Iyo umuntu atagize Imana ngo aronke umukozi afise indero runtu, umwana wiwe arerwa nabi. Uyu mwanditsi yashimye kudusabikaniriza bike mu vyo yokwubahuka kuvuga, muri vyinshi cane kandi bibi umukozi yamuyagira akiri muto cane.
Gutukana imikomo, kuvuga amajambo y’ibiterasoni, gusambanya abakobwa turorera… ni bimwe mu vyo abakozi, harimwo Bakana* yakora iwacu, bakora. N’iyo vyabaye ntitubibone, yaca aza akabitwiganira vyose ataco asize inyuma. Yakunda kwitazira Kayameni. Ico nibuka ni uko muri twese ata mwana n’umwe yari afise imyaka irenga cumi.
Bimwe mu vyo umukozi wo muhira n’abo mu kibano banyigishije nagumanye mu mutwe, harimwo: imikomo myinshi, ivyitiranwa vyinshi vy’igitsinagore canke igitsinagabo, ivyitiranwa vyo kugira imibonano mpuzabitsina, hamwe rero n’imvugo zidasanzwe zirimwo gushikuza cane mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina.
Kumena ibanga
Yaranatubwira n’amabanga yiwe, ko umugore yamugoye guca ince, ku buryo yarinze kunywa urumogi, bihava birakunda. Yaratubwiye mugabo ko umugore yaravye. Uko yatubwiye yamurabuye sinobisubiramwo.
Ikindi na co mu bibi vyinshi yatubwiye ni uko intanga(ata n’izo twari bwabone), kizira kwiyoga canke gukaraba aho zakugiyeko,ngo ntiwosubira kuvyara kuko zica ziba amazi. Ni ukuri nakuze nzi ko uwo muziro wifashe uko nyene. Eka mbere “kiranazira kumwa umushatsi wo ku bihimba vy’irondoka uri umuhungu canke umugabo”, ku bwiwe “bituma intanga zidakomera”.
Abana bakina ivy’abakuze
Erega ntiyatinya kwoga canke kwihagarika tubona, akanatwereka igitsina ciwe akagira ati : “Reka kuraba iki ni co cabavyaye mwa bana mwe.” Twaca tumubaza uko bigenda kugira umugabo avyare agaca atugira ku muriri. Hari igitutsi yakunda gutuka uwudakora neza ati: “Amaboko yawe umengo yavyaje imbwa wa kivetera we! “ (“Vétéran” nakuze nzi ko gisigura igihwiji) !
Abana twabana ntibatangwa kuja gushira mu ngiro ivyo babwiwe. Wasanga umwana w’imyaka ine yagize ivyo bintu n’agakobwa bangana, bakigana bimwe bumvana umukozi. Ndibuka umwana yaciye aja kubwira nyina ko be n’akandi gahungu babigize. Barakubiswe n’ayo bonse barayadahwa. Bati ingeso iraraba ntihwera, iyo mbuto mbi yarabakurikiye gushika naho hari abakobwa babibandanije bakaguma bavyarira iwabo.
Tugabe
Nanka kubabesha, jewe mfise imyaka ine nari maze kwumva ibijanye n’imibonano mpuzabitsina, igituma bavyara, aho umwana aca n’ibindi. Ariko naho biri uko, vyinshi nari nzi ntivyari vyo, kandi n’abana tungana bose, barabibwirwa n’abakora iwabo, canke umwana yabibwiwe akabibwira abandi.
Abakozi canke abandi munyumva muntahure. Singomvye kuvuga ko abakozi ari babi, gusa birashika hakabamwo ibigaba. Vyiza bokwibuka ko bahawe ibanga ryo kurera, bakanarabana hagati yabo, kugira ngo bake babi ntibabandanye batukisha izina ryabo, maze umuryambwa abe umwe yitukishe. Ariko n’abavyeyi bomenya ko ivyo bibaho, maze bakama bakurikiranira hafi indero y’abana babo kugira ba bakozi babi ntibabace mu ryahumye maze indero y’umwana basange yanyereye.
*:izina ryahinduwe
Ivyo nivyo kwl si abakozi gusa harigihe na mukuru wawe canke umugenzi muteramana aguha inyigisho zisheguza.
Ni sobre
harakwiye inyigisho kubakozi bo mumazu,kumbure hakabaho ico nokwita code d’éthique y’umwuga.cane cane bakibutswa ko atari abacangero.Ntakintu kibabaje kugusigira umwana la bonne ugasanga umwana ariko yassista de telles scènes.