article comment count is: 0

Abadandaza bo mw’ibarabara : bakubiswe bakiriko?

Nta musi n’umwe wijana ata mukenyezi afashwe agasanzarizwa utwo ariko aradandaza harya hafi y’ibituro vy’amabisi mu gisagara hagati. Ugize utya, ubona abantu baca mu mirongo biruka bakinjakinja binyegeza abapolisi. None uko gushamirana n’ugucenganwa bizohera ryari ? Bizohezwa n’iki ?  Turabire hamwe ubuzima bwa barya bagore banda ibintu hasi mu mabarabara n’ico basaba.

Ku wa 31 Rusama 2023, isaha cumi zo ku mugoroba, akazuba kakiri kose, isinzi ry’abantu imbere y’i banki BCB ryari rikikuje umugore yariko aniganira utwamwa twiwe n’abapolisi ataka atakamba. Ntibitevye, za nyamiramabi zirahava ziramunyaga utwiwe zimusiga yaya amaboko. 

Ntambutse gatoya imbere y’ikibanza « Plaza », ngize ntya mbona uwundi mukenyezi yariko yidandariza indimu araba hirya no hino umutima utari mu nda. Maze kumugurira indimu akampa n’inyongera niko kumuyagisha arambwira ko akazina kiwe ari Odetta niko kunyiganira ubuzima bwiwe.

Ni ukwita nta kundi

Odetta afise imyaka 26 akaba afise abana batatu. Imfura ni yo yiga abandi ntibaratangura ishure. N’akamwemwe n’akuya yari afise ati : « mfura yanje ifise imyaka 8 igiye mu wa kane nayo n’incabwenge ntiworaba ». 

Umugabo wa Odetta yaritavye Imana kandi ntaco yamusigiye. Uwo mupfasoni ategerezwa kwiyunguganya uko ashoboye. Ku musi akoresha umutahe w’5 000 y’amarundi akunguka 3 000 kugira aronke ay’agafu k’abana. Akagira ati: « Aha Imana mfise nuko baduhaye indaro aho tubaye nta n’ayo kuriha inzu noronka. »

Naho biri uko, ubuzima bwa misi yose aho adandariza ntibworoshe na mba. Iyumvire namwe. Mu ndwi iheze abapolisi baramwirukanzeko ahakwa no kuhasiga ubuzima. Yamaze imisi aryamye muhira no kwicara atabishobora. 

N’inda zirakoroka

Nkiganira na Odeta, Mariya yanda iruhande yiwe niko kunyongorera ko babangamiwe ; ko haciye imisi inyamiramabi ziza zirabirukako uko nyene ugasanga basubiye muhira amaboko masa. Mariya umugabo wiwe yahoze yiyunguganya mu kunyonga tukutuku ariko ngo ubu ntaco akora, ari co gituma yemera agatimba akaba muri ubwo buzima bwo kudandaza mw’ibarabara. 

Uwo mukenyezi n’intuntu nyinshi anyiganira ati : « Nka ryari hariho umuvyeyi yibungeze bakubise imigere mu nda yari yanse kubaha amavoka aca aja kwa muganga umwana yari yibungeze aca aritaba Imana ».  Mariya aheza avuga ko ivyo bitababuza kubandanya. Agira ati : « None ko tutari bwibe kugira turonke amafaranga turatimba tukabaho muri ubwo buzima. »

Abo bapolisi bashaka ko abo badandaza boja ku yandi masoko nka za Cotebu canke Ngagara. Ariko abo bakenyezi nabo bakavuga ko amafaranga y’ibibanza muri ayo masoko atayo boronka. Bobo bagasaba abo bapolisi kubafata neza nk’uko bamwe muribo babigira atawo barinze kugirira nabi, bagatahura ko ari muri ubwo buryo gusa bashobora gutunga abana babo n’imiryango yabo. Odeta ati : « N’ibitansi twobitanga ariko batureke tugume mw’ibarabara ».

Uwize ivy’amategeko Me Darnaud avuga ko urudandazwa rwose rurimwo amakori. Umuntu ariha muri Mairie canke OBR ariko barya badandaza mw’ibarabara ntibariha amakori n’amwe arico gituma birukanwa kuko nta ntumbero (cadre de travail mu gifaransa) bafise bokoreramwo. Arongera ati : « Iyo babatwaye ivyabo mu mategeko bavuga ngo ni “saisie” kugira babace intege. Ukwo kubangamirwa kwabo kuzogumaho niyo ata ngingo izoshirwaho ngo bakorere mu mategeko. »

None ko abamererwa nabi bama bamerewe nabi, abahanwa bagahanwa, n’abakuraho imvune bakazihakura ariko abo bakenyezi ntibahahe, ntimwumva ko hari imvo ibituma ? Icumvikana, ni uko inzego zibishoboye zikwiye kwicarira neza ico kibazo, maze mu mwumvikano n’ineza y’imiryango bakagiha intumbero ibereye, maze gucenganwa bigahagarara. Ahandi ho, amasanganya n’amarira azoguma agwira.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion