Intara ya Ngozi ni imwe mu zakiriye ihiganwa ry’igikombe « CECAFA », ry’abatarenza imyaka 17 mu mupira w’amaguru, ririko ribera mu Burundi. Hirya y’inyota y’uko ico gikombe kitova hano mu Burundi, abanyengozi baboneyeho akaryo ko kwerekana ko iwabo hari igisagara gisukuye. Mico Jean Marie Vianney arabitugira ku muriri.
Biroroshe gutahura ko ari nka kamere mu Barundi, ukwitaho cane abashitsi kugira ngo ntibabacishemwo ijisho, uravye ingene ikibazo c’isuku mu ntara ya Ngozi cahagurukiwe mu gihe c’ukwitegurira kwakira ihiganwa CECAFA.
Hirya no hino mw’ico gisagara, ubunywero n’uburiro butari buke bwarugawe vy’agateganyo, ubundi bwugarwa burundu mbere. Vyose kubera isuku rike. N’ubutugawe bwarahawe amategeko y’ibitegerezwa guhinduka mu maguru masha.
Si ko vyahora
Ubunywero bumwe bumwe ntibwagira utuzu twa sugumwe canke ugasanga twarononekaye, maze abashitswe n’urukanywa bakihagarika ku mpome z’inzu ibabaye hafi canke ku nkengera z’ibarabara kuko batishimiye isuku ry’utuzu twa sugumwe, uburiro burangwa n’isuku rike haba ku bakozi ba bwo canke mu bikoresho, amazu adasizwe amarangi ; ivyo ni vyo vyahora vyibonekeza henshi muri ico gisagara. Ariko ivyo bikaba vyari uko kandi abajejwe isuku bahari.
Yamara rero, kuva Uburundi bwemerewe kwakira inkino za CECAFA, ingendo yabaye iyindi. Abajejwe isuku baciye bava hasi batangura gukora ico bajejwe ; barahimiriza, vyanse bagafata ingingo zo guhana. Ivyo vyose, kugira ngo abashitsi ntibaze baducishemwo ijisho.
Gutinya kunegurwa
Inkino za Cecafa zigiye kurangira vuba cane. Isuku ryaranzwe mu ntara ya Ngozi mu kiringo co kwitegurira no kwakira izo nkino, ni akadasanzwe aha iwacu. Mfise ikibazo kimwe : ubwo inyuma y’izo nkino ntituzohava dusubira inyuma nk’ibirenge ?
Ariko ko abahagurutse kugira ivyo bikunde ari ho bari, kandi bikaba bisanzwe biri mu vyo bategerezwa gukora mu kazi ka bo ka misi yose, kumbure umuntu yogira icizere. Ni uko rero, ivyo gucanacanako ari uko dufise ingenzi gusumba uko twibabaye twebwe nyene ubwacu, vyari bikwiye kutuvamwo.
Ese iryo suku rishasha ryokwama uko, ahubwo mbere rikongerezwa, n’inyuma y’izo nkino z’igikombe ca Cecafa !
Soma kandi : Ngozi : umunuko, n’ubundi bucafu ku mabarabara biragisibije