article comment count is: 37

Urupfu rwa Petero Nkurunziza: sinzibagira ibi

Biboneka ko bamwe babuze ayo bacira n’ayo bamira, abandi bakavuga aya muhe. Hagati y’iyo migwi ibiri, hari abafise ibimenyetso vyabo bwite, ivyo bazokwama bibukirako Nyakwigendera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Yashengeye kuwa 8 Ruheshi, 2020.

Ngitangura kubona amakuru avuga ko yitavye Imana, nabibona nk’ibihuha. Naribuka ukuntu naheruka kumubona ku mboneshakure mu bikorwa vyo mu ntara nk’uko yahora, na ka kanyamuneza nyene, na rya shaka nyene ; vyarangoye vy’ukuri kwemera ko yashengeye. 

N’itangazo rya Reta ryemeza iyo nkuru mbi ntiryanyemeje vy’ukuri ko ari vyo. Wamenga ndi mu ndoto mbi. Ivyo vyiyumviro narinze ndabijana mu gitanda, nteba nsinzira nkiri muri vyo. Nikanguye, naragize ivyiyumviro vyinshi, nteba ninjira no mu guca irya n’ino ivyaranze intwaro yiwe, ivyo nzokwama ndamwibukirako.

Igisata c’inkino co wagikuye kure

Ndi umukinyi, kandi ndakunda inkino cane. Ku ntwaro yiwe, amashure atari make yarubatswe, ariko kandi ibibuga vyiza vyiza vy’inkino nk’ic’i Buye, mu Rumonge, i Gitega n’ahandi vyarubatswe. Muri make, wabaye umunezero kuri jewe igihe cose nakiniye canke narorereye urukino ruriko rubera kuri ivyo bibuga. 

Mbega hari ubundi buryo bwo guteza imbere inkino buruta kugwiza imigwi y’abakina n’amahiganwa mu gihugu ? Imigwi y’inkino mishasha yaravutse,  igikombe citiriwe umukuru w’igihugu kiratanguzwa ; udushirukabute ku migwi itandukanye, tutibagiye n’abakinyi umwe umwe: imyambaro, imipira, uburyo bw’amafaranga n’intungwa, inka canke impene, vyagize akamaro kanini muri ico gisata. 

Abavyeyi n’ibibondo twaroroherejwe

Ico gihe, niga mu mwaka wa kabiri mu mashure y’intango. Hari mu mwaka w’2005. Ni ukuvuga ko amashule yose y’intango, kiretse umwaka wa mbere, nayize ku buntu. Abo tuvukana bose bobo, ico gihe, bari musi y’imyaka itanu bavurwa ku buntu, eka mbere umuhererezi w’iwacu yavutse ku buntu. Si ivyo kudeha ko intwaro ya Petero Nkurunziza yafashije umuryango wanje, umwe mu yindi myinshi iri mu gihugu c’Uburundi.

Ngo nta nyambo ibura agahonzi?

Ndavye ibiriko biraca ku mbuga ngurukanabumenyi, benshi baguma bibuka ivyabaye mu mwaka w’2015, igihe haduka intureka zishingiye ku kiringo ca gatatu. 

Izo ntureka  zatumye abatari bake bata izabo barahunga, abandi bitaba Imana, eka mbere ubuzima bw’igihugu muri rusangi burahungabana. Ubwoba bwari butekeye imitima ya benshi ico gihe,  ivyigwa n’iyindi mirimo birahagarara, tugataha mu mihana idatekanye; tutibagiye ko uwo mwaka watosekaje imigenderanire y’igihugu cacu n’ayandi makungu. 

Niko, ivyo vyarabaye. Ariko nyene, hari vyinshi vyiza adusigiye, kandi n’abandi bofatirako akarorero. Nk’umuvyeyi, umurezi, indongozi ukaba n’umwungere, urupfu rwiwe rwarambabaje cane. 

Ese yobera akarorero abazomusubirira, bakabandanya isemo aho ari ayigejeje mu vyiza, nayo ibitari vyiza bakabirandurana n’imizi, bakabigira indahiro n’umuziro, maze Uburundi bukibera mu mahoro arama, mu mutekano vyo soko ry’iterambere rirama, eka mbere bukamana iteka mu makungu nk’uko wamye uvyipfuza.

Iruhukire mu mahoro !

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (37)

  1. Ewe gaye!! sinzibagira ibi???? Ico kirundi ni ca hehe? ico si kirundi n’ukuri. Abakosora bashiramwo inguvu. Jewe nibazako yashatse kuvuga » Hari ivyo ntazibagira » canke Ng’ibi ivyo ntazibagira. Raba mukosore

  2. incabwenge zahoz kumashul kuva 2005 gushika 2020 .dukwiye kugandara ukwezi kwose .uzirikana ubutwari bwa nyakwigendera peter nkurunziza.qu il sois benis

  3. Nukuri Twe M’uburundi Hamwe Vyukuri Yoba Yarasize Iragi Ryiwe Vyukuri Ntitwokwihebura Kubera Yaratubereye Umutwari Mwiza Hamwe Naboza Boza Batwara Nkawe Vyoturyohera Twebwe Abenegihugu

  4. Nzama ndamwibukira kukungene yatanguje ihuriro ryurwaruka muri2016 Aho yatwigishije gukura amaboko mu mpuzu tukiteza imbero twoye gushaka kwambara amashati yamaboko maremare hataragera yarongeye aducira numugani uvuga ati: »uja mukibira utazi ugaca inkoni utazi »niyuruhukire mumahoro

  5. Ntabwo Nazigera Nibagirwa Mutama Son Excelence Pierre Nkurunziza Kuko Ivyiza Yakoze Ni Vyinshi Ariko Nzokwama Ndamwibuka Nkumu President Wambere Yatwaye Uburundi Kandi Yakanguriye Abarundi N’abarundikazi Kutazera Amaso Inze No Kutaba Ibinebwe Ngo Turindiriye Ubuzi Bwa Leta.

    1. nyakubahwa Petero Nkuru Nziza Niwigire Twese Tuzogusanga Hiyo Niho Iwacu Urupfu Rwawe Sinzokwigera Ndagwibagira Numwuzukuru Nzorumubwira

  6. nukuri ivyo bintu birababaje cane nanje sinigenze ndavyemera kuko narindi kwishure muga aho bavugiye amakuru naciye ndavyemera ubu maziminsi nijiriwe bimwe birenze je we ndababaye kubera yakozibintu vyishi cane kuko yatwigishije k’ubuntu tuvuka k’ubuntu urumva yakoze nkintwari aruhuke mumahoro Imana imwakire mumababa yayo yarumugabo w’igihugu.

  7. Birababaje came kubona twarabuze Peter Nkurunziza nka Presida kandi nk’umurundi.Iyo umurundi apfuye ni Porte ku gihugu kuko uyo muntu aba apfanye des idées ninguvu yokoresheje mu kwiteza imbere no guteza imbere abandi.
    Sinari fan wa politique ya Peter ariko je suivais des fois ivyo akora via les media mfise umwanya.naaho atoba yarakora vyiza gusumba abandi batahura birashika kuko nta wushimisha bose.Na Yezu yadufiriye si twese dukurikire amabwirizwa yose ngo tumushimishe.namye nibazako un jour azoteba agahinduka agakora vyiza agashimisha benshi mais ntiyaronse umwanya.urupfu rwiwe vharangoye kurwemera namaze imisi 2 numviriza amaradio nongera mbaza ko réellement arivyo.ce qui m a fait mal au coeur par après.nubu iyi saha ndaza ndaraba amasanamu yiwe nibazako esk c vrai qu’il n est plus ou c in mensonge.
    C dommages,maid on se plies à la volontédu Très Haut qui,Lui Seul sait pourquoi Il a préféré prendre notre cher,populaire,vaillant sporting et bien-aimé Peter Nkurunziza à la place de klk 1 d autre,pourquoi pas moi.Dieu est mistérieux.
    Malgré les rumours qui continuent de circular depuis ndibazako un jour on saura la vérité sur sa mort.
    Que Dieu continue de console sa chère spouse Denjse et ses enfants.

  8. Commentaire natwe vyaratu babaje cane kandi biradutera nikigongwe kuko ariw yatumy dushobora kwiga tutariha kwishur kuva muwambere gushika muwicenda imana rero n’imwakire. Turamusengera