article comment count is: 1

Ishano: ikibazo tudakwiye kwirengagiza

Ishano ntiryica abantu gusa ryica n’imibano. None ishano vy’ukuri rirabaho? Rivurwa gute? Ubwo ntabikika inyuma ya ryo kugira bambike iceyi?  Uko biri kwose ikibazo c’ishano kirateje impungenge Abarundi batari bake. Ni iyo mpavu yatumye Yaga yiyumvira gutegura urukurikirane rw’ibisomwa kugira abafise ayo makenga bagire ico batahura ku kibazo c’ishano.

Mu gisagara ca Bujumbura, eka mbere no mu gihugu hagati, biravugwa muri iyi misi ko ishano ryabaye ndanse. Aha na hariya, mu kibano, wumva ngo naka canke naka yahawe ishano. Hari n’abo twumva ngo ni ba bitumwako mu kuvura ishano. Mu Kamenge na Kinama hari abirukirayo iyo biketse ko baririye. Hari kandi n’abo bivugwa ko bafise ubuhinga bwo kurikinga. Abandi bobo, ngo barashobora no kumenya no kudoma urutoke ku batanga ishano iyo abakeneye kubimenya canke abaririye babituye. 

Bamwe baribaza nimba ishano rivugwa rigakira nk’uko bivugwa. Hari n’abandi bibaza ahubwo akabazo kagufi ariko katoroshe bati: « None ishano ni vyo rirabaho ? ». Uretse ako kabazo, hari n’utundi umuntu yokwibaza. Ishano ritangwa mu ndya no mu nyobwa gusa ? Canke nk’uko bamwe babivuga, rirashobora guca no mu muyaga ? Mbega kwa muganga ntibashobora kurivura  ko benshi birukira mu bo twogereranya na ba rumenyi ? Hoho nta badendereza abandi ngo babahaye ishano kugira babadodobereze babankirize mu kibano ? 

Imbarutso y’urwanko

Umwe mu bagiye kwivuza agirako abaza uwamuhereye ishano abiwe yagize ati : « Yambariye ko ari umugore w’ingumba w’umubanyi. Amfitiye inzigo ko naronse uruvyaro nawe atagira namba. »

Aha hari ico umuntu atokwirengagiza. Ishano ntiryoba rimeze nk’imbarutso y’urwanko mu kibano, canke uburyo bwo guteza urubwa uwo mufise ico mupfa mugabo wabuze aho umuca kugira umwimbe mu mizi ? Bamwe mu bahinga basa n’abavuga ko ishano ritica umuntu gusa, ryica n’umubano mu miryango no mu gihugu. 

Kubera ko hari ibibazo vyinshi abantu bibaza kw’ishano, kandi hari n’imvo zituma umuntu yibaza ko hariho ivyinyegeje inyuma y’ishino, harakenewe gutohoza kw’ishano kugira abantu bagire ico bamenya birinde guhendwa babona.

Kubaza muganga ?

Abaganga twegereye, mu ncamake bagira bati: “Ni vyo hari ivyo umuntu ashobora kuvanga n’indya canke inyobwa yavyihereza akarwara, mbere no gupfa agashobora gupfa”. Baremeza kandi ko iyo umuntu yafashe ibirimwo ivyo bita ishano ashobora kuvurwa kwa muganga. Ico bafiseko amakenga ni ivyo abantu bavuga ko bica mu muyaga. 

Naho biri uko, ntawokwirengagiza ko hari ubuvuzi kama basokuru bakoresha kugira bivure indwara zitandukanya kandi bagashobora gukira. Aha nyene nta wokwiyobagiza ko n’imiti y’ikizungu itari mike iva mu biterwa vyakoreshwa n’abakera mu kuvura. None uwikeka ko yahawe ishano yoja kwa muganga canke kuri ba rumenyi bakamumenyera ? Ng’iki ikabazo kitoroshe catumye Yaga irungika bamwe mu banditsi bayo gutohoza. Uri abagiye  kwivuza kugira batahure ingene bigenda, uri abagiye kubaza muganga uko abibona, uri abagiye kurondera abahinga mu vy’imibano, n’abakoze ibindi, bose bagarutse basa n’abemeze ko ikibazo c’ishano ari ico kwitondera iyo umuntu ashaka gutahura neza.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Nukubanday amatohoz kuber ishano barivugako vyinshi binagoy gutahura haraho uza wumv ngumwan yariy ishano kandi arumwan adatemberera hanze adafungur hanz