article comment count is: 0

“Narabuze umugabo kubera ubutinyanka”: intahe

Igenekerezo rya 28 Rusama, isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubutinyanka. Uwo musi buca uhimbazwa irya mbere mu Burundi, wibutsa vyinshi Jeanne* w’i Makebuko, aho  ibikomere yatewe n’amakuba yabonye kubera ubutinyanka, vyamutumye abura umugabo. Umvirize namwe uko vyamugendeye.

Nja mu butinyanka bwa mbere, nari mfise imyaka cumi n’itandatu. Ico gihe, ntibwaje nk’uko biba ku bandi. Mu misi indwi bwamazeko, nararibwa cane, nkava amaraso menshi, ku buryo nataye ubwenge nduhukira kwa muganga. Baramvuye, ngarukana akenge ndiko nongererezwa amaraso. Kubera ibijanye n’ubutinyanka ari indwara z’abakenyezi, nasanze banshize mu gisata c’abakenyezi. 

Mu gihe mu kibano abantu bazi ko umuntu arwariye mu gisata c’abakenyezi aba ari uwibungenze agiye kuvyara, canke yagize ikibazo c’imbanyi, nakize gushika mu bitaro maze mu kibano hatangura gusamirana ko nakoroye inda. “Erega ni co gituma yava amaraso menshi, akabesha ngo ni ubutinyanka”. Ayo n’ayandi ni yo majambo yasamirana, kandi ivyo kuryamana n’abahungu ntari nzi n’iyo bitaye umutwe. 

Narasavye kenshi kuja kurwarira mu kindi gisata, ariko biranka, maze bikomeza gushimangira ivyavugwa mu kibano. Erega n’umuryango, kubera atawari bwaje mu bitaro kubera ubutinyanka, bahavuye bemera ibivugwa mu kibano. Muganga mukuru ni we yaje kunkurako iceyi, ankoreye iradiyo hamwe n’ibipimo, asanga nta mbanyi nigeze. Ariko, akaba kari kamaze kuba. 

Inzira y’umusaraba

Ubwo butinyanka wumva, nabubonye irya mbere haheze imisi ntoye ikibazo c’ukuraganira mw’idini rya Katolika. Ico naco, ku bigeme tutize, kingana n’urupapuro rw’umutsindo. Ruherekezwa n’ugutangura kureshwa n’abasore, hanyuma hagakurikira ukurongorwa. Kwikekwa n’ukwambikwa iceyi ko nakoroye imbanyi, vyatumye abasore bageze kwubaka izabo banyinuba. Mu ntamatama, uwuntumbereye baca bamubwira ngo “urya ni igishurushuru. Yarakuyemwo imbanyi ntawomushira mu rugo”.

Gushika ku myaka mirongo ibiri n’itanu, abo tungana bavyaye rimwe, nta n’umwe yari bwantumbere. Uwandamutsa wamengo aransezeye kubera mu kibano ico ceyi kitigeze kimvako. Ni ho nigira inama y’ukwimuka nkaja aho batanzi kwa marume. Aho hoho vyahavuye vyunyuka.

Biri ingo biri ingo zose

Mfise imyaka mirongo ibiri n’umunani,  niho nahava ndonka umuhungu tuvyumva kumwe. Naranezerewe cane ndavuga nti nanje Imana igiye yanyibuka. Ariko, kubera ubutinyanka bwanje bwama buhumura ari uko ndinze kujanwa mu bitaro guterwa imiti y’ububabare, ndetse rimwe na rimwe nkanongerezwa amaraso, wa musore yahavuye atangura kugira amakenga. 

Ayo makenga nayo yava ku nkuru atari zo yakura mu runganwe rwiwe no mu kibano. Izo nazo zavuga ko, kubera uko kuntu nama mu bitaro kubera ubutinyanka, nzoba ingumba, ntazovyara, ngo ni yantwara azoba yihoneje. Nawe, ata n’ugutohoza ngo amenye ko ari ukuri canke ibinyoma, aca ampeba mw’ibanga.

Kubera ukutamenya n’ukuvuga ibidatohojwe ku butinyanka, ubu ndakwije imyaka mirongo itatu n’ine ata muhungu arantumbera. Hageze aho nipfuza n’uwontera inda maze nkazorera umwana. Ese inyigisho zerekeye ubutinyanka zoshikira mu kibano kugira habe ugutandukanya ukuri n’ibinyoma ku vyerekeye ubutinyanka. Vyotuma ata wugwa mu mporero nk’uko vyanshikiye.

*: yahinduriwe izina

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion