#ZaNzoga

#ZaNzoga : inzira zijana kurusoma ziri kune ziri gutanu

Kwisanga mu bakunzi b’agacupa canke umwerera bitangura kwinshi nk’uko twabibonye ubuheruka. Kuva ku gakuku, agaharawe ngo ni kwitanaho (ivyo bita care mu congereza) hamwe n’akamenyero, ibijana umuntu gukunda inzoga si bike. Nsengiyumva*  w’i Makamba araducira ku mayange  uko vyamugendeye n’uko […]

Société

#ZaNzoga: tunegure “amabwirizwa” y’imborerwa

Hari abamaze gufata inzoga nk’ingaburo yo ku musi ku musi. Mbere bamwe muri bo, kuborerwa baramaze kubigira nk’umwuga ufise n’amabwirizwa awugenga.  Bakabigira ubuhizi, bibagira ko gukurikiza ayo mabwirizwa ata yindi nzira bibajanamwo atari iyo guhona. Muti gute ? Reka tuyasesangurire hamwe. 

Société

#ZaNzoga: ico amategeko avuga

Mu kwezi kwa ruhuhuma, twarabashikirije ibisomwa bijanye n’inzoga zitemewe n’amategeko.  Muri urwo  rutonde, vyaragaragaye ko inzoga atari ikinyobwa gisanzwe. Gutyo, ukuzikora, ukuzidandaza n’ukuzihereza bikaba vyategerezwa kugengwa n’amategeko atomoye.

Dossiers Yaga

#ZaNzoga: « Inkuru y’inkuba … »

N’ubwo abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano badasiba kwita ku rutare ngo bazituze, inzoga zitarekuwe n’amategeko ziragisibije mu mihingo itari mike y’igihugu. Abazidandaza babikora ataco binona bakibagira ko izo nzoga zifise ingaruka mbi nyinshi. Hano tubahe uburorero bw’abaza barasinzikaye.

Dossiers Yaga

#ZaNzoga : twazinywa twareka, hari ukuntu…

Mu Burundi, ugukora, ukundandaza n’ukunywa inzoga, ni ubuzima bwa misi yose bwa benshi. Kumbure bituruka ku kibanza urukanywa rusanzwe rufise mu mucokama w’ikirundi. Ico bikoze, Abarundi nta vyigwa barakora ku nyungu n’agahombo babikuramwo, ari na ho hava agahaze. Tugiye kubayagira […]

Société

« Ariko ga wa nzoga tuzorwana gushika ryari ? »

Inyuma y’umwaka yandikiye akabaruwa inzoga, uno mwanditsi asubiye kwikora ku ndome ziwe, azigira amajambo n’amungane. Asubiye kwandikira inzoga kuko abona ko “zidahaha, ziguma ziha inkumbi”. Muri kano kabaruwa, ng’uku uko abona ko zagisibije, agakebura abazinywa, abashinga amategeko n’abayubahiriza.