article comment count is: 3

« Urudandazwa rwo mw’ibarabara » : agakete ku mukuru w’igisagara ca Bujumbura

Mw’itangazo yasohoye ku wa 22 Munyonyo 2023, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarahagaritse urudandazwa rwo mu mabarabara yo hagati mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no mu kibanza gikikuje ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura. Afatiye ku vyo yabonye ahandi, ku co amategeko avuga hamwe n’akababaro k’abahora babeshejweho n’ivyo bibanza, uyu mwanditsi yahisemwo kwandikira akabaruwa umukuru w’igisagara.

Nyakubahwa, intuntu n’umubabaro hamwe n’agatima runtu kantumye ndabandikira kano kabaruwa, munkundire ndababwize ukuri : ingingo mwaraye mufashe, yashize imiryango myinshi mu kangaratete. Mufata irya ngingo mwacise ikibazo, ariko mu bindi bihugu hoho urwo rudandazwa siko barwita. Ni inzira yo guteza imbere urudandazwa nk’izindi nzira zose.

Ndaheruka kuronka akaryo ko gutembera mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, neza na neza i New York aho bita i Manhattan na Brooklyn. Ikintu ngishika cantangaje, ni uko nasanze mu muji uteye imbere nka New York, urudandazwa rwo mw’ibarabara rurahaba neza, ndetse ku murindi usumba uwo ngaho i Bujumbura. Murabaza uwuserukira Uburundi mw’ico gihugu azobashingira intahe. 

None ga Nyakubahwa, nimba urwo rudandazwa rukorwa mu gisagara giteye imbere nka New York, igisagara ca Bujumbura kiri mu gihugu ca mbere gikenye kw’isi mu vy’ubutunzi nico kitokora urwo rudandazwa ?

N’amategeko ntarubuza

Nyakubahwa, mu mategeko agenga urudandazwa mu Burundi  mu ngingo ya 45, barerekana ko urwo rudandazwa rwemewe ku butaka bwose bw’Uburundi. Mbega none kubera iki igisagara ca Bujumbura riciye rirenga iryo tegeko rikabuza uburenganzira abari bazeye ubuzima muri ivyo bibanza ?

Ibwirizwa nshingiro  mu ngingo ya 54 rivuga ko Reta yemera ko abenegihugu bose bafise uburenganzira bwo kuronka akazi, ikaniyemeza gukora ibishoboka vyose kugira ishireho ibikenewe bituma ubwo burenganzira bushobora kuja mu ngiro. None rurya rudandazwa ko kari akazi ga nyakubahwa, ubwo mwumva boroherejwe canke bambuwe uburenganzira ? Ko ingingo ya 66 itegeka umwenegihugu wese gushigikira iterambere ry’umuryango wiwe, abahora bakora urwo rudandazwa bagiye kubaho gute ? Amatagisi batanga yo ntimubona ko agiye kugabanuka?

Kwisubirako si ukumenja

Nyakubahwa, ku bwanje, ndazi ntimwari kunanirwa no gutunganya neza ivy’urwo rudandazwa. Naho mwonaniwe, ababaterera imikenyuro iroresha ku nzira nziza ntibabuze. Aho gufata irya ngingo, mwari kwiga nyabuna ingene rutunganywa neza, yaba Reta canke abo badandaza bose bakunguka.
Ikibabaje n’uko iyo ngingo ije nk’iyije kworosha, ariko inigira umuswi mu rigi ku Barundi benshi bari batunzwe n’uyo mwuga. 

Nyakubahwa, ndabatatse ntabategeka. Kubitira za Tanzanie mwige ukuntu igisagara cagiye hamwe n’abadandaza bo mw’ibarabara barabaha impapuro kugira batange ikori hama bagatunganya neza uko bakora batononye umutekano n’isuku. Mu gihugu c’Ubuhindi hoho, sentare nkuru isubiramwo imanza yaremeje ko amabarabara atagenewe abayacamwo gusa, ariko ashobora n’ugukoreshwa mu rudandazwa. Za Reta Zunze Ubumwe za Amerika hose ni uko. Natwe bitunganijwe neza nta cobuza ko bikunda.

Ni murabe mwicarane n’abo badandaza, mubatunganirize uwo mwuga neza, mubahe ahubwo impapuro n’uburenganzira nk’uko biri mu ngingo ya 45 igenga urudandazwa mu Burundi, kandi ku buntu nk’uko ingingo ya 46 ibisigura. Naho ingingo ya 48 ivuga ko ata wokora urwo rudandazwa adafise urupapuro rumuha uruhusha wy’ukubikora, muribuka mutereze ijisho ku ngingo ya 49 isaba ko abadandaza mw’ibarabara ibivuye mu burimyi, mu bworozi hamwe n’ibikorwa mvabwenge iyo ngingo ya 48 itabaraba.

Kimwe gusa kintumye ndabandikira kano kabaruwa, ni ukubasaba irya ngingo muyisubireko kandi bizogira akamaro kanini. Nkako,  abakora urwo rudandazwa baramaze kubereka ko badafise imitahe yotuma bashobora kuja mu masoko nk’uko mubibasaba.  Ubu mfise ubwoba ko bazohava basubira kwita bakayirengako kuko ntibari bwemere kwicwa n’inzara kandi bafise amaboko.

Kira noneho, ingingo nk’izo ntizigeze ziba umuti ku cerekeye urudandazwa rwo mw’ibarabara. Ku wa 24 Ntwarante 2022, ku wa 21 Munyonyo 2021, muri Kigarama 2020 no mu 2017, ingingo zisa nk’iyo  zarafashwe, ariko ntaco zashitseko. Mukwiye kurondera umuti urama kandi worohereza impande zose.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Ikibazo c’umwanditsi gihushanye n’Ingingo yafashwe, Kuko muvyo ajejwe, umukuru w’Igisagara arafise uburenganzira bwo kwimura ikibanza carico cose kiberamwo URUDANDAZWA, Ku nyungu z’Igihugu.

    1. Anicet Maheke Ku bwanje umukuru w’igisagara yari kubanza kubereka iyo baja kudandariza.Kanatsinda umuntu nk’urya umubujije kudandaza Umusi 1 gusa ashobora kutaronka ico agaburira utwana…
      Ikindi nosaba umukuru w’abapolisi n’uko boreka gufata nabi barya bakora urudandaza rwa ngendagende.Hari uko babakwega nkaho womenga ni ibisuma kandi bariko bararonderera imiryango uwuvyihweza afise umutima uhuha yohava akorora amosozi.
      Umutima runtu twigishwa mu migenzo y’ikirundi ntuhuriranye n’irya nyifato…

  2. Il fallait analyser la décision de la mairie sous l’angle de sa motivation : maintien de l’ordre public (sécurité, tranquille, salubrité). A ce niveau il faut juger la décision en question en tenant compte de ces 3 éléments pour en déduire sa pertinence ou non.