article comment count is: 4

Gufata ku nguvu uwo mwubakanye: birabaho kandi biragisibije

Mu vyaha biremereye vy’ihohoterwa rifatiye ku gitsina, hari ico dukunze kwiyobagiza canke nyene tutigera twibuka ko kibaho. Ico naco kibera mu miryango yacu, akaba ari ugufata ku nguvu uwo mwubakanye. Muti none ivyo bigenda bite? Bifise inkurikizi izihe? Insiguro. 

Iyo bavuze gufata ku nguvu uwo mwubakanye, biragoye gutahura. Womenga ico kintu nticobaho. Abantu benshi baramaze kuba mu buzima bibaza ko abantu bubakanye ata kindi baba bagiye gukora atari kurangura amabanga y’abubatse. Benshi rero bakibagira agateka gategerezwa kuranga ayo mabanga n’ibitegerezwa gutuma agenda neza. 

Mu bubakanye nyene, hari abibaza ko aho bashakiye kurangura amabanga y’abubatse ari uko nyene, bica biba. Ngo “none hari ikindi duhuriyeko? Sinamuzanye ngo amare imbeho, anezereze igihe cose? Ntitwasezeranye imbere y’Imana na Reta ko tuje kubana akaramata, dusangira akabisi n’agahiye?  Ubumwe bwacu bushingiye ku mabanga y’abubatse”; ivyo ni vyo benshi bibwira. 

Baribagira ko ubwitonzi, umwumvikano n’ukwubahana bitegerezwa kuranga ubwo buzima; ako kabi ko gufatana ku nguvu hagati y’abubakanye kakaba karadutse.

Muti bigenda bite rero?

Ico caha kiba mu gihe habaye ukurangura amabanga y’abubatse ku nguvu; ni ukuvuga iyo bikozwe umwe abishaka uwundi nawe atabishaka. Gutyo, uwo atabishaka akabura ukwo agira ngo abimwankire canke kuko nyene kuvyifuza  yamuteye ubwoba. 

Benshi bapfa kwemera ku mvo z’uko bashaka ko abo bubakanye batogumana iryo pfa, ariko ubwabo batabishaka. bakabikora ngo babanezereze, ariko nabo batabinezererewe. Uwundi we abonye yemeye akibaza ko basangiye umunezero naho atari vyo. Kenshi na kenshi ivyo bikunze gukorwa n’abagabo batwarwa n’akanyota, ugasanga basimbiye ku bakenyezi babo batanabateguje, batanababajije ko bavyiteguriye.

Ikibabaje, ababikora babibona nk’ibisanzwe. Abo ni bamwe bibaza ko kubabaza umugore mu gihe bariko bararangura ayo mabanga ari bwo bugabo. 

Inkurikizi 

Uwo bishikiye, arakomereka cane ku mutima.  Akababazwa no kubona uwo yakunze amuhemukiye kandi basangiye vyose. Agasigara amubonamwo igikoko, inyamaswa. Iyumvire namwe, ukubabazwa n’uwokunezereje, uwo wari kuganyira akaba ari we agutuntuza. Nta magorwa asumba ayo!

Ntawokwibagira ko urukundo ruca ruzimangana mu bitwa ko babanye akaramata, bakamara ubuzima bwabo bwose babaye mu marushwa, mu bibazo, ukwumvikana kwo kugacika umugani.

Abahinga mu vy’inyifato bakunda gahanura abo vyashikiye kutabigira ibanga: gushengeza ababibagiriye birafasha. Kanatsinda, ni icaha mu bindi. 

Mugabo n’aho biri uko, benshi ntibavyubahuka, womenga bariyararaje; ubigize mu kibano wocika agahabwa. Ni naho  havuye ya mvugo mu kirundi ngo : “niko zubakwa”. Uwabikorewe agakenyererako.

Ivyo ni vyo twari dukwiye kurengera, uwo vyashikiye akitwara, kuko ni uburengenzira bwiwe. Akegeranya ibirego, amatohoza agakorwa, mu nyuma akuzurizwa. Ikiba gikenewe kurusha ibindi ni ibimenyetso bigaragara vyemeza ko ico caha cabaye. 

PS: Murashobora gusoma vyinshi mu gifaransa hano.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. Ivyo nivyo mais ntamugore canne umugabo yogenda kw’itwarira umugore wiwe ngo umugabo wanje yaramfashe kunguvu bigenze uko naho kuko umugabo ataba azi yuko yabikoze atabishaka ucusanga murugo ari umuriro ahubwo hakenew ibiganiro bimwe bimwe kugira tuze turatahura na cane van k’umasamirizi

  2. Ivyo kwitwara sivyo mwokwigisha ubwambere abagore,kko umuntu avuze « gufata kunguvu » ni icaha gikomeye cotuma nyene kuvyagirizwa apfungwa.kimw j ntemeranya nuwuvuga ko biza buri musi kwitwara,nuko hari nabakobwa bagira amahitamwo kubera babony ko uwo bagiye kubana afis ibi cank biriya mugabo atarukundo babafitiye.bishats kuvuga ko abo bantu batazigera bahuriza kwico kintu kko mugih umw afis sentiment kuri mugenziwe ,we aba ariko yiyumvira kubandi yari yarahay ikibanza,mwico gih ntamunezero uzigera uba mwico gikorwa kko kuzoba kugondozanya.mbe harya umuntu atakugirako urukundo wohera h umutegura ko kenshi ubijamwo akwiyama? nkumuntu woja gutegura akaguma yiganirira n’abagenzi kuri whatsapp nahandi wobigira gut ko vyose ari uburenganzira bwiw?harya ivy’ingo vyoja mumanza guhanura vyans kko nuwoca urubanza yosanga atazi inkomoko yibyatey ikintu afasheko ingingo zo gukata izo manza.ahubwo hakenew inyigisho kurwaruka rwimirij kwubaka.