Naho igisagara ca Ngozi kirembeje imyiteguro y’urubanza rwo guhimbaza imyaka ijana kimaze, isuku riracari mu bikigoye. Ndoricimpa Evelyne atanga akarorero k’ikibanza gisa n’icahinduwe akazu ka surwumwe kandi cari ico kwubakamwo.
Uriko uratembera mu gisagara ca Ngozi, biranezereye ukubona ingene inyubakwa rusangi nka zose ziriko zirasubirwamwo, uruja n’uruza rw’abantu bariko barakora imirimo itandukanye rugahimbara ijisho. Uraheza ukagira uti : ng’iki igisagara kimota iterambere muri kazoza ka hafi n’aka kure.
Yamara rero, wamara gushika hafi y’ikibanza kitubatswemwo kiri haruguru y’icicaro c’ishirahamwe Socabu mw’iyo ntara, uca wumva itandukaniro. Ikihakumenyesha neza na neza ni uko abantu bose bahaca bifashe ku mazuru. Umunuko uharangwa urindwa umubi.
Ariko rero igitangaje mbere kigasiga ubwenge, ni uko ico kibanza gihana kandi urubibe n’inyubakwa ikorerwamwo n’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru Onatel, hamwe rero n’ubuyobozi bw’amagara y’abantu mu ntara ya Ngozi, ari na bwo mbere bukurikirana ibijanye no guteza imbere isuku.
Barahihagarika ata nkomanzi
Naravyiharuriye jewe ubwanje : uko iminota yababa 50 ihaciye, naharuye n’imiburiburi abantu 14, bagizwe n’abagabo co kimwe n’abagore, baza kuhihagarika.
Abahita barengana impande y’ako karere, baragerageza kuhaziguriza, bagaca hirya, ariko nta wuhunga umunuko. Ubu rero ikibazo mfise ni ico kumenya nimba izo nzego zose zikorera hafi y’ico kibanza ataco iryo suku rike rirangwa aho hantu rizibwiye. Yamara sinzi uwanteye agakuru ngo « burya iyo ubaye ahantu hanuka, urateba ukamenyera, bikaba ibisanzwe kuri wewe » ; ubwo izo nzego ntivyoba vyazigendeye uko nyene ?
Narinamuye mu mpera z’umwaka w’2017, ndegera abo barongoye inzego zijejwe ibijanye n’isuku ngo ndabibutse iyo ngorane, ariko gushika n’ubu nta kirakorwa.
Akagohe ku bakuru
Ivyo biri uko mu gihe ico gisagara citegurira guhimbaza imyaka 100 kibayeho, hazoba ari mu mwaka w’2020. Imyiteguro y’urwo rubanza ni urutavanako. Ikibabaje rero ni uko kuntu umengo ivy’isuku vyibutswe kubera iryo sango ryimirijwe. Kira noneho, ukuba hakiri abantu bihagarika ku nzira, maze ivyo ukamengo ntaco bitwaye mu gisagara gifise abakiramutswa, bigatako impande y’ubuyobozi buraba ivy’isuku akaba ari na ho hahindurwa nk’akazu ka surwumwe rusangi, ivyo biragaragaza ko hari agahaze koko.
Ko tuzi hari utuzu twa surwumwe rusangi duheruka kubakwa n’ishirahamwe Sogea Satom, habuze iki ngo twugururwe ? Mbe hoho inzego zijejwe igisagara, ndetse n’izijejwe amagara y’abantu n’isuku, nta ngingo zoshiraho z’ukugarukira iryo suku umengo ni kananirabagabo ? Aha naho tutavuze ba bandi basanzaza nyabarega aho babonye hose. Abokereza ibigori ku mabarabara bagataho ibishishwa, abarya imisigati bagata ibisigarira aho babonye hose, n’ibindi. Uri uwundi ati : za nyabarega rusangi zaroye he ?
Uko biri kwose, iterambere ridahereye mu guhindura ivyiyumviro n’ingendo, ntaho tuja, nta n’aho tuvuye.
Soma kandi: