article comment count is: 0

Bugendana : “Kwibuka bijana no kwiyubaka”

Inyuma y’imyaka 30 habaye ubwicanyi mw’ikambi y’abateshejwe izabo i Bugendana, haherutse kuba umugirwa wo kwibuka abahasize ubuzima. Hambavu yo kwibuka, habaye n’ihimiriza ryo kwiyubaka biciye mu kunywana, kurengera agatima k’amacakubiri hamwe no mu kwitezimbere. 

Ku bakiri bato bashobora kuba batazi icabaye, igitondo c’uwa 21 Mukakaro 1996 caranzwe n’amarira, intuntu n’agahinda mu mpunzi zari zahungiye mw’ikambi y’abateshejwe izabo y’i Bugendana. Abantu 648 bo mu bwoko bw’Abatutsi baragandaguwe bunyamaswa n’umwe mu migwi yari yitwaje ibirwanisho.Ubwo bwicanyi bwahitanye imiryango myinshi, impfuvyi n’abapfakazi barongerekana. Kuri uyu wa 25 Mukakaro 2026 rero, bari baramutse bibuka ababo.

Ababa muri “site” ya Bugendana no mu micungararo yaho, baremeza ko uwa 25 Mukakaro 1996 wabaye umusi mubi kuri bo. Ivyabaye ni agahomerabunwa. Ariko n’ubwo biri uko, babona  ko kurengera ingaruka zavuye  kuri ubwo bwicanyi  ari guhariranira no kunywana. 

Dorine Irambona*  ni umukenyezi w’imyaka 30 ava mu bwoko bw’Abahutu. Arashima kubona yubakanye kandi mu mahoro n’umugabo ava mu bwoko bw’Abatutsi. Agira ati : “Mba mw’isite ariko  umugabo wanje  ni  Umututsi. Mu biyago vyacu, ntambwira ingene yaje kurongora  mu bwoko bwabagiriye  nabi, ahubwo  ambwira  ingene  intambara  yagenze. Iwabo bari abantu 12  kandi  bose  barabishe ariko ni we yarokotse. Ariko iyo ariko  arabimbwira,  ndabona  ko  ata shavu aba  amfitiye”.

Na baramukaziwe bose arabashingira intahe kubera  urukundo bamwereka, kandi akerekana ko  ata kibazo na  kimwe bafitaniye. 

Ingo zimeze nk’iza Dorine si nke ng’aho i Bugendana, kandi zose zirangwa n’uwo mubano mwiza mu bubakanye badasangiye ubwoko, na canecane ku biciwe ababo  mu 1996.

No ku rundi ruhande ni nk’uko

“Urwimo rwo mu 1993 rutaraba naba  muri Mwurire. Kandi abantu twari tubana neza. Ariko Ndadaye amaze gupfa, twagiye tubona akagwi  k’abantu  kaje gafise ibiziriko, baca baboha abagabo bacu baca babajana kubicira ku ruzi. Abakenyezi benshi baciye bahungira mu mashamba abandi babahenda  ngo bahungire mu mashengero babatsindayo. Mu nyuma niho twaciye tuja  mu mihingo itandukanye bamwe baja i Mashitsi abandi i Buraza. Mu nyuma twisanze hano i Bugendana ariho twaje guhurira na  buno bwicanyi mu 1996.”

Iyo ni intahe ya Paula Niyonkuru*, ashima kubona  yarabohotse ku mutima, agatahura ko abo badasangiye ubwoko ari magiriranire. Avuga ko bitari vyoroshe kubera, bivanye n’ivyo yabonye, vyari bigoye cane kurekurira no kwubakana n’uwo badasangiye ubwoko. Ariko, vyaramukundiye. 

Inzira yubaka 

Naho ubwo bwicanyi bwasesereje abatari bake, utwigoro two gusana Imitimita no kunywanisha  vyabaye umwitwarariko w’amadini, amashirahamwe ataho yegamiye hamwe n’intwaro. 

Ntakarutimana Saouris, ni umuhanuzi wa  musitanteri wa komine Bugendana ajejwe amategeko. Iyo ndongozi ibona ko utwigoro two kunywanisha abantu tuhari kandi ari ngirakamaro : “Mu ntumbero yo  gutorera inyishu ibibazo bimwebimwe vyoshobora  gutuma umutekano uhungungabana, ikigo c’ikiyago camaho  (Centre de  Dialogue permanent) carafashije guhuza abari mu ntwaro, abari mu migwi itandukanye y’igihugu tutibagiye n’abo  muri site.”

Ariko hambavu y’utwo twigoro two kunywanisha, hari abasaba ko  ico kibi kibishe kitokwongera kubaho muri bene Burundi. Me Pascal Ntahonkuriye yaserukiye abahurikiye mw’ishirahame ry’abarokotse ubwo bwicanyi, ARGEBU, yasavyeko abakoze ako kabi kabishe borengutswa imbere y’ubutungane.

Patiri Deogratias Mvuyishanga arongoye paruwase katolika y’i Bugendana yagize ati: “Ivyabaye  twese vyaratubababaje, ariko,  “Intibagira  ntibana”. Tubwirizwa kwivako kugira tugire iyo ntambuko. Dushikire gufashanya, kurabana ryiza nk’uko biboneka tugenda  dusangira imanza zitandukanye.”

Kwibuka ku ncuro ya 30 habaye ubwicanyi bw’i Bugenendana vyaranzwe n’icivugo kivuga  ngo: “Kwibuka twiyubaka”. Ni muri iyo ntumbero urwaruka rwacatsice kw’icumu muri  ubwo bwicanyi rwatanze infashanyo igizwe n’ibikoresho vy’ishuri ku bana biga mu mashuri y’intango n’ayisumbuye. Haratanzwe kandi n’ibikoresho  ku banyeshure umunani biga  muri kaminuza. 

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion