Biboneka ko bamwe babuze ayo bacira n’ayo bamira, abandi bakavuga aya muhe. Hagati y’iyo migwi ibiri, hari abafise ibimenyetso vyabo bwite, ivyo bazokwama bibukirako Nyakwigendera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yashengeye kuwa 8 Ruheshi, 2020.
Ngitangura kubona amakuru avuga ko yitavye Imana, nabibona nk’ibihuha. Naribuka ukuntu naheruka kumubona ku mboneshakure mu bikorwa vyo mu ntara nk’uko yahora, na ka kanyamuneza nyene, na rya shaka nyene ; vyarangoye vy’ukuri kwemera ko yashengeye.
N’itangazo rya Reta ryemeza iyo nkuru mbi ntiryanyemeje vy’ukuri ko ari vyo. Wamenga ndi mu ndoto mbi. Ivyo vyiyumviro narinze ndabijana mu gitanda, nteba nsinzira nkiri muri vyo. Nikanguye, naragize ivyiyumviro vyinshi, nteba ninjira no mu guca irya n’ino ivyaranze intwaro yiwe, ivyo nzokwama ndamwibukirako.
Igisata c’inkino co wagikuye kure
Ndi umukinyi, kandi ndakunda inkino cane. Ku ntwaro yiwe, amashure atari make yarubatswe, ariko kandi ibibuga vyiza vyiza vy’inkino nk’ic’i Buye, mu Rumonge, i Gitega n’ahandi vyarubatswe. Muri make, wabaye umunezero kuri jewe igihe cose nakiniye canke narorereye urukino ruriko rubera kuri ivyo bibuga.
Mbega hari ubundi buryo bwo guteza imbere inkino buruta kugwiza imigwi y’abakina n’amahiganwa mu gihugu ? Imigwi y’inkino mishasha yaravutse, igikombe citiriwe umukuru w’igihugu kiratanguzwa ; udushirukabute ku migwi itandukanye, tutibagiye n’abakinyi umwe umwe: imyambaro, imipira, uburyo bw’amafaranga n’intungwa, inka canke impene, vyagize akamaro kanini muri ico gisata.
Abavyeyi n’ibibondo twaroroherejwe
Ico gihe, niga mu mwaka wa kabiri mu mashure y’intango. Hari mu mwaka w’2005. Ni ukuvuga ko amashule yose y’intango, kiretse umwaka wa mbere, nayize ku buntu. Abo tuvukana bose bobo, ico gihe, bari musi y’imyaka itanu bavurwa ku buntu, eka mbere umuhererezi w’iwacu yavutse ku buntu. Si ivyo kudeha ko intwaro ya Petero Nkurunziza yafashije umuryango wanje, umwe mu yindi myinshi iri mu gihugu c’Uburundi.
Ngo nta nyambo ibura agahonzi?
Ndavye ibiriko biraca ku mbuga ngurukanabumenyi, benshi baguma bibuka ivyabaye mu mwaka w’2015, igihe haduka intureka zishingiye ku kiringo ca gatatu.
Izo ntureka zatumye abatari bake bata izabo barahunga, abandi bitaba Imana, eka mbere ubuzima bw’igihugu muri rusangi burahungabana. Ubwoba bwari butekeye imitima ya benshi ico gihe, ivyigwa n’iyindi mirimo birahagarara, tugataha mu mihana idatekanye; tutibagiye ko uwo mwaka watosekaje imigenderanire y’igihugu cacu n’ayandi makungu.
Niko, ivyo vyarabaye. Ariko nyene, hari vyinshi vyiza adusigiye, kandi n’abandi bofatirako akarorero. Nk’umuvyeyi, umurezi, indongozi ukaba n’umwungere, urupfu rwiwe rwarambabaje cane.
Ese yobera akarorero abazomusubirira, bakabandanya isemo aho ari ayigejeje mu vyiza, nayo ibitari vyiza bakabirandurana n’imizi, bakabigira indahiro n’umuziro, maze Uburundi bukibera mu mahoro arama, mu mutekano vyo soko ry’iterambere rirama, eka mbere bukamana iteka mu makungu nk’uko wamye uvyipfuza.
Iruhukire mu mahoro !
Ewe gaye!! sinzibagira ibi???? Ico kirundi ni ca hehe? ico si kirundi n’ukuri. Abakosora bashiramwo inguvu. Jewe nibazako yashatse kuvuga » Hari ivyo ntazibagira » canke Ng’ibi ivyo ntazibagira. Raba mukosore
Ikirindiciza nukumenya icuruco
Oya Vraiment Birababaje Kubona Tubuz Uwoduteje Jimbere
curaba nawe ingene wokwitez imber?
Naramukunda bivuye kumutima kuko nize kuri gusa amashure narayamaze
JEWE NUBU NDACABABAYE KUBURA UMUNTU AKANDA ABANDI NKA MUTAMA WACU NKURUNZIZA .IMANA IZOBIMUHAMBERE IVYIZA YADUKOREYE.
NDABABAY CAN KUKO IVYIZA YADUKOREYE BIRENGEJE URUGERE TUBUZE UMUVYEYI YAR ATWITAYEHO UBU NSINKIGUGA
Niko bimeze
Twamukunda turibeshi ariko rero habonets uwumukunda kuturusha
incabwenge zahoz kumashul kuva 2005 gushika 2020 .dukwiye kugandara ukwezi kwose .uzirikana ubutwari bwa nyakwigendera peter nkurunziza.qu il sois benis
Nukuri Twe M’uburundi Hamwe Vyukuri Yoba Yarasize Iragi Ryiwe Vyukuri Ntitwokwihebura Kubera Yaratubereye Umutwari Mwiza Hamwe Naboza Boza Batwara Nkawe Vyoturyohera Twebwe Abenegihugu
Imana Ikuzigame Ahugiye Hose
Ntakund imana imushire mubiganza vyayo
Nzama ndamwibukira kukungene yatanguje ihuriro ryurwaruka muri2016 Aho yatwigishije gukura amaboko mu mpuzu tukiteza imbero twoye gushaka kwambara amashati yamaboko maremare hataragera yarongeye aducira numugani uvuga ati: »uja mukibira utazi ugaca inkoni utazi »niyuruhukire mumahoro
Ntabwo Nazigera Nibagirwa Mutama Son Excelence Pierre Nkurunziza Kuko Ivyiza Yakoze Ni Vyinshi Ariko Nzokwama Ndamwibuka Nkumu President Wambere Yatwaye Uburundi Kandi Yakanguriye Abarundi N’abarundikazi Kutazera Amaso Inze No Kutaba Ibinebwe Ngo Turindiriye Ubuzi Bwa Leta.
Imana Imwakire Mubwami Bwayo
Ico abarundi 2ri uno mu6 2bikexha utwari n »ubukerebutx bwaw. Que ton âme repose en paix.
Nanje sinzokwigera nibagira uwo nyakwigendera
Nanj Urupfu Gwa Nyenicubahira Petero Nkurunziza Gwambabaje Gusumb Abandi Bose Iyab Vyokunda Bogushinguye Mukinogo Kimwe
nyakubahwa Petero Nkuru Nziza Niwigire Twese Tuzogusanga Hiyo Niho Iwacu Urupfu Rwawe Sinzokwigera Ndagwibagira Numwuzukuru Nzorumubwira
nukuri ivyo bintu birababaje cane nanje sinigenze ndavyemera kuko narindi kwishure muga aho bavugiye amakuru naciye ndavyemera ubu maziminsi nijiriwe bimwe birenze je we ndababaye kubera yakozibintu vyishi cane kuko yatwigishije k’ubuntu tuvuka k’ubuntu urumva yakoze nkintwari aruhuke mumahoro Imana imwakire mumababa yayo yarumugabo w’igihugu.
ntakundi Ko Vyabaye Twese Ducaho Kwadutanze Twihangane.
Ndababaye Cane Kubona Umuntu Nkuwo Adusiga Nivyiza Yadukorera Imana Imwakire Mubwami Bwayo! amen
Yarumugabo AkomeYE WIJUNJA Nijambo
Condoléance
Niyigire Yari Intwari
Birababaje came kubona twarabuze Peter Nkurunziza nka Presida kandi nk’umurundi.Iyo umurundi apfuye ni Porte ku gihugu kuko uyo muntu aba apfanye des idées ninguvu yokoresheje mu kwiteza imbere no guteza imbere abandi.
Sinari fan wa politique ya Peter ariko je suivais des fois ivyo akora via les media mfise umwanya.naaho atoba yarakora vyiza gusumba abandi batahura birashika kuko nta wushimisha bose.Na Yezu yadufiriye si twese dukurikire amabwirizwa yose ngo tumushimishe.namye nibazako un jour azoteba agahinduka agakora vyiza agashimisha benshi mais ntiyaronse umwanya.urupfu rwiwe vharangoye kurwemera namaze imisi 2 numviriza amaradio nongera mbaza ko réellement arivyo.ce qui m a fait mal au coeur par après.nubu iyi saha ndaza ndaraba amasanamu yiwe nibazako esk c vrai qu’il n est plus ou c in mensonge.
C dommages,maid on se plies à la volontédu Très Haut qui,Lui Seul sait pourquoi Il a préféré prendre notre cher,populaire,vaillant sporting et bien-aimé Peter Nkurunziza à la place de klk 1 d autre,pourquoi pas moi.Dieu est mistérieux.
Malgré les rumours qui continuent de circular depuis ndibazako un jour on saura la vérité sur sa mort.
Que Dieu continue de console sa chère spouse Denjse et ses enfants.
excusez mois des erreurs de frappe
EWANA NATWE TWARABABAYE CANE .
Papa Burundi Reste In Peace Iragi Waduhaye Ntanumwe Atarizi
Imana Ikwakire Waramfashije Nkiri Umunyeshure Umpa Amakaye Ya Gusa
Commentaire natwe vyaratu babaje cane kandi biradutera nikigongwe kuko ariw yatumy dushobora kwiga tutariha kwishur kuva muwambere gushika muwicenda imana rero n’imwakire. Turamusengera
Ntakundi Twese Twihangane Kuba Yarashengeye
Ntawanka icabaye ariko ninkuru Itarinziza namba.
nukwihangana ntakundi!
imana imuzigame aho ari hose
War’umugabo wintwari pe! Imana igushire iburyo bwayo
nukr ntituzomwibagi