Mu gihe abana bo mu mashure matomato n’ayisumbuye bari mu buruhuko bwo mu ci, uno mwanditsi yasubije imyaka inyuma, yibuka uko ishure ryisumbuye rya ETS Kamenge ryari ikibanza gikomeye co kwidagadura, mu gukina, gutyo ibiruhuko bikaba intibagirwa.
Nakuriye mu Gasenyi, ikaratiye ifatanye n’iryo shure rya ETS Kamenge. Tukiri bato, mu myaka ya 98 kuduga, hageze ibiruhuko, nk’abandi bana b’abahungu, nta wundi murimo twaba dufise atari gukina umupira n’izindi nkino. Naho abavyeyi kenshi baca barungika abakozi akazi tugasigara turagakora, kwoza ivyombo no gukoropa twabikora tubikwakwanya.
Kugira ntibitubuze umwanya ukwiye wo kwikinira, vyasaba ko tuzinduka cane kubikora, gutyo nk’isaha zine tukaba tubimaze tugaca twiruka kuri ETS Kamenge.
Kubera hari ibibuga vyinshi, nta wabura aho akinira. Natwe rero twari twaranashizeho n’amahiganwa atandukanye y’urunganwe, twavyita ama “fédérations”. Aha rero n’uwombaza ico twari twakuyeko ngo tuvyite uko ntavyo notora. Muri ayo mahiganwa, twarakina n’abandi bana bava mu yandi ma karatiye. Kenshi bava mu Kamenge, mu Gihosha na Mutanga Nord. Haca uwambaye. Hari abana bari bazi gukina gira amahoro ! Iyo ubuhinga bwa none buza kuba buhari, uwari gufata amasanamu (videwo), ntihari kuburamwo abakinyi bagurwa mu makungu, kuko itarento zari zihari zari zishimishije.
Ntizari inkino gusa…
Hambavu y’umupira w’amaguru, kuri ETS Kamenge harabera ibikorwa vy’imihari n’imigwi y’ubutumwa itandukanye, yahuza abayabaga benshi. Tuvuze nko mu ba “scouts”, umuhari witwa “Saint Eugène” waramuye abatari bake, bava ahatandukanye : Gasenyi, Ngagara, Gihosha na Kamenge ni ho wakorera. Ryari irindi shure ry’indero, ukubana neza n’abandi, kwubaha, gukerebuka, gucangamuka, ndetse no kumenya utuntu n’utundi. Mu muhari, haravamwo abagenzi, batinda bakaba incuti. Abakuze barashira ku murongo abakiri bato, bakagira indero nziza cane. Aha mvuga aba scouts kuko ari bo naciyemwo, ariko hari n’iyindi mihari nk’abasaveri, ingendanyi, n’iyindi yose yakorera aho.
Ikindi cakundwa cane kuri ETS Kamenge, harabera ibirori twita “spéctacle boom”, kenshi ku musi wa gatandatu. Ico gihe vyaba bikomeye cane. Hari haharawe abaririmvyi b’ibihangange nka Céline Dion, Koffi Olomidé, 2 Pac, Bob Marley n’abandi. Abasubiramwo indirimbo z’abo baririmvyi, baba ari aba « stars » bakomeye. Emwe, uri umusore ukaba utari muri abo baja kuri « scène » ntiwapfa uronse umukobwa akuvugisha. Nta jambo na mba. Muri « boom » naho, haboneka cane abafise akanoti, kuko waba ari umwanya wo gusorora no gutamba mu kivunga. Uwatekeye ijisho yararirya.
N’ubumenyi ntibwasigara inyuma
N’ubwo ndiko mvuga ivy’agapira, gutamba hamwe n’imihari gusa, hari n’abandi bataja kwasama. ETS Kamenge, nk’uko mubizi, ni ushure ryigisha imyuga. Hari abakunda imyuga, begera abafundi canke abigisha, bakahakura ubumenyi butandukanye, mbere no mu nyuma, bakaronkeraho n’ubuzi. N’aho haba ari mu burunduko, ama « ateliers » yaguma akora, haba ayo kubaza, gusudira, canke gukanika imiduga (mécanique). Abana bahabona rero, barahakura akanoti mu kwegeranya ivyuma bitagikoreshwa, ibisigarira vy’imbaho, n’ibindi bitandukanye bakabigurisha.
Iryo shure twovuga ko ryabaye nk’ikigo c’urwaruka, coroherereza imyidagaduro, inkino, imico kama, hamwe n’ubumenyi, na canecane mu gisata c’imyuga. Ikindi, gihambaye, muri iyo myaka ya 98 kuduga, igihugu cari mu ntambara ibica bigacika. Igisagara ca Bujumbura ciziziwe n’ubwicanyi bunafatiye ku moko. Aho rero kuri ETS Kamenge, zaba za nkino, yama « spéctacles » hamwe n’imihari, vyahuriramwo urwaruka rutandukanye, haba ku bwoko canke ama karatiye bavamwo. Mu yandi majambo, cari ikibanza co kwibagira ibibazo bitandukanya urwaruka, kanatsinda ntivyari bike.