article comment count is: 0

Kayanza : Umuvuduko wo kwandura indwara ya Marariya uteye ubwoba

Nk’uko biri no mu zindi ntara z’igihugu, indwara ya Marariya yananiranye mu ntara ya Kayanza. Ibiharuro vy’abatorwa umugera w’iyo ndwara birateye ubwoba. Abegwa n’amagara y’abantu, eka mbere n’abanyagihugu bikaba bibahagaritse umutima.  

 

Nk’uko ibiharuro bitangwa n’ibiro vy’intara y’ubuvuzi ya Kayanza bivyerekana, kuva mu kwezi kwa mbere kw’uno mwaka, buri ndwi, abantu bababa 7 000 nibo batorwa iyo ndwara. Nk’akarorero, mu ndwi iva kw’igenekerezo rya 11 gushika ku rya 17, abantu 6 750 ni bo batowe iyo ndwara mu gihe mu ndwi iva kw’igenekerezo rya 18 gushika ku rya 24 Ndamukiza, abayitowe bagera ku 6 709.

Mu gihe iyo ntara y’ubuvuzi igizwe n’uburere bw’ubuvuzi butatu ari bwo Gahombo, Kayanza na Musema, akarere k’ubuvuzi ka Gahombo ni ko kageramiwe gusumba ubundi kuko muri iyo ndwi ya mbere twavuze aho hejuru, abantu 3 123 ari bo batowe marariya nayo muri iyo ndwi ya kabiri abayitowe bakaba ari 3 313. Mu karere k’ubuvuzi ka Musema, muri iyo ndwi ya mbere abatowe marariya bagera ku 2 664, muri iyo ya kabiri baba 2 507. Mu karere k’ubuvuzi ka Kayanza, muri iyo ndwi ya mbere abatowe iyo ndwara bari 963 nayo muri iyo ndwi ya kabiri bakaba bari 889.

Ibituma

Nk’uko bivugwa na Muganga Célestin Congera, arongoye intara y’ubuvuzi ya Kayanza avuga ko ukwo kwiyongera cane kw’indwara ya marariya mu ntara ya Kayanza kwoba kuva ahanini kw’ihindagurika ry’ibihe, kuko mu gihe c’urushana imibu igwirirana cane kuko haba hari ibidengeri vy’amazi iba ishobora gutamwo amagi ayituma igwira.

Ikindi uwo arongoye intara y’ubuvuzi ya Kayanza avuga coba gituma iyo ndwara igwirirana, bwoba ari ubusaza bw’imisegetera yatanzwe mu 2019, ibituma imiti iyishirwamwo yoba yaraheze, n’imwe mu misegetera ikaba yoba yaratabutse ntibe igikinga imibu nk’uko bitegerezwa.

Mu barwaye, birashika bagasanzikara cane. Ivyo bigatumwa no kutitura abaganga na canecane ku gihe. Abandi basinzikara, ni abafata imiti batipimishije, bagapfa kwigurira gusa muri farumasi bakihereza.

Uwo muganga arongoye intara y’ubuvuzi ya Kayanza agahanura abanyagihugu kugirira isuku aho baba mu gukura ibidengeri vy’amazi ahegereye imihana. Asaba abo imisegetera yabo igikomeye kuyikoresha neza. Uwiyumviseko ibimenyetso vya marariya nawe yiture ivuriro aho kuja kugura imiti batapimwe. Nabo abayitowe, avuga ko bofata imiti nk’uko umuganga aba yabibabwiye. Abaganga n’abegwa n’amagara y’abantu, eka mbere n’abajejwe intwaro akabasaba gufasha na ntaryo abanyagihugu mu kubahimiriza banabibutsa uko baja baririnda iyo ndwara.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion