Ugutanga ishano mu ntara z’uburaruko
article comment count is: 0

“Yariye ishano”: ijambo rigisibije mu gisagara ca Bujumbura

Muri ino misi, baba abatunzi canke abakene, abize n’abatize, abakuze n’abato, ikintu co kurya canke guhabwa ishano cabaye ururirimbo mu kanwa k’abanyagisagara. Wumva ngo kanaka yarivuje barabura indwara afise birangira basanze yariye ishano. None vy’ukuri ivyo bivugwa biva kuki ? Uyu mwanditsi ati: “Ni ukuraba neza ntibibe ari amayeri y’abatekamutwe.”

Naragiye kwa muganga barabura indwara ariko nkaguma ndemba. Sinzi umugenzi ambwiye ngo nje kwipimisha ishano. Erega basanze ari ryo ryari rimpitanye. Bampaye umiti ndanywa mu minsi itatu nari inaga…”. Ivyo nabibwiwe na muvyaranje w’umukiruke ngiye kumusuhuza ejo bundi. Kandi uwo ntiyari umwe abimbwiye. Hari n’abandi benshi maze kwumva babimbwira, banyiganira ukuntu bahakuwe na yo, ishano ryari ribahitanye.  Ariko bose nguma ndababaza ico ari co iryo shano bakubwira ibitandukanye. 

Bamwe bavuga ko ari ibintu vyica ariko bisaba kubirya canke kubinywa kugira bikwice. Ni nko kurya umuti w’imbeba (sumu ya panya), ubumara(acide), … iyo bigeze mu nda bironona ibihimba vyaho. Arababara cane rwose, mbere bitevye agapfa. Abandi bavuga ko ari uburozi bufatanye n’impwemu mbi uwukwanka akurungikira ngo bikwice. N’aho ataho wofungura, barabigutuma no mu muyaga. Ngo bapfa kuba bakuzi izina gusa. Aho rero nkibaza nti none barirungitse mu muyaga nya muyaga uramenya iyo uja ? Canke abo uciyeko bose barafatwa ? 

Ngerageje gusiguza vyinshi banyishura ko amanyama yose ari uko ntararirya. Erega barayamaze ngo : “Uwutaraburogwa…”

Bukagira n’ababuvura

Mu bintu vyanteye ubwoba ku bijanye n’iryo shano, harimwo abarisuzuma bakongera bakarivura n’uburyo babikora. Mbajije uwo muvyaranje, yambwiye ko uwo  bita “muganga” usanga ari umugabo canke umugore atize ibijanye no kuvura (canke ataciye no ku ntebe y’ishure) kandi ntanemere ko ari umupfumu. Kenshi biyita abavuza imiti kama. 

Imiti y’ikirundi ndayemera (n’aho ubu abantu bose babaye abaganga ivyatsi vyose na vyo biba imiti) ariko ubonye uko barisuzuma vyonyene bigutera amakenga ku vyo batora n’imiti uza guhabwa. Yambwiye ati: “Umurwayi ahereza ikiganza umuganga, na we agaheza akakigaragura akandakanda. Mu nyuma akarigata mu kiganza mbere akanunuza intoke z’umurwayi. Mu kanya gato uba uronse inyishu ko wariye canke ukomeye. Mbere iyo waririye aranakubwira igihe umaze uririye, uko ringana mu mubiri (ryinshi canke rike). Rimwerimwe n’ico bariguhayemwo. Aho rero uba warishe amahera yo gusuzumwa (“consultation”) ari hagati y’ibihumbi mirongo ibiri na mirongo ine, bivana n’umuganga. Barigutoye uca ugura imiti n ayo (biba ari ibibabi uja guteka ukanywa amazi yavyo n’ibindi vyinshi bitandukanye) hanyuma akakubwira igihe uzogarukira gusuzumisha ko ryaheze mu mubiri wawe. N’aho nyene ugarutse urariha.”

Dukwiye kwiyubara…

Aho nanje ibibazo bimbana umuyoro. Nkibaza nti mbega abo bantu bavura izo ndwara ziba zigoye no guhurizako ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burabazi ? Mbega hoho uburyo bavuramwo buremewe ? Imiti batanga yo gute ? Uwo imereye nabi ashumbushwa gute ? Ko mbona ari bo bafata ingingo ko urwaye canke utarwaye, utoba ugikira canke ugifise amahirwe, ko uriha menshi canke make, ko ata cuma bakoresha bafise « ubuhinga » nyabaki ? Ubwo ntibizozanira ingaruka mbi abenegihugu ? Aho sinavuze kwikekana n’inzanko babiba mu bantu ngo ni naka yampaye ishano.

Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mbona bwokwakwanya bukarondera abo bantu hanyuma abafise intumbero nziza bakigishwa uko bokoresha imiti kama neza abarondera amahera na yo aciye mu nzira zitari zo bagatabwa mu mvuto kuko bariko bafyina ahafyikiye. Bakinisha ubuzima bw’abantu. Abantu bitura abo bantu na bo nyene, barakwiye kuja barashiramwo akenge bagatandukanya ubuvuzi kama n’ubufyitirizi, n’aho umubiri woba ubabaye. 

Turi mu gihe indwara z’ivyaduka ari nyinshi, ikirere ubwaco kirimwo imigera myinshi mbere kwikorera utwacu no guhimba ubuzi bigwiriye hamwehamwe bigakorwa mu buryo butari bwo. N’ivyo bijanye n’ishano rero nta wuzi ko atari ivyo bivako.  Ikindi kintuu gikwiye gutohozwako, ni ukuntu iryo shano risigaye ritangwa cane muri iyi misi, n’abarivura bagaca bibonekeza. Abo baritanga barikura hehe? 

Naho twavuze mu gisagara gusa, biri mu gihugu cose, nk’uko vyemezwa n’abasenyeri ba katorika. Baherutse gusohora itangazo, bamenyesha ko ivyo gutanga amashano biri mu gihugu cose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion