article comment count is: 3

Ibintu 5 bitari vyo twiyumvira ku “badiaspora”

Tubita “abadiaspora canke tukabita aba-“Come from”. Ni Abarundi baba mu mahanga. Nta vyigwa vy’abahinga birerekana imvo zituma ibintu bimeze uku ngira ndabishikirize, ariko nyene, hari ivyiyumviro bishika kuri 5 dufise kuri abo benewacu, rimwe na rimwe bikabatera kwifata uko batari canke kutisanzura bagarutse iwabo : umubano utameze neza cane.

1. Bafise amafaranga menshi

Nategerezwa guhera kuri iki nyene. Namba ari kubera ayo bakoresha ataba ari amarundi, maze ugasanga kenshi ni amwe y’agaciro kanini gusumba iryacu, Abarundi tubona umengo umudispora wese ni “Ziranotse” canke “Zirakwakwara”.

Ivyo rero, bamwe muri abo bagenzi birabatera kwumva umenga ni agashambara kadasanzwe bambaye – Abarundi n’agateka ga yemwe! – hama bigatuma bagira ingendo zo kubigaragaza. Ivyo bikabonekera mu kugene babaho iyo bagarutse hano iwabo. Ni ugufungura utwo bazanye twose, duheze bagasubirayo, abadasubiyeyo bagaca babona kumera nk’abasangwa rero. Nabo bakarangwa n’ugutega ibiganza ngo: “Mpako ku vy’iyo wahora ntuze we!”

2. Ni incabwenge gusa

Niko, mu Kirundi tugira duti: “uwudatembereye ntaca ubwenge”. Ariko, ntibisigura ko umuntu yakubitiye hakurya aba afise umuti ku kagorane kose, nk’aho womenga ni akantu afyonda. Ugasanga rero mugiye nko gusaba akazi muri babiri, we wize ay’aha iwacu uwundi ayo hakurya, wewe bakakakwima kubera babona umengo wize aya “rupigapiga” canke bakakaguha kuko ari aka makeya (ni yo mukwiranye).

Simpakanye ko hari ibihugu bifise indinganizo nziza z’inyigisho kuturusha. Mugabo, hari igihe akurusha kumenya uko yobigenza, nawe ukamurusha gutahura imizi y’ingorane; na kare ngo “imyenge y’inzu imenywa n’uwuyitahamwo.” Kubera rero “umwana adatembera agira ngo nyina niwe acumba bunini”, uwobiraba neza yohava asanga twuzuzanya. 

3. Ni “Abanyabiro” gusa

Iyo hiyo hagati mu gihugu canecane, birabanguka ko umwana avuye mw’ishure ry’uburaro umuvyeyi wiwe amushikiza kw’isuka ku kivi co mu mwonga, muga uno nyene yava mu mashure yo hanze y’igihugu, n’igikombe co kunywa amazi bakabanza kukimwogereza. None ivyo biva kuki?

Ni mumbaze muti: “none weho wokora ibitandukanye n’ivyo?” Oyaa! Erega nico cantumye nandika iki gisomwa. Vyoba ari ibisanzwe none ko tuvyifatamwo uko? Kuko bituma uwo mwenewacu yiyumva nk’umushitsi kandi ari iwabo; umusangwa mu bandi. Agaca yumva yoguma areze amaboko, kandi yari umukozi yiyongeyeko, ikivi kikanyaruka guhera.

4. Ntibazi Ikirundi neza

Ugasanga uwaciye ku ntebe y’ishure afise imforo yo kubaganiriza mu Gifaransa canke Icongereza, uwutazi izo ndimi nawe agatinya kubavugisha yisanzuye ngo “bohava batamutahura”. Ikirundi barakizi kandi baranagikoresha bamwebabwe no mu miryango iwabo, eka no mu misi mikuru bagira iyo bari barakoresha urwo rurimi.

Muga rero hari n’abadiaspora baca bahuhura n’ivyahuha; ukaja wumva ngo: “nari nkumbuye cabbages zo mu Burundi”; aho rero ariko avuga amashu. 

5. Iyo baba ni heza kurusha iyo bakomoka

Ibi navyo ni ibintu bivana n’aho igihugu kigeze mu gutunganya indinganizo z’ibisata bitandukanye vy’iterambere. Niko, aha iwacu vyinshi biracacumbagira cane, akajagari karacari ikirenga mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, ugereranije n’ibindi bihugu bitari bike.

Ariko rero, ivyo ntibica bisigura ko Umurundi abaye mu yandi makungu abayeho neza kurusha uwo ari we wese wa hano iwacu. No muri ivyo bindi bihugu, abatorohewe bariyo nk’uko n’abafise ivya nkenerwa vyose bariyo. 

Harya, usanga benewacu baba bamaze nk’umwaka wose bariko baraziganya udufaranga kugira mu gihe kanaka baze basimbire ino gukumburukanya n’ababo. Natwe twababona bariko bafungura uwo mwimbu wabo, tukagira ngo nibo bene amikoro; ntitumenye ko hari uwavubi bamaze ikiringo batubitse. 

Iya nyuma ni iya ba bigeme canke abahugu babona uwo bari barabenze akubitiye hanze bagaca bandama kumukunda, nk’aho umengo ahindutse inzira y’amakiriro. Iyi ndwara mwe mwayitahuye ? Mbaye ndagejeje hano.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Kubo nabonye bashika batwemeza kweli.Gukota umuduga azotemberamwo gushika igihe azogera gusubira hanze. Kandi nabandi ingeso ziba zitameze neza ngo narinkumbuye abana ba Bja ( kuryabana) .Nabakobwa bamwe baca babemera kubera akanoti. Nkumudiaspora amaze kumenyera hanze iyo aje ashikira nahantu hatazwi akaza iwabo nomumuryango avuye aho yashikiye. Umubjije ngo nashikiye mubagenzi. Abo nabonye inyifato yabo ntiyampimbaye