nk’abishe Kelsey babanje kumufata ku nguvu n’izindi dosiye. Ikindi, mu gihe isi iriko iraja ku muvuduko w’iterambere biciye mu buhinga ngurukanabumenyi, ibijanye na interineti vyaragoranye cane mu 2023. Muraraba aho vyapfiriye maze muduhumurize mutubwira ico mutegekaniriza Abarundi mu kuduza uwo muvuduko.
Nyakubahwa, n’abakukuruke bohimbarwa bumvise aho bimwe vya ka gashahara kangana n’ako bahembwa igihe bakukuruka bigeze, bumve igihe bazotangurira kugakabakaba. Umusi muvyemera baratamvye baratarika. Murabahumuriza se Nyakubahwa.
Nta nkeka, tubarindiranye igishika cinshi ku nsamirizi, imboneshakure ndetse no kuri za terephone ngendanwa. Aho ni ho tuzomenya, mw’ijambo tuzumva, ko aka kabaruwa kabashikiriye. Ndangije ndabipfuriza umwaka mushasha mwiza w’2024.
Murakoze.
Article très utile même
Wamubwiye ibintu nkoramutima, n’uko gusa wabaye nka rya jwi risemerera mu bugaragwa!