article comment count is: 7

Kugumana ubugenzi n’uwo mwahoze mukundana : ni ukuhagabira

Ni vyiza kuvana n’umuntu mwakundana mubisezeranye neza ; mudatase. Mugabo rero, hari abo usanga umenga mu vy’ukuri ntibavanye. Bareka kuba abakunzi, mugabo ugasanga ni abagenzi pfampfe.  None kuba umugenzi w’uwo mwahoze mukundana coba ari ikintu ciza canke ni kibi ? “Bivana n’ubwo bugenzi”; nk’uko abahinga babivuga. Umuco.

Séverine* afise imyaka 32, akaba afise n’umuhungu bavyaranye, ariko ubu bakaba batakiri mu buzima bw’abakundanye. Agira ati : « abo twakundanye tugahebana, twagumye turi abagenzi, na canecane umwe muri bo dufitaniye umwana. Ni nawe twakundanye ubwa mbere, aranzi wese. Eka n’abandi bose twahoze dukundana ni ba somambike banje. Sinshobora kubirengangiza».

Geneviève Abrial, umuhinga yanonosoye ibijanye n’inyifato avuga ko Séverine ivyo avuga vyumvikana kandi bimuha amahoro, ariko  umuntu ameze nka we ashobora kugira ingorane yo kutabona neza uko yokwitwara n’uko yoreka. 

Mu bisanzwe, hari ivyo umuntu aba akwiye kwitondera mu bihe nk’ibi.

Nta kujana nyabahururu

Mu bisanzwe, kenshi bikibaye, hari aho usanga umuntu yibaza ngo uwuvanye n’uwundi ntibashobora kuba abagenzi, mugabo biraba. Ni co gituma mukivana, vyiza utegerezwa kubanza kumwigira kure. Ivyo bituma umwe wese yisuzuma, akaraba icatumye bigenda uko,  n’aho mwoba mwavanye muvyumvikanye, ata n’uwubwiye nabi uwundi na gatoya.

Umuhinga Isabelle Calarni avuga ko ikintu ca mbere cokorwa kugira ubwo bugenzi bube nyabwo, ari ukuba ufise amahoro muri wewe kandi udatwarwa n’ibishobisho. 

Akagira ati : « Aho ni ukuhagabira cane ; urashobora kwigira kure cane uwo mwahoze mukundana, mugabo wakunda uwundi ugaca utangura kubagererenya. Erega usanga waribagiye n’icatumye muvana”. 

Bisaba rero kwitonda no kwirimbura, no kugenza buhorobuhoro. 

Baza umutima

Kugira ngo umenye ko vyoba ari vyiza kuguma uri umugenzi n’uwo mwahoze mukundana, wobanza kwibaza igituma ushaka kugumana ubwo bugenzi : wumva agatima gakubita iyo umwiyumviriye ? Kwumva udafise uwo mukundana wumva usa n’inyakamwe ? Intumbero ufise ni iyihe muri ubwo bugenzi ? Ushaka kumuragiza ijisho ? Mu gihe usanze inyishu z’ivyo bibazo zikwereka ko ari vyo ushaka, aho, nyaragasa uvavanure nawe, ahubwo umwigirwe kure, kuko bishobora kukuviramwo kumwipfuza kandi, bikagutuma ubana nabi n’uwundi mwakundanye.

Kuvavanura n’uwo mwahoranye bizotuma uca utangura ubundi buzima. Bukebuke, uzoheza ubeho utiyagiriza ivyo wabayemwo, hanyuma uheze ukundane n’uwundi muntu. Ariko, ivyo vyose bivana n’ivyo umutima wawe ukweretse, kandi n’ingene wifatira ingingo muri wewe, ukabona n’ibibereye. 

Igikwiriye ni uko uwo mwahora mukundana hanyuma mukabivamwo, mwoguma muri abagenzi beza. Mugabo, aho ni ukubaza umutima, kugira ubwo bugenzi bwanyu bube ubugenzi, atari uko umwe wese yohava asiga uwundi inkore ku maso, canke mugasanga muriko mwimba muhishanya ivu.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)

  1. Ariko rero dutadunkany cane uwo mwahoze mukundaza ariko mutashitse kure nka Séverine ,kuko wew urumva ko bafise uwubahuza!Sindi umuhinga muvy’inyifato ariko kugumana nuwo mwakundany mu bugenzi ntivyoshobokera bose kuko iyo muvany naho mwoba mwabisezerany haba harimwo uwakunda uwundi cane bitamuryohey kuba bavany,bigatuma rero ashaka kugarukana rwa rukundo bavamwo atar ubugenzi nkuk umuhinga yabivuz!Nivyo ntidusigan inkore ku maso iyo wakunz umuntu birashika akagusaba ko mubivamwo nkumbure we atakivyishimiy ariko wew atariko biri;ariko nkumbure kubera hahez igih kinini abikubwira ,kubera naw umukunda utipfuza ico mubabaza ugahitamwo kubimwemerera mukabivamwo ,ariko mwumv ko we ubikoze à contre coeur!Mugumy mu bugenzi rero ,hahaaa uzohindukira utangure ku mudragua bushasha!

    1. Nukuvana burundu mu bishoboka umwe wese iyamaze kaja kubakana nuwundi nayubundi batabayuko hakaguma urukundo bituma mutizerana nuwo muba mwubakanye vyonabasambuza

  2. ivyo bintu vyo kugumana nuwo mwahoze mukundanye nibintu bisize ubwenge none nkumukobwa bishitse akavyarana numusore hanyu nibabane
    wamukobwa akaja kubakana nuwundi mugabo none kuguma bakundanye numwe wambere nivyiza jew biransiga mungire inama bisishitse uko uwo vyubakanye yivyifatamo nayubundi umunga ab arumugore wababiri